article comment count is: 5

Indamutso ibereye ijambo ry’ikirundi mu rubanza ni iyihe ?

Mu Burundi, uko intwaro zagiye zikuranwa, kuva ku za cami kugeza ku ma republika, utibagiye umuzo w’amadini, uburyo Abarundi bagenda baramutsa mu kuvuga ijambo ry’urubanza bugenda buhindagurika. Aho bigeze ubu, indamutso zarabaye nyinshi ku buryo atawukimenya indamutso ibereye mu rubanza iyo ari yo nk’uko Onesphore Nibigira abibona.

Muri ino myaka, iyo haramutse hari urubanza, iyo umuntu agira afate ijambo, uza wumva bamwe ngo : « Tugire Kristu ! », abandi ngo : « Yesu ashimwe/ Yesu akuzwe ! ». Abakigerageza kwigana uko aho hambere vyakorwa nabo bakagira bati : « Tugire amahoro ! ». Ariko no ngaho nyene, umwe wese usanga aca yongerako ayandi majambo, ugasanga ni icipfuzo canke iciyumviro gifatiye kw’idini canke ukundi kwemera uwugira avuge ijambo aba afise ku mutima. Mu gihe dusanzwe tuzi agaciro akaranga k’ikirundi gaha ijambo, kuba uburyo ijambo rivugwamwo bugenda buratituka uko ibihe biha ibindi, ntivyobura gutera amakenga. Ari na co gituma ngera ahantu nkibaza nti none indamutso ibereye mw’ijambo ry’ikirundi riryohoye neza ni iyihe ?

Uko vyagiye birahinduka

Kare na kare, nyene kuvuga ijambo yararamutsa ati : « Tugire amahoro ! », maze akongerako icifuzo cerekeza urubanza agiye kuvugira ijambo. Nk’akarorero, iyo ari mu rubanza rw’ubukwe, uwuvuga ijambo aramutsa ati : « Tugire amahoro n’ubumwe mu miryango ! » ; kuko na none urubanza ruba rujanye n’ukwunga ubumwe hagati y’imiryango yasabanye. Ariko rero, ivyo vyagiye birahinduka urunganwe ku rundi, canke mbere bivanye n’ukuntu intwaro zagiye zirakuranwa.

Hari umuhumure w’imyaka mirongo umunani mperuka kuganiriza, ni we yambwiye ngo : « Ku ntwaro ya cami, baramutsa bavuga izina ry’umwami yaba ari ku ngoma ». Agatanga akarorero ko mu gihe yaruka ati: « Kuri Mwambutsa, bavuga bati: ‘Gira Mwambutsa !’, abantu na bo bakishura bati: ‘Naganze’ ». Hamaze kuza intwaro ya Republika, baciya batangura kuvuga bati: « Tugire amahoro n’umugambwe w’abadasigana Uprona ! », kuko ico gihe hari umugambwe umwe wari ku butegetsi, ari wo Uprona. Hamaze kuba amasezerano y’Ubumwe bw’abarundi naho, mu mwaka w’1991, Leta y’ico gihe yashinze ko mu kuramutsa ijambo havugwa ngo: « Tugire amahoro n’ubumwe bw’Abarundi ! »

Ubuheruka, mu kwezi kwa Myandagaro mu mwaka w’2013, Leta yashinze ko amajambo ashikirizwa n’abakuru aramutswa ngo : « Tugire amahoro, ubumwe, ibikorwa, iterambere n’ubutungane !» Ni uko rero, umwe wese aho aherereye no mu bubasha bwiwe, agenda ahinyanyura indamutso y’ijambo ry’urubanza uko yumva ashaka ko ivugwa.

Harakenewe intumbero

Ijambo ni kimwe mu nkingi z’imico n’akaranga vy’ikirundi. Ukutubahiriza inyubako yaryo, haba mu mero canke mu mpinyanyuro yaryo, bituma ritakaza akanovera ryari risanganywe.

Kira noneho, uko urunganwe rugenda rusiga urundi, imico n’akaranga mvamahanga bitera binywana cane n’ivy’iwacu. Gutyo akaranga kacu kagatituka. Ubu rero, hari hakenewe cane ugucungera mu buryo bushimitse iryo tunga rusangi.

Ku bwanje, nkabona ko abahinga n’abashakashatsi mu vy’indimi, amayagwa n’imibano, bakwiye kwicara bakiga hama bagashira ahabona inyubako y’ijambo ry’urubanza mu Kirundi. Maze ivyo bikigishwa no mu mashure, abana b’Abarundi bagakura bazi kuvuga ijambo rifise akanovera. Kanatsinda ngo uta akaranga ukaba utaye akabanga.

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (5)

  1. hariho vyinshi mutavuze ubu jew binsiga kuko naje ndabikurikirana hagufi kar bavuga tugire amahoro bakitabira nasasagare abandi tuyaharanire ayo majambo nayo ndashaka impamvu yaratandukanye ariko rero ikibazo kindi nukuntu mumanza rusangi zimiryango tubura uko twitabira kuko nahonyene umengo bihakwa kujamwo izindi ntumbero

  2. Twihwej undamutso zisigaye zikoreshw mu Burundi, hazogera igihe zicanishamw abarundi bivanye n’amadini bakomokmw.
    Nk’akarorer,ni haba urubanz rw’um catholique ham hagez kw’ijamb bakavug »tugire kristu »n’uk uvug aba musulmans cank aband bava muyand madini bazob baj mur’urw rubanza,uzoc umeng bakumiriw arivy bizoc bituma badasubir guhuz ukazosang atamuntu azosubir ku rubanz rw’uw badasangiy idini n’ubw baba ari incuti.
    Vyiza abahinga muvy’imvugo barakwiy kurab imvugo ihumuriza bose ,n’ukuvug idakumira kugra Bose bavyumv kumw nakare n’abarundi bose bikwirind ibibatandukanya

  3. Ahubwo uretse ko ijambo ry’ikirundi ryatitutse n’ururimi ubwarwo rwaratitutse nk’abariko baruka ubu ntibazi neza ikirundi.
    Jew mbona hakwiye gushingwa Académie Rundi sinon ururimi rwacu ruzozima burundu

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.