Mu Burundi, ikiyovyabwenge Boost ntikiri ikinyegezwa. Turetse ko abahinga badasiba kugabisha ku ngaruka mbi z’ico kiyayuramutwe, abacihereza baguma bongerekana; kanatsinda ntibibagora kukironka. Uwahoze afata ico kiyayuramutwe akanakidandaza arabituyagira.
Kuva mu mwaka w’2015, harabaye ukugwira cane kw’ikiyovyabwenge Boost; cinjira ku butaka bw’Uburundi kivuye mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya. Icigwa cakozwe n’ishirahamwe “Alliance Burundaise contre le Sida” rifadikanije n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu kiravyemeza. Uko iyo “heroyine” ica mu minwe y’abantu benshi, ni ko iza gushika hano iwacu yavanzwe n’ibindi bintu bitandukanye. Ivyo rero bituma Boost iba ikidandazwa kizimvye cane kandi kibangamira amagara y’abantu ku rwego rwo hejuru.
Dufatiye mu gisagara ca Bujumbura gusa, ico kiyayuramutwe kiriherezwa cane, ku buryo ushobora kukironka mu mihingo nka yose y’igisagara, mu mashure yisumbuye na za kaminuza hakaza imbere.
Urudandazwa rwunguka cane
Inkomoko ya Boost ni muri Aziya, igaca i Mombasa canke i Dar Es Salam, igahava igashika i Bujumbura. Ico gihe, agatu kamwe kaba kagurwa amafaranga 3000. Ariko ntitwokwibagira ko ico kiyovyabwenge kinyobwa mice y’igihugu itandukanye. Mu ntara nka Gitega, Kayanza n’ahandi, ako gatu karashobora kugurwa amafaranga y’amarundi 5000. Ico twomenya ni uko iyo tuvuga agatu, ni ukuvuga 1/25 c’igarama imwe y’ico kiyayuramutwe. Bisigura ko igarama imwe bayicamwo uduce 25. Duharuye dusanga umudandaza kanaka aronka hagati y’amafaranga y’amarundi 75.000 ( iyo yadandaje agatu ku mafaranga 3000) n’amafaranga 125 000 ( iyo yadandaje kuri 5000), ayo rero ni kw’igarama rimwe gusa ry’ico kiyovyabwenge.
Nk’abagitangura muri urwo rudandazwa, iyo batanguje umutahe w’amafaranga 600.000 babanza kugura nk’amagarama nka cumi. Bisigura ko baba baranguye kuri 2400. Dufatiye aho gusa, bashobora kuronka inyungu iri hagati y’150 000 (iyo badandaje kuri 3000) n’650 000 (iyo badandaje kuri 5000). Tugiye mu buzima busanzwe, dusanga uwudandaza ico kiyovyabwenge ashobora kudandaza gushika ku magarama 30. Ivyo bikerekana ko aronka inyungu iri hagati y’450 000 (iyo yadandaje kuri 3000) n’1 950 000 (iyo yadandaje kuri 5000). Abadandaza bakomakomeye bobo barangura kugira badandaze nk’ikiro cose. Mu kiringo kidashika iyinga, abo bantu bagashobora kwinjiza amahera arenga imiriyoni 60.
Ku bijanye n’aho ico kiyayuramutwe kidandarizwa, ama karitiye yo mu gisagara ca Bujumbura nka Buyenzi, Kamenge, Kibenga na Gihosha ziza imbere y’izindi. Nko mu Buyenzi, uhasanga ibibanza birenga 20 boost idandarizwamwo. Ivyo bikerekana ko benshi bijukiye urwo rudandazwa rwunguka cane gusumba uko tuvyibaza.
Mbega abakidandaza ni bande ?
Tugerageje kudondora uko umuntu adandaza Boost aba asa, dusanga kenshi ari abantu utokwikeka, b’isuku, ndetse batanihereza ico kiyayuramutwe basanzwe badandaza, ariko bazi gukamira mu coze mu kwungukira ku bandi. Abadandaza ico kiyovyabwenge mu Burundi, ntaho basa basana n’abo duhora tubona ku mboneshakure usanga babayeho mu buzima bwiza cane. Bisanzwe bizwi ko kugira unashobore kugura agatu k’ico kiyayuramutwe, utegerezwa kuba wajanywe n’uwusanzwe azwi na bene kukidandaza. Abo nabo bakaba basanzwe ari abantu badakunze gusohoka kenshi kiretse bagiye kurangura canke kuranguza aho boost isanzwe idandarizwa mu mice itandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura.
Abo bantu akenshi uzosanga ari abantu bigeze kuba bakora hama akazi kagahera canke ugasanga n’abashaka “kwisumamwo”. Uworondera ikintu gihuza abo bantu bose yosanga ari inambu y’amahera canke guta ubuntu kuko ataco bibanga mu gihe bubahuka bakanadandaza ico kiyayuramutwe ku bibondo!
Hambavu y’urwo rudandazwa rusa n’ururiko rurashinga imizi hano iwacu, ni uruhara rwa Leta kurwanya ako karanda imbere y’uko twese tugwa mu kaga, uhereye ku bana bacu.
Ivyico Kiyayuramutwe Biragoye,nizere Ko Kidakorerwa Muburundi,none Cobakiza Gute?Biragoye Kandi Nuwakinyoye Kugiheba Sicoroshe