article comment count is: 1

« Nanje nobaho »: inyishu ku bahora basegerereza bavuye ku Buterere

Ingorane y’ugusegerereza isa n’iyabaye kananirabagabo mu gisagara ca Bujumbura. Ni ko, nta kintu kiboneka kirakorwa kugira itorerwe umuti, ariko muri zone ya Buterere y’ikomine ya Ntahangwa, hari ishirahamwe ry’urwaruka ririko rirakora uko rishoboye.

«Abana bo mw’ibarabara bahora baza gusegerereza aho dukorera, tukabaha amafaranga, ariko ivyo ntibigire ico biheza ngo bibamarire. Kuko ntibasiba kugaruka gusegerereza uko bukeye. Ni ko kwiyumvira umugambi wotuma abo bana n’abavyeyi babo ngo bave muri ubwo bworo “Nanje nobaho”»; uwo ni Ruremesha Hugues Hardy, umusore w’imyaka 27, akaba arongoye ishirahamwe ry’urwaruka ruharanira Uburundi bwiza, “JSBM” mu mpfunyapfunyo y’igifaransa.

Uwo mugambi rero ukaba ugamije kwegeranya abo ba ntahonikora basegerereza, maze ukabashira mu dushirahamwe dutoduto, ukabafasha kwikorera imigambi ibateza imbere, hama ukabaha umutahe muto w’intango, gutyo bagatangura kuziganya bongera baguranana biciye mu nyungu z’ibikorwa barangura. Ivyo bikabandanya bimenyeshwa na Ruremesha Hugues Hardy. Nayo ku bana bakiri bato, ngo babaronsa ibikoresho vy’ishure n’imyambaro, bakaja kwiga.

Ni akarorero

«Kuva muri Munyonyo umwaka w’2017, aho umugambi “Nanje Nobaho” watangura icese, abana  bashika 65 baramaze kuronswa ibikoresho vy’ishure, abakenyezi ba ntahonikora bashika 15 baramaze kuronswa imitahe bicishijwe mu gisata co kuguranana n’ukuziganya cashinzwe n’uwo mugambi; mbere bamwe bakaba ari abadandaza, abandi bakaba barangura imigambi ijanye n’uburimyi»; nk’uko uwo musore abandanya abitwiganira.  

Gaudance Gahimbare, umwe mu bakenyezi bafashwa n’umugambi « Nanje nobaho » ati:  « Ubu nta kibazo c’ivyankenerwa vy’ishuri vy’abana tukigira. Abavyeyi natwe turaronswa inyigisho zitandukanye nko kubijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza, bakanaturonsa imitahe mitomito yo kwikenura. »

Ivyo biri uko, mu gihe Reta yari imaze kugerageza gukura abo basegerereza mw’ibarabara ibicishije mu gufata ingingo zitandukanye, harimwo mbere n’ukubacisha mu gasho, bakabura ico bihindura. Ku bwanje, nkabona ko utwigoro nka “Nanje nobaho” twari dukwiye gufatwa mu mugongo na Reta nyene, ndetse n’amashirahamwe adakukira Reta.

 


Soma kandi : Burundi: nankana ugusegerereza vyohezwa n’agasho ?

 

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.