article comment count is: 0

Abanyabisagara n’ivyatsi mu mpangu : botera imboga n’ivyamwa naho ?

Aho gutera ivyatsi n’amashurwe vyo gushariza impangu, ngo “abanyagisara boca ubwenge bagatera imboga n’ivyamwa, vyobafasha”; uko ni ko Nimpagritse Patrick abibona. Arabisigura.

Mu bisagara vyinshi vyo mu Burundi cane cane i Bujumbura, usanga mu mpangu z’abantu hateye amashurwe n’ibindi vyatsi vyo gushaza. Ariko rero ndavyihweje neza, nsanga nka hamwe abanyagisagara bahinduye ingendo bakijukira gutera ivyamwa n’imboga vyoba ngira kamaro gusumba.

Ku magara yacu, akarima ko mu kigo

Biramaze kugaragara ko imboga n’ivyamwa bifise akamaro kanini mu mubiri w’umuntu. Ni naco gituma abahinga muvy’ingaburo usanga bama bahanura abantu kuja barihereza mwen’ivyo bifungurwa. Gutera izo mboga n’ivyamwa mu ngo zabo vyotuma abanyabisagara birinda indwara zimwe zimwe ziturutse ku gufungura nabi.

Vyongeye, abarongoye igihugu c’Uburundi bama bahimirije abantu ku kamaro k’akarima ko mu kigo, ndetse n’amwe mu mashirahamwe mpuzamakungu arahimiriza abantu gushiraho mwe n’utwo turima kuko biri mu vyofasha gufungura neza no kurwanya inzara .Naho ako kamo gakunze guterwa ababa hagati mu gihugu rero, ku bwanje mbona ko cane cane abanyabisagara ari bo bofata iya mbere mu kukitaba. Kukaba nkako, ni na bo usanga izo mfungurwa bama bazironka ari uko babanje kuzisuma ku masoko.

N’ubutunzi bw’imiryango bwohabombokera

Turetse akamaro k’imboga n’ivyamwa ku magara y’umuntu, ntitwokwirengagiza kandi ko kubirima mumpangu vyogira ico bifashije ku butunzi bw’imiryango. Ivyo ndabivuga mfatiye ku kuntu usanga abantu bakoresha amafaranga menshi mu kuja kubisuma mw’isoko kandi bari gushobora kuvyirimira mu ngo zabo. Biratangaje kandi kubona bene izo mpangu bakoresha amazi menshi mu kuvomera ivyatsi n’amashurwe, aho boyavyaje umwimbu mu kuyavomeza nya mboga n’ivyamwa.

Mu gihe Abarundi tudasiba kwidoga ngo “amatongo yaraze”, ni kuki abanyabisagara, mvuga barya bahafise impangu nini nini, batogira ubwo bwenge bwo kugwiza umwimbu biciye mu gukoresha neza ivyo bibanza, bagashira « uturima two mu kigo » mu mpangu zabo?


Soma kandi:

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion