article comment count is: 0

Amashure y’imyuga mu Burundi : akajagari mu nyigisho kazohera ryari ?

Mu mashure y’imyuga, nta gitabu c’inyigisho zimwe kuri buri cigwa usanga bafise. Kuri buri shure, umwigisha yigisha ivyo uko yishakiye Ingaruka mbi nazo ntiziteba kwibonekeza. Sezikeye Désiré arabituyagira.

Nkabibona ! Vyari vyarananiye gutahura igituma igisata c’imyuga cama kiza inyuma y’ibindi mu gutora ca kibazo ca leta gitanga uburenganzira bwo kuja mu nyigisho za kaminuza.

Ku ntonde z’amanota y’ico kibazo, mu mwaka w’2016, ibisata vy’ubushakashatsi n’ivy’indimi usanga biza imbere mu gutora ico kibazo ca leta, mbere bikabarizwa mu bice 70 kw’ijana canke birenga. Aho ni mu gihe mu bisata vy’imyuga, vyovyo usanga ivyinanase bigashikana ibice 50 kw’ijana ari bike. Nk’akarore muri uwo mwaka nyene, ishure ry’imyuga ryo mu Kamenge benshi bazi kw’izina rya ETS, ryaronse ibice 34 kw’ijana, kandi aho rero rikaba ari ryo rya mbere muri ico gisata.

Bigisha uko bigombeye

Uwarivuze ni aryumeko, « nta kabura imvo ». Ngo «iyo hageze kwitegurira ikibazo ca leta, dutegerezwa gucisha amaso mu makaye yo ku yandi mashure y’imyuga. Ayo ni nk’ishure ryisumbuye ry’imyuga ryo mu Kiryama, iryo mu Kamenge n’ahandi. Ni  kugira turabe ivyo baba bize na bo. Ivyo tubikora kugira tugwize amahirwe yo kuzotora ibibazo biba biturindiriye kuko twarabonye ko twiga ibitandukanye. Urutonde rw’ibigize icigwa usanga ari rumwe nka hose, ariko ubudasa buri ku birimwo. Ivyo bikoranije n’umwanya muto tuba dufise rero, kandi ivyo twiga bisanzwe ari vyinshi, ntibikunda ko tubicishako amaso vyose, ikibazo kikatunanira uko» ; uwo ni Thierry, umunyeshure arangije ivyigwa vy’imyuga kw’ishure ryisumbuye ryitiriwe Alexandro Rossi, mu ntara ya Ngozi.

Izo mvo kandi zirashimangirwa na Nuru, umwigisha wo mu mwaka wa nyuma kuri iryo shure nyene. Ati : « biterwa n’uko abanyeshure bo mu mashure y’imyuga mu Burundi biga ibidasa. Ubwo budasa buri ahanini mu buryo twagura icigwa, twebwe nk’abigisha. Ntiduhabwa igitabu c’icigwa kimwe kimwe cose, duhabwa igikankara c’icigwa gusa. Muri ico gihe, umwigisha umwe wese acubaka ukw’iwe, aho naho ashobora kwifashisha ibitabu arondeye canke akoresheje ubuhinga ngurukanabumenyi. »

Umunyeshure ni we ahagwa

Umugani wa ya nka yavyaye mu ci iti : « ahanje ndahejeje, hasigaye ah’umwungere », ntaho bitandukaniye n’ukuntu inyigisho zitangwa mu mashure y’imyuga. Inyuma y’ivyo vyose, umunyeshure ni we ahura n’ingaruka mbi. Ugasanga kumenya ikibazo ca leta bibabera amayagwa.

Ku ruhande rumwe, womengo agahombo ni gato kuko umwe wese muri abo banyeshure ari we yihombera, imbere ya vyose. Ariko none ku rundi ruhande, si igihugu cose kiriko kirahomba incabwenge zogihagarariye mu guhiganwa n’ayandi makungu mw’iterambere ry’ubuhinga ?

Ku bwanje, ubushikiranganji bujejwe inyigisho bwohagurukira bidatevye ico kibazo. Ntibitahuritse ingene abanyeshure bahabwa ubumenyi butandukanye, kuko nyene buri mwigisha abikora uko avyumva, hama bakabazwa ikibazo kimwe. Harakwiye kubaho igitabu kimwe kandi gikwije ivya ngombwa kuri buri cigwa co mw’ayo mashure.

 


Soma kandi : 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion