article comment count is: 1

« Umutwa umuhaye amabati, aca ayagurisha ngo nta wokwifuka inrya » : hari kera

Mu Burundi, iyo tuvuze imiryango y’Abatwa, abenshi baca bayibona nk’imiryango itoshobora kwigurira amatongo, ititayeho ivy’amajambere, n’ibindi vyinshi babavugako. Ariko hari bamwe mw’iyo miryango baheruka kwerekana ubudasa.

Ejo bundi nafashe urugendo nja mu ntara ya Bururi ku mirimo ya misi yose. Dushitse ku mutumba Kiganda, ni ho nabona ikigwati c’amazu atari make. Abo twari kumwe numva bagize bati : « Harya ni ho imiryango imwe imwe y’Abatwa iheruka kwimukira. »

Kuri bamwe bamwe, Abatwa basa n’abahebewe kuba mu nzu za nyakatsi, zimwe za mitego, ico kigwati naco kikaba ari ic’amazu y’amabati yubatse neza. Niko kurondera kumenya ingene ivyo babishitseko, mu gihe bivugwa ko « Abatwa batubaka inzu zisakaje amabati ».

Barigurira amatongo bakanayiyubakira

Iyo miryango ni 27. Ubwa mbere, yaba ku mutumba Mugozi wo muri Komine n’intara ya Bururi. Ico gice bari baciyegeranirijemwo mu gihe c’imyaka y’1994. Ariko yari ama amatongo yatanzwe kugira ngo yubakwe kijambere.

Ukubura amatongo bikorako, canke aho bisumamwo, ngo vyatuma bama mu matati n’ababanyi babo, ari bo ba nyene amatongo. Léonidas Nzigiyimpa, uwujejwe gukingira ibidukikije mu karere k’ubumanuko bw’igihugu, agasigura ko iyo miryango y’abatwa yaca yama yikora kw’ishamba cimeza rya Bururi mu guca ibiti n’ukwimba urucekeri rw’amabuye.

Yamara rero, izo ngorane zatumye uwo mutware yiyumvira ukuntu ivyo bikorwa vy’iyo miryango vyohagarara, kuko na none vyabangamira ubuzima bw’iryo shamba cimeza. Ni ko kwiyumvia umugambi wo kubashira mu bikorwa vyo kwiteza imbere bo nyene, araheza aja kudodora ku bomufasha bakamuha uburyo bwokoreshwa iyo migambi.

Ni uko, batanga ibikorwa kur’iyo miryango y’Abatwa vyo gukorera ku musi ku musi iryo shamba. Amafaranga amwe barayabaha, ayandi bakayabaziganiriza. Ubwo buryo  baziganirijwe ni bwo bwatumye iyo miryango ishobora kwigurira itongo rifise uburinganire bwa hegitari zibiri, itako yiyubakira ayo mazu, barigurira ibitungwa bibafasha kuronka intabire, ahasigaye ikaharima.

Ivyari i Magera vyarageruye

Habonimana Christian, ni umwe muri abo batwa twashoboye kuganira. Ndamubajije ko ayo mabati baronse batazohava bayikorako, ati : «Aboyagurisha ni abatoba baratahura umugambi wo kwiteza imbere. Twebwe nta mpamvu yotuma tuyagurisha kuko ubu turondera ico dukora kugira ngo tubeho, twaratahuye ko ata kwisamburirako nk’intungwa.»

Abahora bibaza rero ko Abatwa batoshobora kwigurira amatongo, canke ngo biyubakire inzu za kijambere, bahindure ivyiyumviro. Ahubwo uwoshaka kubateza imbere, yofatira akarorero kuri uwo mugambi wa Nzigiyimpa Léonidas. Nayo ahandi ho, nta wokwanka ivyiza.

 

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.