Mu gihe umwaka w’ishure turimwo usigaje hafi amezi abiri ngo urangire, hari abanyeshure bagumye bicaye muhira, biturutse ku kutumvikana hagati y’amategeko ya leta n’ukwemera kw’amadini abo bana basengeramwo. Ndorukwingira Franck Arnaud yaraganiriye na bamwe muri abo bana.
Uyu mwaka w’ishure ugeze mu gice ca gatatu, watangujwe n’ingingo nshasha zitari nke zigenga inyambaro n’inyifato y’urwaruka mu mashure. Muri izo ngingo, harimwo ko abanyeshure bategerezwa kwama bimosheje kuko bibujijwe gutereka umushatsi canke kuwutwikira.
Yamara, hari amadini amwe amwe ngaha mu Burundi, mu kwizera kwayo, yigisha ko bibujijwe ko umwigeme yimwesha umushatsi, ayandi nayo akigisha kwama bitwikiriye. Ayo ni nk’amadini ″Ijwi ry’Imana″ (″La voix de Dieu″ mu gifaransa), ″ihuriro ry’abakristo″ (″Assemblée chrétienne″ mu gifaransa) agendera inyigisho z’uwitwa Branham. Hamwe rero n’idini ry’abisilamu, aho abigeme bategerezwa kwama bitwikiriye.
Bavyumva kumwe, muga ntibabikoze kumwe
Iryo tegeko ryarakoze ku banyeshure basengera mw’ayo madini kubera rica kubiri n’ukwizera kwabo. Bamwe mu basengera mw’ayo madini agendera inyigisho za Branham bakaba bahisemwo guheba amashure kuva iryo tegeko ryaja mu ngiro.
Nadeje ni umwe muri abo bigeme asengera mw’idini ″Ijwi ry’Imana″ bahevye ishure. Agira ati : ″ nahoze niga kw’ishure rya Gasenyi mu mwaka w’umunani imbere y’iryo tegeko. Abarimu badusavye na bagenzanje kwimosha, natwe turabahakanira kuko bihushanye n’ijambo ry’Imana twizeye. Baca baratwirukana ngo tutimosheje ntituzogaruke kuko itegeko ari itegeko. Umwungere w’ishengero yaradusabiye uruhusha biba ivy’ubusa″.
Na Nadine asengera mw’idini ″ihuriro ry’abakristo’’ ku Mutakura, nawe yarahevye. Ati: ″hako mpemukira icagezwe c’Imana, nashimye guheba. Narashatse kuja kubandaniriza kw’ishure ry’abigenga badakurikiza iyo ngingo, ariko umuryango wanje urakenye ntivyankundiye″.
Ku bigeme b’abisilamukazi batoroherezwa n’iyo ngingo, bo bashimye kubandanya amashule. Salima, ni umunyeshure w’imyaka 16 yiga mu mwaka w’icenda kw’ishure shingiro ryo mw’i Jabe. Agira ati: ″iyo ngingo ntiyatworohereje, muga ntitwoheba kwiga kuko ni twe twohomba. Turimosha nk’abandi, hama dushitse kw’ishure tugakurako umwitwikiro, tukawusubizako dutashe″.
Aho impfizi zibiri zigwaniye…
Murishi Isaac, umwungere w’isengero ″ijwi ry’Imana″, aremeza iryo hagarikwa ry’ishure ku bana bahasengera. Avuga ko mu gihugu cose abagera ku 1000 bahevye kubera iyo ngingo. Ati: ″abana bamaze kubirukana, narandikiye umushikiranganji w’indero ndamusaba uruhusha rwo kutimosha kuri abo banyeshure kubera ukwizera kwacu, yamara nta nyishu twigeze turonka, kugeza n’ubu. Ubu ikibazo kikaba kigeze mu biro vy’umuhuza w’Abarundi″.
Tukamenya ko atari ubwa mbere aha mu Burundi ukwizera kw’amadini guca kubiri n’ingingo za leta. Abayoboke ba Zebiya ntibemerera abana babo kuja ku ncanco canke guharurwa biciye mu buhinga bwa none, iyo bari barahungiye. Ndetse n’Ivyabona vya Yehova bemera gupfa hako boterwa amaraso iyo bikenewe ko bayongererezwa.
Ku bwanje rero, nkagira nti ko leta y’Uburundi isanzwe idashingiye kw’idini, ikaba yemerera umuntu wese kugira ubwigenge mu vyiyumviro vyiwe no mu kwizera kwiwe, hoba ukwicarana n’indongozi z’ayo mashengero, bakaganira ku cokorwa ku neza y’abo bana, bo Burundi bw’ejo n’ubw’uyu musi, kugira uburenganzira bwabo ntibuhonyangwe, maze bige nk’abandi.
Jew