article comment count is: 0

Amasezerano y’i Arusha asigaranye ikihe kibanza mu kwubaka Uburundi ?

Abarundi baraye barumanije neza na neza imyaka 18 bateye igikumu ku masezerano y’i Arusha. Ni kuri uyu wa 28 Myandagaro 2018. Nta woba agikekeranya ku co ayo msezerano yamaze, ariko uwobaza nimba koko ayo masezerano agikenewe mu kwubaka Uburundi, ntaho yoba ashikuje.

Amasezerano ya Arusha niyo yatumye Abarundi basubira kuba mu gihugu cabo batekaniwe mu butandukane bwabo. Abari barahunze igihugu  baratashe maze basubira mu zabo. Abari mu mihari yarwanya Leta muri ico gihe barahagaritse ingwano maze binjizwa mu nzego z’igihugu zijejwe gucungera umutekano, no mu ntwaro. Kiretse ko ayo masezerano ari nayo nyene yahavuye aba inkingi yubakiweko amatati yadutse hagati y’Abarundi mu mwaka w’2015, ukwibuka igenekerezo yashiriweko umukono vyanteye kwiyumvira ku kibanza ayo masezerano yoba agisigaranye mu kubaka Uburundi.

Bamwe barayemera, abandi ntibayemere

Niyonsaba Misheli, umugabo w’imyaka 52, aba muri komine Mabanda intara ya Makamba, amenyesha ko ayo masezerano yamushoboje gusubira kuba mu gihugu c’amavukiro inyuma y’imyaka irenga cumi ari impunzi : «Inyuma y’igandagurwa ry’umukuru w’igihugu Ndadaye Melikiyoli, naciye mpungira n’umuryango wanje mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya».  Ku bwiwe ngo iyo Amasezerano y’i Arusha adaterwako igikumu, ngo ntiyari gushobora gutaha no gutahana umuryango wiwe muri ico gihe : «Ayo masezerano yaragize akamaro ntangere mu buzima bw’Abarundi bose muri rusangi». Ariko rero, ngo ni ngombwa ko Abarundi batera intambwe : «Si Bibiliya yera ngo amasezerano ya Arusha azokwameho imyaka yose !» Abona ko hari hakwiye kugera igihe, aho ivyerekeye igabanganwa ry’ubutegetsi rifatiye ku moko vyohera mu Burundi «kuko ico umuntu ashoboye gisumba ukwo yaremwe asa canke ameze».

Irumva Arisene (Izina ryahinduwe) asanzwe ari umuganga mu gisagara ca Bujumbura, aremeza na we nyene ko amasezerano y’i Arusha yagize ico amarira Abarundi. Yibutsa ko ubutunzi bw’Uburundi bwari bwazingamitswe cane n’ibihano ibihugu vyo mu karere vyari vyabufatiye inyuma y’aho umukuru w’igihugu Buyoya Petero yari yagarutse ku butegetsi mu kwezi kwa Mukakaro umwaka w’1996. Ariko rero, we akabona ko ayo masezerano ari ntasubirizwa mu gutsimbataza amahoro, umutekano n’ukunywanisha Abarundi. Avuga ati : «Kugeza n’ubu, Abarundi benshi baracafata ayo masezerano nk’urukiza. Niyo yashizeho umushinge w’ukuntu Abarundi mu butandukane bwabo boshobora guserukirwa bose mu ntwaro no mu nzego z’umutekano».

Ngo « Karahara mu ruganda… »

Inyuma y’imyaka 18, amasezerano ya Arusha agumana akanovera. Ivyo bigaragara mu gihe umuntu arondeye gutahura inkomoko y’amatati akunze gutandukanya Abarundi, ibijanye n’intwaro ibereye, umutekano n’iterambere kuri bose, eka ndetse n’umuti wotorerwa ivyo bibazo. Kira noneho, n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro rishasha ntiryayirengagije.  Ritegekanya ko ibitigiri vy’ukugene Abarundi baserukiwe mu butandukane bwabo mu nzego nshingwantwaro n’iz’umutekano, biguma nk’uko vyari bimeze mw’ibwirizwa nshingiro ryo mu 2005 no mu masezerano y’i Arusha. N’ukuvuga ko n’ubu ayo masezerano akiriko arisungwa.

 


Soma kandi : « Igipolisi kizira igiturire » : umugambi wahereye mu civugo gusa ?

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion