article comment count is: 2

Bujumbura : mu manza abasuma barakaka !

Muri ino minsi hasigaye hari abantu baza mu manza hambavu yo kuvumba bazanywe no kwiba. Abo bantu babikorana amayeri adasanzwe eka mbere baramaze no kwiba abatari bake. Uwutabaye maso rero azokwibwa ivyiwe nk’uko Rivardo Niyonizigiye atera akamo abatarabimenya.

Nimba ari inzara, ubukene canke ubugaba bw’abantu, hari ingeso yabaye ndanse mu gisagara ca Bujumbura. Mu manza izo arizo zose, hari abantu baza batazi n’umuntu n’umwe muri urwo rubanza, ndetse batanazi n’urubanza urwo ari rwo. Abo rero bakitumira, bagashika bagafata ivyicaro mu bandi eka mbere n’abazimana bakabazimana mu bandi. Naratangaye cane ndavyumvise kuko sinibaza ko vyobaho.

Ivyo nabonye muri ino minsi

Umunsi wa mbere namenye ko hari abavumvyi bazanwa no kwiba, ni umunsi nari ngiye kuririmba mu rubanza rwo gutwikurura mu minsi iheze. Narashitse mu rubanza, ndinjiza ibiseke nk’uko bisanzwe ku bazi umuco wo gutwikurura. Mu bamfashije kuvyina, harimwo abantu ntazi ariko bambaye neza. Rwari urubanza rw’umuntu tuzinanye ariko abo bantu bamfashije ntabo nari nzi. Bari abasore bashajije. Nabona bitabira, bakoma amashi neza hama nanje nkibaza nti abo ni abakunzi b’akaranga baryohewe n’urubanza.

Urubanza rurabandanya bicaye hafi yanje. Icagiye kuntera amakenga n’uko baciye batangura kwitwara nabi mu kunywa. Batora inyobwa zose bashoboye kuronka : ibiyeri, amafanta n’ibindi vyose bakegeraniriza mu maguru yabo. Amajambo yatanguye bageze kuri zibiri zibiri. Ariko icanshimisha, ni uko nteye akavyino nitabirwa bikwiye. Ivyo bikandyohera, urubanza ruraryoha cane.

Hageze kuja gutambisha abageni, ba bahungu tuvana hasi. Turatamba, urubanza ruraryoha, abantu bose bava hasi baratamba. Aha turangije, ntangura kwumva umwe mu bo twajanye kuvyina ambwira ngo baramwivye. Ingodo yiwe yari mu mufuko yari ayibuze. Nanje ngo ngire ntya nsanga ngendanwa yanje bayitwaye. Abapfasoni bari baje gutamba nabo basubiye mu bibanza, basanga bibwe udusakoshi bari bitwaje. Uwutibwe ngendanwa, wasanga yibwe ikindi. Uwo munsi wonyene, abari muri urwo rubanza, twari abantu umunani dutashe twibwe. Aho rero ba bahungu bari bamaze kugenda natwe dusigara tujumarariwe.

Abantu barakwiye kumera magabo mu bihe vy’imanza

Nyene inzu y’imanza niho yatubwira  ko abo bantu ari ibirobezo biza kunywa mu rubanza urwo arirwo rwose. Babuze inzoga baraba ico bahitana, ari naho benshi basanga bibwe. Baza bavuye mu duce dutandukanye, bakaza bakurikira aho bumvise hari urubanza. Ngo kubera banywa ibiyoga bicanze, baborerwa ningoga, ugasanga barateye umudurumbanyo mu rubanza. Iyo baje, barambara neza kugira ntihagire uwubaca n’ikanda. Hari n’abaza bambaye amakoti meza, bagashikizwa mu bibanza vy’iteka nk’uko uwundi mugenzi yabimbwiye.

Umwe muri bo naramubajije aca ambwira bigoranye ko we n’abagenzi biwe bagize umugwi yise «  irigara ». Aho bafashanya kuronderera hamwe inzoga n’ivyibwe bagurisha. Ngo barakiragira mu gisagara, bakiba ivyo bashobora vyose, maze ku mugoroba bagaca babihuriza hamwe bakazinduka baja kubidandaza. Ngo mu manza baza baje kwizimya akanyota. Niho rero iyo babonye akaryo n’ibindi atari amacupa batabisiga. Abantu baja mu manza barakwiye kwama bagavye bakiyegereza ibintu vy’agaciro baba bafise.

 


A relire : Bujumbura : « ng’uku uko nibwe mu buryo ntari nibaza »

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)

  1. Aho hari wa munsi kuri Eucalyptus. Shaaaaa urya munsi narababaye ukuntu bansofye ndabura uwo mfata. Ariko umunsi n’umunsi igisuma kiraja ahabona.