article comment count is: 1

#Boost: intuntu n’agahinda vy’imiryango y’abacihereza

Bama bariko baravuga abiziziwe n’ibiyovyabwenge ariko bakibagira n’ukuvuga uwundi muce w’abantu ugeramiwe :  imiryango irimwo abanywa ikiyayuramutwe bita boost. Mu kangaratete no mu mwiheburo mwinshi, iyo miryango yaraganiriye n’umwanditsi w’urubuga Yaga.

Nimba ijambo boost kuri bamwe ataco rivuze, ku bandi usanga hari vyinshi ribibutsa  kandi bibi. Aha twovuga nk’uwitwa Mikaheri. Ukivuga ijambo boost, aca abanza guceceka imbere y’uko agira ico avuze ; niko kumbwira ati : « Ntivyoroshe kibondo !» Uwo mushingantahe w’imyaka nka mirongo itanu yari afise umwana yihereza ico kiyovyabwenge, agira ati : « Nagiye kubimenya ntevye. Yama yagiye kuraba urundi rwaruka rwo muri karatiye twabamwo, ivyo navyo nkaba nabibona nk’ibisanzwe. Umunsi umwe namuserukiyeko ariko aratumura agatabi nibaza ngo ni bimwe vy’imiyabaga ko azogaheba. Uko iminsi yahera ni ko nagenda ndamubonako impinduka zijanye n’inyifato. Atangura gutaha atevye ; ashitse ku muhana, hari igihe wasanga atekereje canke ugasanga yabaye inkazi  aguma atata n’abandi».

Uwo muvyeyi yama ariko aragerageza ku mutoza indero no kumuhanura gushika umunsi uwo muhungu wiwe yadukana izindi ngeso mbi, gukorakora muhira, ndetse yahavuye afatwa yagiye kwiba mu babanyi. Se amubajije ikitagenda neza canke ico abura, uwo muhungu wiwe agacika nk’ikiragi ntasubire gukura ururimi mu kanwa. Uwo muvyeyi agira ati : « Nabibwiwe n’ababanyi ko umuhungu wanje anywa ibiyovyabwenge kandi ko yoba anywa ibizimvye cane, arivyo bita boost. Murumva rero ko yiba kugira yigurire  ico kiyovyabwenge. Yari yamaze gucika umuja waco ».

Kugira yirinde amahane aturuka k’ubwo busuma bwa buri gihe, se wiwe yafashe ingingo yo kwubaka agasago mu kigo kazobamwo uwo muhungu wiwe, kugira ngo ntasubire ku muhonyoreza ikirenge mu nzu yiwe nkuru : « Iyumvire namwe kubona ubaho mbere ukaryama  uzi ko umwanya n’umwanya baza kukuvyura kuko ikintu cose cobura mu kibano umuntu wa mbere bikeka ari umuhungu wawe ! Birababaje cane. »

N’agahinda kadasanzwe, Mikaheri yaratwiganiye urupfu rw’uwo mwana wiwe  : « Ntibitevye, igihe kimwe ku mugoroba, numvise ababanyi baza kumvyura. Nagize ngo baje gusaka nkuko vyama biba, naho shwi! Bari baje kumenyesha urupfu rw’umuhungu wanje. Yarashwe amasasu n’umupolisi yari acunze ku rugo uwo muhungu yaragiye kwibamwo ». Amaganya yuzura inda, avuga ko ubu yahomvye kabiri ; ubwa mbere ko abuze umwana wiwe, ubwa kabiri ukubura iteka mu kibano kuko uwo mwana wiwe yishwe ariko ariba,« nkuko umengo yivye kubera harico yoba yaraburiye iwanje ».

Umuntu aragenda akagirire

Nico kimwe no ku witwa Anasitaziya yari afise umwana w’umuhungu yanywa ikiyayuramutwe bita boost. Uwu nawe yagiye kubimenya ari uko umuhungu wiwe ajanywe mu bitaro kwa muganga ku bw’ingorane yo mu mutwe yari afise, uwu mupfasoni agira ati: «Igihe abaganga bambwira ko umuhungu wanje ata ngorane yo mu mutwe afise, ahubwo ari ibiyayuramutwe vyinshi afata, kandi ko abicisha mu mitsi avyiteye mu rushinge, naratangaye cane mbere ndanka no kuvyemera ». Ariko uwo muvyeyi akubise agatima mpembero, yibuka ko uwo muhungu wiwe yarafise umugwi w’urundi rwaruka ruri gito bagendana, akibaza ko umwana wiwe yanduriye aho.

Uwo bavukana  yagiye mu mahanga kera avuga ko igihe agarutse yahatswe kumuyoberwa. Agira ati: « Yari yaranamvye cane kandi nta bwenge bukwiye yari agifise nka kera». Uwo musore yiziziwe n’ibiyayuramutwe bahavuye bamuvuza barabimukuramwo, hanyuma araheza yongera kuba umuntu. Mu nyuma ni ho yahavuye abisubiramwo  nk’uko vyama bigendera abandi bose bihereza ico kiyovyabwenge.

Mikaheri na Anasitaziya bo baragize  « amahigwe » yo kumenya ivyo abana babo bazize, iyindi miryango yo ibona abana babo bazimangana. Maze abo bana bakirigwa mu bibanza bidandarizwamwo kandi bikanywereramwo ico kiyovyabwenge boost. Iyo misore ikirigwa iragikwega bukarinda bwira, hanyuma kibashitse mu bwonko, bakisuka mu busuma n’ubwambuzi kugira bironderere ayo kugura akandi ka Boost. Rimwe na rimwe iyo misore iyo igiye, hari igihe igenda amazimayongo.

 

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. Abavyeyi bararushe! Ariko ivyo bi boost bidandarizwa he kubutaka bw’Uburundi? Ababidandaza baridengevya?Yaga nibandanye itohoza neza abahekura uburundi kubera amaronko bashengezwe imbere y’intahe! Igipolisi naco nigikore amatohoza batwereke izo nkozi z’ikibi.

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.