article comment count is: 4

« Abanyabururi ntibameze nk’abandi Barundi » : iyo vyavuye

Mu Burundi, iyo bavuze «abanyabururi», womenga bavuze umurwi w’abandi bantu badafise amamuko amwe n’abandi Barundi. Womenga n’abantu bisa, eka mbere bisangije vyose. None vy’ukuri, ivyo ni vyo canke si vyo? Vyoba vyaturutse he? Vyinjiye gute mu kibano c’Abarundi? None ivyo bifise ingaruka izihe?

Mu ntara zimwe zimwe z’Uburundi mbere, kiretse nk’abize amashure menshi canke abatembereye irya n’ino mu gihugu, si bose batahura ko i Bururi hoboneka abantu bakenye. Ntibatahura ko hari abantu bakiba mu nzu za nyakatsi, canke boba bakigenda batambaye ibirato. Kuri bo, i Bururi hoba hariyo abatunzi gusa. Ivyo rero si vyo na gato.

Kubwa Aloys Batungwanayo, umuhinga mu vy’akahise, ngo vyose vyaturutse ku kugene ivy’intwaro vyagiye biragenda muri kahise. Uwo muhinga avuga ati : « Abava i Bururi batwaye Uburundi kuva mu myaka y’1966. Maze, bashira mu buzi bwa Leta abaturuka muri iyo ntara, ugasanga mu ntara zose ari bo batwara, mu gisoda, amagara y’abantu, ubucamanza, n’ahandi. Aho hose, wasanga abategetsi ari bo bafise uburyo busumba ubw’abandi. Maze Abarundi batari bake biha ishusho y’umunyabururi nk’umuntu w’umutunzi abusumvya abandi bose».

Ivy’ubwoko n’inyifato na vyo

Ku rundi ruhande, hari abatahura ko i Bururi ari yo nkomoko y’ubwoko bw’abatutsi, nk’uko womengo nta muhutu ava i Bururi. Eka noneho, hari n’abayica umurya bakavuga ko umuhutu aturutse i Bururi aba atari we. Batungwanayo Aloys agira ati : « Muri iyo myaka, ivyo kugabana ubutegetsi ku moko yose ntivyari bwashoboke. Mu gihe rero ba Banyabururi barungikwa gutwara mu zindi ntara zose, wasanga ubutegetsi bwiganziwe n’abantu bo mu bwoko bumwe, canke ndetse no mu miryanngo imwe imwe. Kubera rero abatava i Bururi ata bandi babona batwara bava i Bururi atari abatutsi, baca biha ishusho ya Bururi bafatiye kuri abo babona».

Nayo ku bibaza ko i Bururi haturuka abantu b’amanyama, abantu biganza, kugeza naho wumva abahungu bavuga ngo “sinorongora Umunyabururikazi, yoba aje kunganza mu rugo”, ngo na vyo nyene si vyo. Ngo «vyoba vyakwiragijwe n’uko bene gutwara batwaza igitugu n’amanyama, na cane cane kuko ubutegetsi bwabo butari bwemewe na benshi, bitewe n’uko baburonse babwihaye ku nguvu. Noneho bagategerezwa gutwaza amanyama, kugira abatwagwa babayoboke vyanse bikunze».

Ingaruka z’iyo shusho

Nk’uko Batungwanayo Aloys abandanya avyigana, ngo «iyo umaze gufatira umugwi w’abantu mu kivuga, ukabafata nk’aho ari bo nkwezi y’amarerere muri ubu buryo canke ubundi, abo baca baba nk’abansi kuri wewe, canke nk’abantu winuba. Umwansi nawe canke uwo utizeye, umaze kumutunga urutoke, hakurikira kurondera kumwitanga, nawe kandi akongera akabigenza gutyo nyene». Ng’iyo rero ingaruka mbi nyamukuru iboneka iyo umugwi w’abantu kanaka uhawe isanamu iyi canke iriya.

Uwo muhinga rero arangiza atanga impanuro, maze akavuga ati : « Ingendo, inyifato, akamere, … vy’umuntu umwe canke babiri ntibikwiye na gato kuba urufatiro ku bantu bose bava mu karerere kanaka ».

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (4)

  1. Nakurikiye iyi nkuru ivuga kuvyerekeye imvugo y’ikivunga yerekeza k’umurwi w’abantu canke intara cane cane bafatiye ku kahise kabi canke kadasorongoye. Ivyo birafise ingaruka mbi cane kumigenderanire yabantu no kwandagaza abantu utarinze no kwiyumvira. Ikindi mwene iyo mvugo yo gufatira mukivunga ikoreshwa cane n’aba nyepolitike iyo bagomba gukumakuma amajwi asanzaye canke kwigizayo aba n’abandi kuko babuze inyishu kubibazo bigoye.
    kubera habaye umuco mubi w’ikumira rifatiye kuntara, hama hariho imvugo yikumira.
    Uburorero ni nkubu
    1. Abanyamwaro bakunda amafranga: iyi ni imvugo yikumira no gutyoza aba nyamwaro kuko nta muntu adakunda ifaranga. Aho usanga ari abantu bapfuye amafranga bica biciga nk’umugani
    2. Abanya ruyigi ni abarozi kandi baraguruka. Iyo ni imvugo ityoza kandi yikuvunga. Ivyo birafise ingaruka mbi kubarutse kuko batungwa urutoki. Ugomba gukekeza uwo mudasangiye intara ugaca ukoresha mwene iyo mvugo ituntuza ku mutima
    3. Abanyejenda: Iyo abantu bagiye kwiherera bavugane akajambo baca bavuga ngo bagiye mw’ijenda. Niyo ni imvugo y’agakekezo kuko bose baragira ico bafunditse mw’ibanga ariko ntaxobishira kuri uwo murwi w’abava muri zone ijenda ya Komine Mugongomanga. Nabava za komine Mukike, mugongomanga bose bitwa abanyejenda. Igitanganje ntibaba bavuze na paroisse Ijenda.
    Twari uturorero gusa
    Ariko uwogendereza intara zose iyo ziva zikagera, hariho ico bazwiko nabi.
    Ikibabaje ni gake bavuga ivyiza basasira kuntara kuntara.

  2. Bururi ni intara nziza kabisa turakundana dufatanye mu nda turakira ingenzi ,kuvuga k abigeme ubatway baca biganza sivyo ni nyabagendwa abigeme b’indero bazi icitwa foyer ,nagomba ndabatumirir guhindura ivyiyumviro notre province est bon!murakoze.

  3. Mbona arivyo ark hatravuka rumonge, nabo imvukira z’aha nyinshi ntizumvako agace k’imbo kegukira bururi kuko muntwaro bataseruka, na cane cane ko usanga ako gace kari kiganjemwo igic kinini c’abitwa « abahutu ». Ivyo muvuze n’ukuri kko gufata ikivunga bitanga ishusho mbi kandi bigatuma haba inzirakarengane iyo biteye ingorane