article comment count is: 1

Burundi-EAC: ntiharagera ko turirimba ngo «caratuvunye»

Kuva ku wa 18 ruheshi 2007, igihugu c’Uburundi  carinjiye ku mugaragaro mu muryango ugize ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko. Ntiharagera ko dushira agati mu ryinyo, nk’uko womengo nta kibuze, hari intambwe ivyo bihugu bigezeko tutokwizera gushikako mu gihe ibintu vyobandanya uko biri.

Haraciye amezi make, nari nakubitiye mu gihugu c’Ubuganda. Bwari ubwa mbere nshitse muri ico gihugu.  Umusi nashikayo, hari ku muhingamo, nabonye ari igihugu kirimwo abantu benshi cane, kirimwo imangazini nyinshi cane, ndetse n’uruja n’uruza  ku murwa mukuru Kampala si icoroshe, kuko imiduga n’amapikipiki ari vyinshi cane. Ivyo bikaba vyarantangaje cane.

Mu gihugu cacu, hari amaduka amwe usanga yugaye, isaha zitandatu z’umurango. Ubajije, ukumva ngo « bene zo bagiye kuruhuka, baragaruka isaha umunani. » Muri ayo masaha nyene, wakubitira kwa muganga mu bitaro vya Leta, ugasanga ntushobora kuronka muganga ku mvo zisanzwe cane : « Yamaze gutaha, inyuma y’umutaga  aza kwakira abantu mu biro vyiwe biri mu gisagara hagati, ngaha  azogaruka ejo ». Ivyo biri uko ku murango, bumaze kwira naho bikaba ibindi.

Intagoheka mw’iterambere

Muri ca gihugu c’Ubugande, ku musi ugira kabiri narakoze ivyanjanye, hama bugorovye, mu kuruhuka hamwe n’abo twafatanye urugendo, duhitamwo kuja kwivuna akanyota. Ku bwanje, nabona ko bihava bitugora kuronka aho twivunira akanyota kuko hari ku musi wa mbere, kandi bukaba bwari bwije cane nk’isaha zitandatu z’ijoro.

Ni ho twihereza amabarabara turondera ahoba hari ikirabo. Muri iryo joro rikuze, ica mbere cantangaje, ni uko amapikipiki yaho  aguma akora, mbere na za modoka zunguruza abantu muri rusangi (bus) zikora amasaha yose ukuri kwamye. Tukiriko turagenda, twaciye ku maduka adandaza ibintu bitandukanye acuguruye, ndetse n’abantu bariko barasuma. Mbajije umugenzi asanzwe aba muri ico gihugu, yambwiye ko mu gisagara ca Kampala, ibikorwa vyinshi bitigera bihagarara, ijoro n’umurango.

Hano iwacu ho?

Si agaseseshwa rumuri, isaha cumi n’imwe z’umugoroba, amaduka atangura kwugara, amahinguriro canke  ibiro bikorerwamwo ibikorwa bitandukanye nabo bakugara. Amasoko nka yose, isaha cumi na zibiri baba bariko barugazwa n’ababijejwe. Amasaha yigiwe imbere gato nk’isaha zibiri n’igice z’ijoro wegereza isaha zitatu, za modoka zunguruza abantu zitangura kubura, rimwe na rimwe abantu bakabura  uko bataha. Hageze isaha zine z’ijoro hoho, uciye mu gisagara hagati, wokwibaza ko abanyagisagara bahunze nka bose. Uretse amaduka adandaza imiti hamwe n’ubunywero bumwe bumwe biba bicuguruye, ibisigaye vyose biba vyugaye nk’aho womengo uwo mwanya ubuzima buba bwahagaze.

Ingaruka ntizibura

Uretse twebwe abenegihugu bato bato dushobora gukenera iki canke kiriya  mu masaha yitereye tukakibura, na Leta irahahombera ibitari bike iyo ibikorwa bihagaze, kuko n’umwimbu uba muto. Mbega tuzoshobora guhiganwa gute n’ibindi bihugu vyo mu karere canke ivyo ku mugabane wa Afrika, mu gihe bakora amasaha 24 kuri 24, natwe dukora  hagati y’amasaha 8 na 12 gusa ?

Habuze iki kugira duhindure ingendo, dukore tutiziganya kugira duteze imbere igihugu catwibarutse, hamwe mu myaka nka cumi iri imbere tuzosubiza amaso inyuma tukaraba aho tugejeje isemo, tukavuga tuti « Caratuvunye, ariko vyari bikenewe » ?

 

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.