article comment count is: 0

Hari imiduga yunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura itabikwiye !

Mu gisagara ca Bujumbura, abatari bake bafata imiduga rusangi mu kwiyunguruza, bava mu makaratiye baja ku mirimo hagati mu gisagara canke mu gutaha. Ariko rero, uburyo imwe muri iyo miduga ishaje, bituma umuntu yokwibaza nimba koko ikora mu nzira zizwi n’amategeko canke hari iyo bapfa gushira mw’ibarabara uko nyene.

Kw’igenekerezo rya 26 Mukakakaro, umwaka w’2018, harya hahoze isoko nkuru ya Bujumbura, imwe muri za modoka rusangi zunguruza abantu yarahiye iratokombera. Iyo modoka ikaba yari ihejeje gushikana abantu baje bava mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura, muri zone ya Kanyosha. Ivyo kandi vyaranyibukije ko haciye imyaka ibiri n’amezi ane n’iminsi mikeya isanganya nk’iryo ribaye muri karatiye ya Rohero. Hari kuwa 9 Ntwarante, 2016, aho imodoka nk’iyo nyene yahiriye muri iyo karatiye.

Iciza muri ivyo bihe vyose, Imana yarakinze, nta wahasize ubuzima canke ngo akomereke. Ariko rero, ikibabaje ni uko ata giheza ngo gikorwe, nk’uko womengo ayo masanganya nta cigwa atanga.

Myinshi muri iyo miduga irashaje cane

Hari aho winjira muri mwene iyo miduga, ukagenda wiyumvira ko uhava ushika amahoro iyo uriko uraja. Imwe igenda irajegera, iyindi ikagenda irafumba umwotsi birenze urugero, iyindi nayo igahinda ku buryo vyumvikana ko imoteri yayo ishaje cane. Hari n’ukuntu bene imodoka basigaye bakura mu modoka za ntebe ziba zarakoranywe n’umuduga, bagashiramwo izindi za magendu, kugira bongereze ibibanza vy’abicara, maze ingenzi zikarushirizaho kugundana.

Igitangaje ni uko iyo miduga yama iriko iraca, iminsi yose, imbere ya ba bapolisi bajejwe umutekano wo mw’ibarabara. Iyo badasavye karangamuntu gusa, barasaba bimwe mu biranga uwo muduga, nyene imodoka akabandanya iyo basanze bikwiye, canke bakamuca amande iyo bidakwiye, hama akabandanya inzira yiwe. Muti mbe none ko muri ivyo bipapuro biranga imodoka harimwo ivyerekana ko ikomeye, ababitanga baba baravye iki kuri iyo ngendeshwa ? Nico kigoye kumenya.

Ku rundi ruhande, umuntu yokwibaza nimba igisata c’ukwunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura atari co kuburiro rya mwene iyo miduga ishaje. Kuko hari imiduga uza ubona yiyongeyeko mu bituro, ariko utigeze uyibona ikiri mishasha.

« Iyo batereye amagara hejuru… »

Abarundi barayamaze ngo iyo batereye amagara hejuru umwe wese asama rwiwe. None ko bene kugendesha imodoka bironderera kwinjiza amafaranga gusa, ubuzima bw’abiyunguruza nabwo ni nde abwitayeho? Ikizwi coco n’uko hasanzwe hari inzego zijejwe gukurikirana ko iyo miduga imeze neza kugira ngo abayigenderamwo babashike iyo baja neza kandi bagende bicaye neza. Ariko igiteye amakenga n’ukubona ingene iyo miduga ishaje cane ari myinshi. Harakwiye kugira igikozwe mu maguru masha. Niho abiyunguruza bazofata iyo miduga batekanye kandi bakongera bagashika iyo baja amahoro.

 


Soma kandi : Amahinduka mu kwiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura

 

Partagez-nous votre opinion

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.