Kw’ igenekerezo rya 20 rusama uno mwaka turimwo, umurwi w’abakinyi b’umupira w’amaguru Imboneza ni ho waganuka uvuye guserukira igihugu mu gikombe c’isi yose c’abana bahoze baba mw’ibarabara. Vyabereye mu gihugu c’Uburusiya. Rukundo Landry aratwiganira uko Uburundi bwifashe mw’izo nkino.
Ibihugu birenga mirongo ibiri ni vyo vyitabiriye iryo higanwa. Mu gihe mu mwaka w’2014 Uburundi bwatsinzwe na Tanzaniya mu rukino rwa nyuma, gutyo butahana ikibanza ca kabiri, uno mwaka bwaharurwa mu bihugu vyashobora no gutwara ico gikombe, naho atari ko vyagenze.
Mu rukino rwa mbere, Igihugu cacu catsinze igihugu ca Indoneziya ibitsindo bibiri ku busa, urwa kabiri gitsinda Brésil ibitsindo bine kuri kimwe. Mu gice ca kane gishira ica nyuma, Uburundi bwatsinze igihugu ca Bielorussie ibitsindo bitatu kuri kimwe.
Mu rukino rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma rero, ni ho Uburundi bwakurwamwo na Uzbekistan, butsinzwe kimwe ku busa. Mu kurondera ikibanza ca gatatu, Uburundi buca butsinda Indonesie ibitsindo bitatu kuri kimwe, gutyo butahukana ico kibanza. Ico gikombe catwawe n’igihugu ca Uzbekistan.
Abana bo mw’ibarabara bashobora gutera iteka Uburundi
“Si ugukina umupira gusa, hariho n’ibindi bikorwa vyo guhanahana ivyiyumviro ku bijanye n’ubuzima bw’abana baba mw’ibarabara, kumenyekanisha igihugu biciye mw’ihiganwa ry’imicokama y’igihugu nko kuvuza ingoma no gutamba imvyino z’ikirundi vyakozwe n’urwo rwaruka nyene mu Burusiya”; uwo ni Dieudonné Nahimana arongoye ishirahamwe New Generation, rikaba rireze abo bana kandi ni na ryo ryabarungitse mw’iryo higanwa.
Iyo bitaweho rero, abana bo mw’ibarabara baragirira akamaro kanini igihugu. Kanatsinda, ni nde yokwibajije ko Uburundi bwotsinda Brésil mu mupira w’amaguru? Canke ni nde yokwibajije ko abana bahoze mw’ibarabara boterera igihugu mu kukimenyekanisha kuri urwo rwego?
Mu gihe hari abiyumvira ugukoresha inguvu kugira batuze abasegerereza, abo nabo bakaba ahanini bagwiriyemwo abana bo mw’ibarabara, naho nyene hari imiryango yikika mu kiza ikaja gusega, hari uburyo burashe bwotuma abo bana babivamwo, eka ndetse bagatanga umwimbu n’iteka ku gihugu.
Ni uko, hamwe leta yokwubaka ikigo rusangi boshirwamwo, ikabigisha imyuga itandukanye ijanye n’ingabire nyinshi ziri muri bo, burya bohungukira ubuzima bwiza, igihugu naco kikabavyaza umwimbu, aho kwama bariko barerekana bariko basiganwa n’igipolisi nk’inkoko n’akagomba.
Soma kandi : Ngozi: isuku ntirizohava riherana na Cecafa ?