article comment count is: 1

Amabanga y’abubatse : mu nzu ya mutego, bigenda gute ?

Kur’uyu wa 14 ruhuhuma, isi iriko irahimbaza umusi wahariwe abakundana. Mu rukundo, na cane cane hagati y’abubatse, ukurangura amabanga y’abubatse biri mu nkingi z’urukundo rwabo. Ariko bose ntibiborohera, na cane cane ababa muri « mutego », inzu y’inkingi imwe, ikagira n’icumba kimwe rudende. None babigenza gute ? Egide Nikiza yaraganiriye na bamwe mu bari mu miryango y’abatwa bakiba muri mwe n’izo nyubakwa.

Kera inyubako kijambere zitaraza, Abarundi batari bake baba muri nyakatsi. Ariko rero, mu miryango imwe imwe y’abatwa, izo nyubakwa ziracabaho n’ubu. Ukibona iyo nzu ya mitego, kimwe mu bibazo biza mu mutwe ni ico kumenya ingene abubakanye baba mw’iyo nzu babigenza kugira amabanga yabo ntashikire abana, mu gihe kwiherera biba bigoye. Naciye mpitamwo kwegera bamwe mu batwa bo mu kigwati kiri ku musozi Ndava, komine Muhanga y’intara ya Kayanza.  Barambwiye ingene biheza bikagenda.

Ukurerekana n’abana ni ngombwa

Ntunzwenimana Mabwari, umutama w’imyaka 65 y’amavuka ati: «Iyo mwe n’umogore mwigenga ubuntu, murigumya mw’ijoro hama mugahengera ku murango abana bagiye kuyebayeba, mugaheza mukabonana». 

Uwo mutama abona ko amasaha meza ari isaha icenda z’umurango. «Muri uwo mwanya, abana bamwe baba bagiye guhiga abandi guhakura ibumba, abandi nabo bagendeye abagenzi». Uwo mutama rero yabaye muri ubwo buzima imyaka irenga cumi n’itanu. Avuga ko bitagenze uko abana baheza bakabona amenya abavyeyi babo bariko bararangura ayo mabanga. 

Yamara hari n’aho kwihangana vyanka

Ku bandi nabo ngo bahengera mw’ijoro rikuze, nk’isaha indwi canke umunani akaba ari ho babonana n’abagore babo.  Ariko rero, ngo si igihe cose bama bagira amahirwe y’uko abana babo bataba bakanura.  Nizigiyimana Kwirina, umupfakazi afise abana batanu, akaba mbere akiba muri mutego, ati: «Mu bana banje harimwo umuhungu n’umwigeme bakuze. Se wabo akiriho, twakunda kubonana mu bucagucagu, nk’isaha indwi canke icenda z’ijoro. Yamara abo bana nabo baramutse batwumvise canke bakatubona ivyo turimwo, baca bakora ivyo bariko barabona, kubera biba vyabananiye kwigumya». 

Ngo kubabuza ntibiba vyoroshe, kuko baba bariko bigana abavyeyi. Yamara ngo « n’ubwenge bw’ibiriko biraba iruhande yawe ntabwo uba ufise muri uwo mwanya». 

Bituma abana baja kwubaka bakiri abana

Hakizimana Rubeni, imfura ya wa mutama Ntunzwenimana Mabwari, amenyesha  ko abana b’abatwa bashinga ingo hataragera, «Ntibakurikirana amashuri nk’abandi. Bayata bakiri bato,  bataragira aho bishikana».  

Ashinga intahe ati: «umukobwa wanje w’imfura yagiye kwabirwa afise imyaka 15 gusa. Nibaza ko ata kindi camutumye ata ishure atari uko kuntu abavyeyi twasangira uburyamo n’abana. Hari igihe naza ndaja i Bujumbura nkamarayo nk’ukwezi canke abiri ndi kurondera akanoti. Ngarutse, naza nshushe maze bikananira kwigumya. Ukwiyumvira abana vyaza mu nyuma.»  

Muri kino gihe, iyo ngorane Hakizimana yarayitoreye umuti, yahavuye yiyubakira inzu ifise mu muryango, haruguru hamwe n’ububiko, maze ukwiherera bikaba bisigaye vyoroshe.

Ng’ubwo rero ubuzima Abarundi bakiba muri za mitego babayemwo, ku bijanye n’ugutunganya ivy’ibanga ry’abubatse. Nahejeje kuganira na bo numiwe, numva agahinda, na cane cane kuri kazoza k’abana bakuriye mu buzima nk’ubwo.  

Maze nkagira nti nimba hari Abarundi bari bakwiye gushigikirwa, iyo miryango y’abatwa ikiba mu nzu za mitego yobaye iya mbere.

 


Soma kandi:

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. Interesting article, realy makes you think. I feel bad for the families, and children ending up sleeping with their siblings as a result. what a shame.