« Boost » ni ikiyayuramutwe kiriko kirakwiragira cane mu gihugu. Gikozwe mu ruvange rw’ubumara bwa heroyine n’ibindi. Muti ariko none « boost » ni iki mu vy’ukuri? Ico kiyayuramutwe cibonekeje ryari mu Burundi ?
Kuri bamwe, Boost bayita « umuzigo » canke abandi bakayita « igikete ». Ni imvugo zikoreshwa mu mabarabara n’abasanzwe babinywa kugira abandi ntibabatahure ; ariko kandi, bagereranya « Boost » n’ikintu unywa kikakwibagiza ingorane zose ufise mu gihe c’umwanya muto nk’uwo urume rumara.
Boost ikozwe muri héroïne, iyi nayo ubwayo ikaba iva mu catsi kiyayura umutwe bita mu kinofunofu « pavot à opium ». Boost rero ni ikiyayuramutwe gifatira mu mitsi nsozabwenge, kigahindura ingene wiyumva, ubwenge, uburyo ubona ibintu, eka mbere ugahindura n’inyifato, bigatuma umuntu yumva umengo ntangorane agifise, ko yikwije. Ico kiyovyabwenge bakinywa bagicishije mu mazuru, canke baciteye mu mitsi, gutyo kigaca gikorera mu mitsi nsozabwenge bikimurira uwakinyoye mu yindi si. Ico kikaba ari co kintu nyamukuru ngo abakinywa boba bakironderamwo ; ni nayo mvo n’imvano y’ukugikunda birenze urugero.
Boost ikozwe mubiki ?
Nk’uko bishikirizwa na muganga Boniface Dondogori, yanonosoye ivyigwa vy’imiti : « Heroïne ni co kintu nyamukuru kigize Boost, iki naco kikaba kigizwe n’akaremangingo bita alcaloïde ; ako na ko kava muri Morphine, ubumara bwibagiza ububabare, bugatera gusinzira. Ingaruka mbi iri muri iki kiyayuramutwe ni uko uwukinywa agira ingorane y’uguhema, ibi navyo bikaba vyomutuma ata ubwenge n’ugupfa mbere birimwo ».
Heroyine ziratandukanye ; hari iyera, ikaba ari iy’umwimerere hakaba n’iy’ikivuvu bakunze kwita kandi « brown – sugar », ariyo Boost. Igizwe n’ibice biva ku 30 gushika ku 50 vya heroyine yera, ikaba icanzwe na n’ubumara bwa « caféine , paracétamol, quinine, aspirine n’iyindi miti igurwa mw’isoko nka fénasetine. » Ico kiyayuramutwe kikaba kinatera n’indwara y’ukubona ivyijiji ku bakinywa.
Ku bw’izo mvange z’ibiyayuramutwe, ukugereranya ivyo umuntu yoshobora kunywa usanga bitagikunda, maze ivyo bigatuma bigira ubukari burenze, mbere bunica ababinywa, nkuko vyemezwa na Richard Nininahazwe, umuhuzabikorwa mw’ishirahamwe BAPUD ryishinze gufasha abiziziwe n’ibiyayura mutwe hano i Burundi.
Boost yashitse mu Burundi ryari?
Bamwe bavuga ko bigoye kumenya, abandi na bo bakavuga ko batigeze bumva kivugwa. Biragoye ko ababizi babivuga, ariko hari abarya umutima amenyo bakavuga ko ico kiyayuramutwe coba cashitse mu Burundi hagati y’umwaka wa 2000 na 2004. Ariko uwahoze yariziziwe n’ibiyayuramutwe ubu akorera mu runani BAPUD, avuga ko coba cashitse mu Burundi kuva kera. Yemeza ko we n’abagenzi biwe batanguye kukinywa mu 1993 mu gihe c’urwimo ariko nticari bwakwiragire hose ngo kimenyekane. Aratangazwa cane n’inguvu kizananye muri iki gihe. Agira ati : « Nguma mpura n’abanyeshure bambaye umwambaro w’ishure bariko binywera Boost mu bibanza biberamwo iminsi mikuru, mbere bamwe bakabinywa batigeze banywa vya biyayuramutwe bisanzwe ».
Umuyobozi mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu no kugwanya umugera wa SIDA bamubajije ku bijanye n’inguvu ico kiyayuramutwe kizananye muri iki gihe, we ubwiwe avuga ko ata makuru abifiseko ; ngo nta vyo baramumenyesha ko ico kiyayuramutwe kibaho.
Ingaruka ibihumbi
Iyo ubwonko bwafashwe n’ico kiyayura mutwe, heroïne iragira ivyo ihindura ku magara y’uwukinywa. Iyo akibuze, uwukinywa atangura kugaragaza ibimenyetso bimwe bimwe nko kuribwa mu ngingo z’umubiri, mu magufa, mu mitsi, mu mushishito, ukuyorwa, ugutengurwa, intuguta irenze, ugutakaza akayabagu, uguta ubwenge, inambu y’umubiri ya buri mwanya, ukuribwa mu maso, ukuvyimba mu mbonero z’amaso canke ukubura itiro kugeza aho ushobora kumara imisi itatu urara udasinziriye.
Muri make, iyo wabimenyereye, umubiri uguma ugusaba ko woguma ucihereza, maze ivyo bigatuma uguma ubaho ukoreshwa naco, kandi n’ingaruka mbi zaco zikakwamako.
Ico kiyayuramutwe gitwara imiyabaga,urwaruka rugifise inguvu zo gukora ndetse kikadutwara n’abavyeyi. Mû miryango ugasanga n’induru gusa, uwutanguye kukinwa abantu Bose asigara atabaha agaciro kuko batagisangiye ivyiyumviro, aba ikijuju, agahindura imibereho yiwe, yonda mû mwanya muto cane kandi agufungura nk’icuro zitatu ivyo yahora afungura,bisigura KO iyo atabironse ashobora kuhasiga ubuzima. Noneee, izo ngaruka zooooose KO uretseko imiryango yabo bantu ihomba,burya igihugu coco ntigihomba?Burundi bw’ejo buzoba bumeze gute nivyabandanya?
La plupart de ceux qui fument ubwo burozi n’abantu baciye ubwenge cane qui peuvent jouer un grand rôle mû gihugu. None, abashikana ico kiyayuramutwe i Burundi ni bande? Hoho,hariko hakorwa iki ngo abafatanywe itonga bahanwe?
Ndateye intege uwo muntu yadutohoreje ivy’iryo shano. Muradutohoreza abarizana mû gihugu, abakora urudandazwa rwaryo. Bishobotse munarondera aba pyschologues bafasha abamaze kubijamwo. Vyoba navyiza habaye un centre yokwegeranirizamwo abo bantu, hakaba création y’ubuzi butandukanye comme ça umwanya bahora batakaza ukaba uwo gukora kandi ndi sûre benshi muri bo barashoboye.
J’ajoute aussi ko ça serait malheureux igihe ico giterwa coba kirimwa n’i Burundi
Mbega nta bigo vyabacinyijwe na boost?