Palais présidentielle en construction
article comment count is: 0

Imfashanyo z’Ubushinwa ko zabaye nyinshi ntituzoziriha ibitagenda ?

Aha mu Burundi, muri ino minsi, tuguma twumva mu nsamirizi canke tugasoma ku mbuga nibinyamakuru ko igihugu c’Ubushinwa caduhaye imfashanyo kanaka. Ikibazo kihari ni ico kumenya ingene izo mfashanyo Abarundi tuzoziriha, na rirya ata vya gusa tumenyereye ku banyamahanga nk’uko Matayo Jean avyibaza.

Ubushinwa buri mu bihugu vya mbere bifasha cane umugabane wa Africa, tutibagiye igihugu cacu c’Uburundi. Eka mbere no muri iyi minsi ya vuba baheruka kuduha imfashanyo yimiliyoni 44 z’amadorare y’amanyamerika. Si ivyo gusa, ugendagenze irya n’ino mu gihugu, urabona koko ko Abashinwa bakwiragiye igihugu cose bubaka inyubakwa zitandukanye, niyindi migambi y’iterambere.

Duhereye kuri ivyo vyose, ko nzi ata bucuti bwo guhanahana iterambere kwa gusa bubaho hagati y’ibihugu, ubwo umwenda Uburundi bufitiye Ubushinwa ntituzokanguka wabaye umurengera?

Uko bigenda

Mu mwaka w’2013, Leta y’Uburundi yarashize igikumu ku  masezerano yo gufashanya hagati y’Uburundi nigihugu c’Ubushinwa. Bimwe mu biri muri ayo masezerano ni nk’ukwubaka ikirimba c’umukuru w’igihugu c’Uburundi, urugomero  rw’umuyagankuba Jiji-Murembwe, ibijanye n’itumatumanako ry’amakuru rijanye n’ubuhinga ngurukanabumenyi, ndetse n’ibindi vyinshi bavuze ko bazoza barafashanyamwo, mbere bakaba ari bo bazokwagura n’ikibuga c’indege cacu.

Naho ivyo vyose biri uko rero, iyo umuntu asomye ibinyamakuru bimwe bimwe, uramenya ko hari intumbero zimwe zimwe zituma Ubushinwa butanga uburyo muri Africa. Izo na zo zikaba zijanye n’ugushaka kugira ijambo mu bisata vya politike z’ivyo bihugu, iterambere ry’igihugu c’Ubushinwa, hamwe rero n’iterambere ry’igisata c’ubudandaji c’Ubushinwa. Ivyo rero ni vyo biteye amakenga menshi, mu gihe wokumva ngo ni imfashanyo, ukagira ngo ni urukundo rwa cane rwo gushakira urukiza bino bihugu vyacu. Habe n’intete! Nk’akarorero, mu kwezi kwa Ruheshi 2018, haravuzwe inkuru y’uko igihugu c’Ubushinwa cifatiye ikivuko co mu gihugu ca Sri Lanka, kubera kino cananiwe kuriha imitahe Ubushinwa bwashize mwiyubakwa ry’ico kivuko.

Turye duharura!

Abamaze kubitahura, baravuga ko ico gihugu coba cungukira cane mu butunzi kivoma mu bihugu vya Afrika gusumba uko kibifasha. Ivyo navyo ntibigoye no kubona: iyo ico gihugu cemeranije n’igihugu cacu kudukorera nk’ibarabara kanaka, usanga isoko rihabwa ishirahamwe rivuye mu Bushinwa, bagakoresha Abashinwa gusa, kiretse mu dukorwa dutoduto, nk’uko womengo mu Burundi nta bahinga mu kubaka amabarabara bahari. Umuntu aca yibaza igituma batotanga ubwo buryo hama Abarundi bakaronka ako kazi?

Ni vyo, Ubushinwa ntibwigeze bugira Ubukoroni mu gihugu na kimwe, ariko, nitutaba maso, tuzosanga, buke buke, igihugu cacu bacifatiye kubw’imyenda. Gutyo rero, twame twibuka ko ata cijana. Nayo abahagarariye ubwigenge n’ukwikukira kw’Uburundi, boba maso cane, ntituzosange twariye indyankurye.

Partagez-nous votre opinion