eau - lac - couché de soleil
article comment count is: 0

Bujumbura : ubukene bw’amazi ya Regideso burabangamiye abatari bake

Ukwo umwaka utashe, mu mezi amwe amwe, usanga hakunda kwibonekeza ubukene bw’amazi ya Regideso mu turere tutari duke tw’igisagara ca Bujumbura. Abatari bake baribaza igituma ivyo biba kandi bikaguma vyisubiriza.

Muri ino minsi y’ici, usanga mu turere tumwe tumwe tw’igisagara abantu bidoga cane ko baronka nabi nabi canke, mu minsi imwe imwe, bakanabura amazi ya Regideso. Abenshi bakavuga ko kugira ngo bashobore kuvoma barinda kuvyuka mu gicugu, hagati y’isaha icenda na cumi z’ijoro. Ivyo rero babikora ukwo kuko uwucerewe kuvyuka akaza kwiyumvira kuvoma harya mu masaha ya cumi n’imwe z’igitondo asanga amazi yamaze gukama.

Naho biri uko, ntivyama vyakunze iminsi yose kuko hagera n’igihe ugasanga iryo joro ryose ayo mazi ntaje, eka mbere bihora binashika aho amazi ashobora kubura iminsi ibiri yikurikiranya nko mu makaritiye ya Gasenyi na Gihosha, mu buraruko bw’igisagara.

Ubuzima bukarushizaho kugora

Iyo uzindutse, ubona abantu benshi bariko bayererana ibivomesho mu ntoke no ku mitwe, barondera iyo bokura amazi. Abafise imiduga baraheba bakayikoresha kugira ngo baruhurire abakozi canke kugira ntibarinde kuyagura. Abadashoboye kuja kuyironderera nabo baraheza bagatanga amafaranga hanyuma bamwe bagendesha amakinga bakaja kuyabavomera mu yandi ma karitiye usanga bayafise.

Gutyo rero, umunywanyi wa Regideso avunika kabiri, kuko iruhande y’ugutakaza umwanya yokozemwo iyindi mirimo, akawumara arondera canke arindiriye amazi, araheza akariha amafaranga ashika igihumbi n’amajana atanu canke arenga kugira ngo bashobore kumuzanira ibido zine z’amazi, bivanye n’igihe ayarondereyeko.

Ikibazo umuntu aheza akagira ni iki : ko biguma biza birashika buri mwaka, nta co Regideso yokora kugira itorere umuti urama ico kibazo kibabaje benshi ?

Hakwiye umuti urama

Insiguro dukunda kumva zatanzwe ni uko mu gihe c’ici, urugero rw’amazi mu kiyaga Tanganyika, aho Regideso isanzwe ikura amazi itanga, rukagabanuka.

Ariko rero, naho urugero rw’amazi ya Tanganyika rwogabanuka, nizeye ko ivyuma bikoreshwa mu kuyavoma bishobora kubandanya biyashikira kandi bikayavoma ku rugero rukwiye. Nimba naho ikibazo coba kiri ku bibanza ayo mazi asukurirwamwo imbere yo kuyaha abantu, ivyo navyo nyene vyokwiyumvirwako, vyaba na ngombwa ivyo bibanza bikanagurwa kuko n’igisagara kibandanya kwaguka maze amazi akaguma akenewe gusumba.

Kubw’ivyo rero iryo shirahamwe ridufasha kuronka amazi buri munsi ryari rikwiye gufata ingingo zituma naho hoba mu gihe c’ici, abanywanyi babandanya kuronka amazi kandi mu gihe cose bayakenereye. Ivyo vyonabandanya bigirira akamaro iryo shirahamwe kuko, uko abantu bakoresha amazi menshi, ni ko amafaranga yinjira mu kigega caryo.

 


Soma kandi : Ubukene bw’amazi meza ku Mugoboka

 

Partagez-nous votre opinion

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.