article comment count is: 0

« Hora nkwime muka so, muka so ni igikoko » : ni ko biri ?

Mu mayagwa y’ikirundi, hari akaririmbo ko guhoza umwana kavuga gati: «Hora nkwime muka so, muka so ni igikoko. Yogutuma kuvoma mu mvura y’igitondo.» None ni ko biri ? Kuki Abarundi bafise mwe n’iyo shusho kuri muka se w’umuntu ? 

Uravye ibiyagwa, urwanko hagati ya muka se n’abana womengo ni kama mu kibano c’Abarundi. Abana bakamubona nk’umugore aturubika abo areze, akabakoresha ibikorwa bibavunagura n’ayandi mabi menshi. Ariko si hose bimeze gutyo.

Jimmy (yahinduwe izina) ni umusore w’imyaka 22, abanye neza na muka se. Abishingira intahe ati: «Igihe mawe yitaba Imana, nari mfise imyaka cumi gusa. Dawe azanye uwundi mugore, wamengo isi n’ijuru biranguyeko. Nabona ko twe na mutoyi wanje tugiye kugorwa. Sinari  niteze iciza na kimwe kuwo twari tugiye kwita muka Dawe. Ariko muvy’ukuri ntaco twamuburanye. Mbere harageze igihe Dawe ararwara araremba hamwe atagishobora gukora. Ico nakenera cose narakimusaba ari ico ashoboye akakindonsa. Sinigeze ntinya canke mbere ngo ngire isoni zo kumuhamagara Mawe.»

Chantal (yahinduwe izina) ni umupfasoni w’imyaka 35. Areze abana babiri yaje asanga mu nzu. Avuga ati: «Abana barazi neza ko ntari umuvyeyi wabo w’amaraso. Mbere barazi ko badasangiye abavyeyi bose n’ababakurikiye maze kuza. Ariko ntikibuza ko bambona nka nyina, nanje nkababona nk’abo nivyariye. »

None urwo rwanko ruva he?

Nk’umuvyeyi rero, Chantal abonako uko kutumvikana gushobora kuva ku mpande zompi, haba ku bana ndetse no ku bavyeyi. Agasigura ati: « Bishobora kuva nko ku nyungu uwo mugore yaje kwubaka aba yaje ari burondere muri urwo rugo, maze akabona ko kumbure abo bana ari intambamyi, bigatuma haba icuka kibi hagati yiwe na bo. » Abandanya ati: «Ku rundi ruhande naho bigashobora no kuva ku bugarariji bw’abana babona ko uwo muka se adashobora kuza asubirira nyina wabo, kandi nawe nka inarugo akabona ko bategerezwa kugendera ku mategeko yiwe; amatati akavyuka uko. »

Alfred n’umunyeshure wo muri kaminuza. Avuga ati: «Uwo jewe nita muka dawe yaje kubana na dawe jewe na bashikanje turi abayabaga. Ntitwigeze tumwiyumvamwo na gato kuko vyaranatubabaza cane kubona uwundi muntu aza mu kibanza ca mawe. Kubw’ivyo rero twari tubanye nabi cane,i gihe cose  tukama duhanganye. »

Ariko rero, ngo birashobora no kuva mu kibano, aho usanga biyumvira ibintu bitari vyo, bakabigira insaku, maze zigahuvya ba bana canke muka se wabo.

Impanuro                                                                                                         

Iyo bishitse inarugo agashengera, hama serugo agahitamwo kuzana uwundi mugore, «igikuru ni uko abana bobona uwo aje nk’umuvyeyi, nawe akababona nk’abana biwe»; uko ni ko Chantal abibona. Kanatsinda ngo «umwana si uw’umwe», nk’uko ba sokuru bayamaze.

Kira noneho, ni kenshi twama twumvise canke twabonye aho bishika umuvyeyi atora abana, akabafata neza gusumba na nyene kubavyara mbere; naho nyene «ata wanka kwonka nyina ngo agwaye amahere. »

 


Soma kandi : Umugabo n’umugore bofashanya gutunga umuryango

 

Partagez-nous votre opinion

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.