article comment count is: 0

#Boost: abajejwe intwaro babivugako iki ?

Haraheze igihe gito inzego zimwe zimwe za Leta zitanguye kubona ko ikiyovyabwenge “Boost” giteye isibe kandi bitagikunda ko cirengagizwa. Inyishu zimwe zimwe zaratowe, ariko impinga iracari ndende

Uwurongoye igipolisi kigwanya ibiyayuramutwe OPC1 Polycarpe Ntakarutimana azi neza ibijanye n’ibiyovyabwenge yarabituyagiye ati: “Boost n’ikiyovyabwenge gititura ningoga amagara y’umuntu acihereza, bikamutuma ataco aba acimariye ndetse ata n’ico amariye aho abaye; bikanamutuma atangura gukora ivyaha bimwe bimwe.” Arongerako ati: “Ico kiyovyabwenge gisanzwe kigoye kumenya ku mvo y’ukuntu gisa n’intete z’umusenyi mu gihe bataragisya ngo kibe ifu, kiragwiriye cane mu ma zone nka Buyenzi ari nayo iza ubwa mbere hamwe na Kinama na Kamenge, ndetse no mu ma karitiye amwamwe yitwa ko abamwo abantu bifise.”

Tumubajije ko hari ibihora bikorwa kugira ico kiyovyabwenge gituzwe, yatwishuye ati : “Turagenda gufata abavyihereza.”

Ibikorwa vy’ukwikurayo ?

Mu bushikiranganji bujejwe amagara y’abantu, muganga Janine Ayinkamiye asanzwe ari icegera c’uwurongoye umugambi w’igihugu  ujejwe kurwanya indwara zidakira kandi zitandukira ziterwa cane cane n’itabi, ibiyayuramutwe n’inzoga, avuga ko bafasha abihereza ikiyayuramutwe ca Boost babicishije mu kibanza cabigenewe gisanzwe kiri  mu kigo citaho abafise ingorane zo mu mutwe kiri mu Kamenge, eka mbere bakanabafasha mu bijanye no  kubasubiza mu buzima busanzwe hamwe no kubakurikirana kugira ntibasubire kunywa ivyo biyayuramutwe.

Ku ruhande rw’ubushikiranganji bw’agateka ka zina muntu, Reveriyano Simbarakiye asanzwe avugira ubwo bushikiranganji yemeza ko iyo umuntu afata ico kiyovyabwenge ca Boost afise urupapuro rutanzwe na komine rwerekana ko ari ntaho nikora, akaba yipfuza gufashwa ngo agihagarike, abaganga babwirizwa kumufasha ku buntu, hanyuma agafashwa no gusubira mu buzima busanzwe.

Mu nama nshingamateka naho, umushingamateka Adolphe Banyikwa arongoye umugwi wamaho ujejwe ibibazo vy’imibano, aramenyesha ko yiteguye gusaba ko umuti witwa “méthadone” ( gushika ubu utemerewe kwinjira aha mu gihugu cacu) ko wokwemererwa kwinjira mu gihugu, kugira ufashe kurokora abo bigishoboka.

Partagez-nous votre opinion

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.