article comment count is: 0

Ikirimba : « Ntaho bitaniye n’umuco wo guhinda ikibiri »

Mu cirwa cakozwe n’ibanki nkuru y’igihugu mu Burundi mu mwaka w’2015, Abarundi bafise ububiko mu ma banki baharurwa ku bice 16,4 kw’ijana. Abandi none babigenza gute? Bokoresha “ikirimba.”

Ejo bundi nari nteramiye ku nzu y’idandarizo y’umugenzi kw’isoko mu Kinama. Nari ndamurindiriye ngo dutahane. Gato, mbona habaye umurongo munini w’abantu. Bose basiga amahera ibihumbi bibiri, akabandika hama akayabika.

Nkimubaza ko boba ari abamufitiye amadeni baje kumuriha, ati habe namba! Ati : « Abantu dukora imyuga mito mito ntibitworohera kwuguruza amakonte mu ma banki, kugira twiteze imbere rero, twaciye tuja hamwe tugira akantu k’agashirahamwe k’ikirimba. »

Inkomoko y’ikirimba

Uwo mugenzi wanje wo mu Kinama ansigurira ati : « Tuja hamwe tugashinga amafaranga atavuna dushira hamwe buri musi, maze indwi iheze tugaca dufata ayo twegeranije yose tukayaha umuntu umwe muri twebwe, kugira yiyungunganye; tukaza turakurakuranwa gushika twese dushikiriwe. »

Naregereye umukurambere Nibaruta Izahaki, w’imyaka 62, yakoze umwuga wo kudandaza kuva kera. Yaranyagiye  ikirimba catanguye kuva kera kandi ko gifise imizi mu mico n’imigenzo ya ba sokuru bacu. Agira ati : « Witegereje uko ikirimba gikinwa, nta tandukaniro na rimwe rihari n’umuco wa basokuru wari ujanye no guhinda ikibiri, aho abasangiye umutumba baja hamwe bakarimira hamwe, bava kwa naka baja ku wundi gushika abagize umugwi bose bashikirwe ».

Yabandanije anyagira ko kera ikirimba cakina abantu bafise amikoro make, ngo ariko ubu, kubera ubukene bose baragikina. Kukaba nka ko, icirwa cakozwe mu2015 n’ibanki nkuru y’igihugu kirerekana ko amakonte y’abanywanyi bahurikiye mu mashirahamwe yagabanutse cane ku bice 6,71 kw’ijana, ugereranije no hagati y’umwaka wa 2013 na 2014 aho urwo rugero rwari rwaduze gushika ku bice 264 kw’ijana, nk’uko ico cigwa nyene kibandanya kivyerekana.

Bose bokina ikirimba none ?

Kubwa Yohani, umusore w’imyaka 18 adandaza  mw’isoko ya kinama, yagize ati: « Natanguye ndandaza ibiyoba, maze kubera nunguka make sinashobora kwuguruza ikonti muri banke ngo ndonke ingurane yo kwitez’imbere. Niko gutangura gukina ikirimba, maze uko nshikirwa nkayaronka ari menshi, bituma nter’imbere gushika kw’iyi duka » Na Patricia, asanzwe afise ikonti aho akora mu biro vy’ama posita mu Burundi, agira ati: « Jewe na bagenzi banje dukorana twaragiye hamwe dutanguza ikirimba ; dutanga amafaranga ku kwezi ku kwezi. Ni yo twikorako hagize uwuhura n’ivyago mu kumugarukirako. Canke iyo hari uwushaka utwo yiyungunganyamwo, akayaronswamwo ingurane azorihana inyungu itavuna ugereranije n’ayo batwaka mu ma posita n’amabanki ».

Maze ku bwanje nkabona ko, mu gihugu nk’Uburundi, aho abenshi bafise amikoro make, hamwe amabanki n’amaposita bitokwiga ukugene vyotanga ingurane ku nyungu nto cane ku mashirahamwe y’ukwiteza imbere, ikirimba kiguma ari nk’ubundi buryo Abarundi bashobora kwama bikorako kugira binube ububiko bw’amabanki.  

 


Soma kandi : Ni gute twokoresha neza amafaranga yacu?

 

Partagez-nous votre opinion

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.