article comment count is: 0

Ni kuva ryari ivyumba vy’amasengesho vyahindutse amavuriro ?

Ivyumba vy’amasengesho ni ivyumba abakirisu bamwe bamwe bahuriramwo maze bagasengera hamwe. Itegeko nshikiranganji nomero 530/310 ryaje riha intumbero ibereye kugenga ibikorwa vy’ivyo vyumba ariko haracari akagihaze nk’uko Franck Arnaud Ndorukwingira abibona.

Mw’itegeko nshikiranganji nomero 530/310 ryo kuwa 15 Ntwarante 2018, mu ngingo zaryo za kane na gatanu, « amasengesho yo mw’ijoro mu vyumba vy’amasengesho ategerezwa kuba yamenyeshejwe abarongoye intwaro, ndetse yanabironkeye uruhusha ». Ubu rero ababa hafi ya bene ivyo vyumba bakaba biruhutsa.

Umupfasoni Uwimana Janine wo muri komine Ntahangwa, ni umwe mu babaye hafi y’icumba c’amasengesho cegamiye ishengero ry’itsinzi rukristu (“Victory Christian Church”, mu rurimi rw’icongereza). Ku bwiwe ngo ubu araryama agasinzira. Araheza akavuga ati : « Iryo tegeko ritarajaho, wagira aho wotoye agatiro, ukumva ingoma n’urwamo rw’abariko basenga, bavuga indimi zidatahuritse, n’induru nyinshi. Ariko, ubu ivyo gusenga mw’ijoro vyarahagaze, turashima cane ».

Ariko rero n’aho biri uko, ntibihagije. Iruhande y’abaza kubisengeramwo, hari n’abarwayi bavyitura, bakahamara iminsi, ndetse bamwe bakanahasiga ubuzima. Maze umuntu agaheza akibaza niba koko ivyo vyumba vy’amasengesho vyarahawe uburenganzira bwo guhindurwa amavuriro.

Abo rero bicwa n’ukutamenya

Muganga Ndayizeye akorera mu Bitaro vyitiriwe umuganwa Karori amenyesha ko ata kwezi kwijana bataronse abarwayi baje baremvye cane kandi bavanywe mu vyumba vy’amasengesho. Eka mbere yaratweretse Aline, umwana w’imyaka cumi n’ibiri, aturuka i Gihanga, yagira ahitanwe na malariya kubera ivyo vyumba. Aline agira ati : « Mawe ni we yanjanyeyo, tumarayo iminsi itatu. Kari akumba gato cane ku buryo kashuha cane, urwamo rw’ingoma ndetse n’ijwi ryo hejuru basengeramwo vyatuma nguma ndemba. Ngize ngo ndashuha, banshirako agatambara bakanyishije mu mazi yasengewe na pasitori. Nabandanije ndemba, gushika aho naravye babona kuhankura ».

Muganga Ndayizeye yuhiriye avuga ko atari bose bahava bagihema. Arashinga intahe ati : « Nta kwezi guheze, umwana yari arwaye ingwara ikamya amaraso kandi yama aza ngo tuyamwongerereze yarahasize ubuzima. Umuvyeyi wiwe rero yahavuye amujana mu vyumba vy’amasengesho, bivuye ku mohe y’abo basenga hamwe, aza kumuzana yaremvye ataco turi bukore, ahava aracikana ».

Ivyo rero hari abavyungukiramwo

Pasitori Meshak atashimye ko mvuga izina ry’isengero ryiwe, aremeza ko ivyo bihari kandi bigwiriye, akegeka ikosa ku barongozi b’amashengero amwe amwe. Avuga ati : « Ugusenga ni uburenganzira bwa muntu, ariko ntivyari bikwiye ko hagira uwubangamira uwundi canke ngo ace kubiri n’amategeko y’igihugu». Ivyo kandi turabisoma mw’ibwirizwa nshingiro rishasha ry’Uburundi, mu ngingo ya 27.

Kuba hari abarwayi barembera mu vyumba vy’amasengesho, bitandukanye n’iyo ngingo. Pasitori Meshak ahanura ubutegetsi gukurikiranira hafi ibikorwa vy’amasengero, bugahana mbere bukugara amasengero n’ivyumba vyayo bidakurikiza amategeko. Gutyo abanyagihugu bazoba bariko barakingirwa bikwiye.

 


Soma kandi : Irwirirana ry’amadini rishimikiye ku kwemera kw’Abarundi ?

 

Partagez-nous votre opinion