article comment count is: 1

#Boost : inzira y’amahonero !

Ico kiyayuramutwe gikaze co mu bwoko bwa « heroyine » kiragisibije mu gisagara ca Bujumbura hamwe n’ibindi bisagara vyo  ku mirwa mikuru y’intara z’Uburundi. Abajejwe intwaro baratanguye bukebuke gutahura ko ari ikiza kigeramiye amagara y’abantu. Mu rukurikirane rw’inkuru zitandukanye, YAGA igiye kwitwararika kuvuga ku bijanye n’ico kiyovyabwenge ; ikizera ko uko gushira ahabona ibijanye na co, bifise ico bizohindura.      

Twinjiye muri kamwe mu tuzu dutoduto tudafise umuco aho banywera ikiyayuramutwe Boost, twahasanze imisore ibiri ikanura amaso ku buryo badakubita n’urugohe.  Uwa mbere twasanze araba imboyongo canke kumwe benshi bakunze kuvyita ngo ni ukuraba icoroshe, uwundi nawe yariko ariyagaza umubiri wose nk’uwariwe n’intozi, nk’uko bishikira abanyotewe ico kiyayuramutwe.  Uwa mbere wewe yari ahejeje kwitera agashinge karimwo Boost, akaba yari atanguye guhungabana nk’uwushaka kwiryamira hasi.

Umwe yari yabuze sinzi ingene iciyumviro kimuciye mu mutwe, atora rwa rushinge wa wundi yari ahejeje kwiteza, rukijejeta amaraso, aca amera nk’uwumwegera. Niho rero yaca amwongorera ati : «  Rasta, vyokunda ko nanje nihako dukeyi ?» Uwundi nawe yamaze gusa n’uwatakaje ubwenge aca asa n’uwumwemereye akoresheje ikimenyetso co kuzungangiza umutwe.

Wa wacu aca afata rwa rushinge, arushinga kw’izosi ry’umwe yamwemerera, arakwegagura amaraso. Ahejeje yaricaye, aca arondera igitambara  aboha ku kuboko kugira imitsi iboneke, amaze gutora umutsi, aca arizibura ku kuboko rwa rushinge hanyuma aca arungikamwo ya maraso yavoma muri mugenziwe ; vyose akabikora yibaza nawe ko aza kuronka ku munezero uterwa n’aka ka Boost mugenzi we yari yiteyemwo. Ariko muri we, muri ca kibanza c’umunezero, intuntu niyo yaciye umwuzuramwo. Niko kubona ko yabaye umushumba w’ico kuyayura mutwe.

Ivyo duhejeje kubabwira si umugani ; ni ukuri kwigendera. Ni ivyashikiye umuyabaga yaseserejwe n’ivyo biyovyabwenge, bigurishirizwa mu kinyegero mu gisagara ca Bujumbura. Ni ikiyayuramutwe, iyo ukinyoye bitaba vyoroshe ko usubira kuvavanura na co kuko kikugira akarimarirenze. Abihereza ico kiyayuramutwe bagifitiye amatazirano atari make gushika aho bariko barakivuga atanuwobica n’ikanda. Hari abacita igikete , umuzigo n’ibindi n’ibindi.

Muri rusangi, abandi bantu bazi ko Boost ari uruvange rw’ikiyovyabwenge citwa heroyine kiba kivanganye n’ubundi bumara bwitwa « indométacine, aspirine » n’ibindi. Urwo ruvange ngo rushobora kuba ruyovya ubwenge gusumvya urumogi rusanzwe kandi rukabikora mu mwanya isase. Kubera Boost isa n’ikivuvu bahavuye bayitazira ngo ni isukari y’ikivuvu.

Ico kiyovyabwenge bakinywa kwinshi : hari abakivanga n’urumogi bakakinywa bagitumura nk’itabi, hari abagikwegera mu mazuru nk’uko womengo bariko baracimotereza, hamwe n’abandi bacitera bakoresheje inshinge nka zirya zo kwa muganga.

Ingaruka nazo ngo twatanzwe…

Dufatiye kuri ubwo buryo bwanyuma bwo kwihereza  Boost,  harakozwe icirwa co kuraba ingene ikiza c’umugera wa Sida cogabanuka mu bihereza ibiyayuramutwe bakoresheje uburyo bwo kwitera inshinge. Ico cirwa categuwe n’urunani rw’amashirahamwe yishinze kugwanya ikiza SIDA (ABS)   rufadikanije n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu. Ibiharuro cagaragaje ni agahomera bunwa ! Ku bantu 127 bihereza ibiyayuramutwe babicishije mu kwitera inshinge babajijwe mu mwaka w’2017, ibice 10,2 kw’ijana vyabo basanze baranduye umugera wa Sida. Ivyo biharuro bikaba vyerekana ko uwo mugwi wandura umugera wa Sida incuro cumi gusumvya abandi bantu basanzwe bari mu yindi migwi yose kuko  bandura ku rugero rw’igice 1,4 kw’ijana. Ibice 9,4 kw’ijana basanze bagendana umugera w’indwara ya Hepatite B mu gihe ibice 5,5 kw’ijana bagendana umugera wa hepatite C.

Ingaruka mbi ntizigarukira ku biboneka n’amaso gusa. Urwaruka rufata ivyo biyovyabwenge rwinshi rufise imyaka iri hagati ya 15 na 30, mu kibano bararuciriye umukenke,  rurahagarika kwiga amashure, abandi nabo barirukanwa ubutararariye ku buzi bwabo. Kugira bashobore kuronka urugero rwibiyayura mutwe bihereza ku munsi ku munsi bamwe baca bahinduka ibisuma n’abambuzi, ivyo bikaba ari vyo bisigura igituma abarenga ibice 55,1kw’ijana vy’abafata ibiyovyabwenge bavyiteye mu nshinge bamaze guca mu munyororo. Ivyo bigaragara muri ca cirwa twavuga cakorwa n’urunani rw’abarwanya ikiza ca  SIDA rufadikanije n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu. Ku ruhande rw’abigeme bari mu basanzwe bakarirwa muri uwo muce wabihereza ibiyayurabwenge bikaze nk’ivyo, benshi muri bo bahereza ku gusanga bariko baragurisha imibiri yabo ngo barabe ko boronka n’utuvunji duke tw’ico kiyovyabwenge.

Kubera kubura inkuru zikwiriye, ico cirwa cagarukiye gusa ku bihereza ibiyayuramutwe bakorsheje inshinge bitera kandi hari ivyo batohoje batashatse ko abantu bose bashoka bamenya. Yaga rero yaciye yiha ihangiro ryo gukora amatohoza ahagije ku bubi n’ububegito bwa Boost : gucengetera mu bibanza ivyo biyovyabwenge bavyiherezamwo, amatohoza ku kuntu ivyo biyovyabwenge bihanahanwa, ibishingantahe bitandukanye, kwegeranya ivyiyumviro vy’abahinga kuri ico kibazo, itibagiye n’uguha ijambo abajejwe intwaro. Twibaza ko ari intango y’isekeza rinini kugira ngo uko bigenda kwose ejo tuze tube mu Burundi butagira ibiyovyabwenge nka Boost.

 

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.