article comment count is: 2

« Hari urwaruka ruja gushurashura mu bibanza rusangi » : uruhara rw’abavyeyi

Muri ino minsi, iyo ugorobereje muri bimwe bimwe mu bibanza rusangi vyo mu gisagara ca Bujumbura, ubona vyinshi. Hirya no hino, urwaruka biboneka ko rukiri mu myaka y’ubuyabaga, bariko basomana canke bari mu mibonano mpuzabitsina, nk’uko womengo bari kw’isi ya bonyene mu gihe tumenyereye ko bikorerwa ahiherereye. Muti biva kuki ? Inkurikizi ni izihe ? Vyogabanuka gute ?

Ejo bundi nagorobereje mu kigo ca Kaminuza y’Uburundi kiri mw’i Rohero, mfise isango n’umwigisha wanje. Ubona ko abanyeshure biga ngaho baba batashe ku mugoroba, natereje amaso hirya, mbona umuhungu n’umukobwa bari mu vyabo, mu kirasi kimwe c’aho. Abo rero ngo bagire barambona, barakanguka, baca batora amakaye yabo barasohoka. Nk’aho abavyeyi babo wosanga bari bazi ngo baje kwiga ! Ku munsi ukurikira, ngorobeza kwinonora imitsi mu kibanza rusangi benshi bita kuri « Jardin public ». Bugingo buhwibiye, mbona irya n’ino imisore n’inkumi bariko barashurashura ataco binona, abandi bihereza ibiyovyabwenge. Narumiwe !

Ivyo rero si bishasha cane mu gisagara. Nari maze kubibona ku mashure amwe amwe, ya yandi yo mu makaritiye hagati. Akenshi aho, kubera ko, ku mugoroba, haba hasigaye abanyezamu gusa. Hariho rero n’abahungu n’abakobwa baza bagasororera abo banyezamu ngo babugururire kimwe mu birasi kugira bige. Uwo munyezamu akaja kwihereza iryo cupa bamuguriye, ba bandi bagaca batangura gukora ivyo bishakiye.

Ingaruka ntiziteba kwibonekeza

Claudine na Yvonne (amazina yahinduwe) ni abigeme b’imiyabaga, umwe afise imyaka 19 uwundi 20. Uyu mwaka w’ishure waraye utanguye ntawo bazokwiga kubw’itegeko rya Leta ribuza abigeme bibungeze kuja mw’ishure. Bompi bibungeze imbanyi z’amezi abiri abiri. Uno mwaka bari biteze kurangiza amashure yisumbuye. Nk’uko bo nyene ubwabo babinyagiye, kugira bagire izo mbanyi zabo ntibafashwe ku nguvu. Ahubwo zaturutse muri uko kugorobeza mu bibanza rusangi n’abahungu bagenzi babo bwahwibira bakikinga agahumbezi, bagakora ibinezera imibiri yabo. Ubu bakaba babayeho bicuza.

Ico bikoze, naho bifise ingaruka mbi siko urwaruka ruvyigirwa kure! Ahubwo mbere bikomeza kwibonekeza irya n’ino. Ari nayo mpamvu nashatse kumenya ico bivako, ngo noneho ngire ico nterera kugira bigabanuke.

« Abavyeyi babifisemwo uruhara »

« Ivyo biva kenshi ku mwitwarariko muke abavyeyi bagirira abana babo. Biyumvira ko iyo umwana umuhaye imfungurwa n’ivyambarwa, akagira aho ataha, ngo biba bikwiye. Ukwo ni ukwihenda. Umwana yari akwiye guhabwa inkingi z’ubuzima kuva akiri muto cane, babicishije mu kuganira kenshi, gukina, kumuba hafi, eka mbere agahinduka umugenzi » ; iyo ni impanuro ya Nibaruta Médiatrice, umuhinga mu vy’inyifato z’abana n’urwaruka. Abandanya agira ati: « Ivyo bitabaye uko, bituma umwana ashobora kugira igikomere c’uguhebwa canke gutabwa, maze agahitamwo kuja kurondera uwumwuzuza ».

Kubw’uyo muhinga rero, ngo abavyeyi barakwiye kwereka abana babo ko bafise agaciro. Abisigura ati: « Iyo wamenyereje umwana kumubwira nabi, kumuryagagura, kumubwira kw’akora nabi ibintu vyose, uwo ntaheza ngo ahe agaciro umubiriri wiwe. Amaze gukura, aca ahitamwo kuwuha abo abona ko basa n’abashaka kumuha ako gaciro, bano naho bakawukoresha ivyo bashaka ».

None rero ngo « abavyeyi ni bo bari bakwiye kwubaka abana babo, bakanabigisha ko kuja mu bushurashuzi ari ukwitesha agaciro aho kubarekera inyigisho z’imboneshakure gusa ».

 


A relire : Abigeme bakoresha uburyo bukinga imbanyi mu ntumbero zitabereye

 

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.