Abarundi bamwe bamwe bamaze iminsi basaba ko imiryango kama bakomokamwo yokomezwa nk’amashirahamwe, abandi bagaserukana iyindi mirwi bifuza ko yoharurwa nk’ubwoko mu bundi. Niyonkuru Prosper asanga ata kamaro bizozanira igihugu n’abakibamwo.
Ikiganiro Banza wibaze caciye kuri radiyo Isanganiro kw’igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2018, cavuga ku kibazo c’imirwi y’Abarundi bipfuza ko umurwi wabo umenyekana nk’ubwoko. Mu banyagihugu bo muri komine Nyanza-Lac iyo nsamirizi yashoboye gushikira, benshi baremeje ko bazi ko mu Burundi hari ubwoko butatu: abahutu, abatutsi hamwe n’abatwa. Ariko ngo bahora bumva ko hariho abaganwa bidoga basaba ko nabo bokwemerwa nk’ubwoko bugira kane mu Burundi.
Ibitari buze vyo basi!
Umwe muri abo banyagihugu babajijwe na radiyo Isanganiro yavuze ati: “jewe ndi umuganwa, natwe twashaka ko badushira mu bwoko kugira tumenyekane mu Burundi. Ico nsaba Leta ni uko yoja mu kahise ikaraba koko ko abaganwa bariho, maze isanze bariho, na twebwe batwemere nk’ubwoko”. Nanje aho ndi ndumirwa! Hari rero n’uwundi mutumire yari muri ico kiganiro. Uwo nawe ni Ali Mpongo. Uwo nawe akaba yaje nk’uwaserukiye “ubwoko” bwiyita ubw’Abaswahili. N’uwo murwi kandi ukaba uriko usaba ko wokwemerwa nk’ubwoko mu gihugu.
Nta kindi kivyihishe inyuma atari amagaburanyama
Kubw’umwigisha Yohani Bosco Manirambona yanonosoye ivy’imico n’imigenzo, ngo: “ubwoko buvugwa mw’Ibwirizwanshingiro bakwiye kubufuta, bakandika ko ari imirwi”. Uwo mwigisha wo muri za kaminuza akabona ko mu Burundi ata bwoko buhari. Arongerako ati: “kanatsinda ubwoko ni abantu basangiye amateka y’akahise, ururimi, aho baba, ivyo bizera, basangiye izina kandi bakaryumva kumwe”. Ariko rero, ivyo vyose turabisangiye aha mu gihugu cacu c’Uburundi. Uwo mwigisha arahava akabona ko imirwi itandukanye isaba kumenyekana nk’amoko atari uko vy’ukuri ibikwiye, ahubwo ngo hari inyungu batagomba guserura zinyegeje inyuma y’ivyo basaba. Eka mbere ngo ashobora kuba ari amayeri yo gukurikirana be n’izo nyungu zinyegejwe.
Nanje, ndavyihweje neza, simbona ko igwirirana ry’ubwoko ryoba hari inyishu rije gutora ku ngorane zihanze Abarundi uyu munsi. Narirya tuzi ko muri kahise ubwoko ari bwo bwacanyemwo bivuye ku ndyane za politike bigatuma igihugu kija mu ngorane zimaze imyaka n’iyindi.
Soma kandi : « Inama y’imvukira » canke amacakubiri afatiye ku ntara ?