Femme-fumer
article comment count is: 0

Kunywa itabi ku bigeme n’ukwidegemvya canke n’uguta akaranga?

Mu buzima bwa minsi yose aha mu Burundi, turamenyereye kubona abagabo canke abasore banywa itabi. Ariko ni gake ivyo biboneka ku bagore canke abigeme bakiri bato. Turetse ingaruka mbi itabi risanzwe rifise ku magara y’abarinywa, ukubona umwigeme afise umusogoto ku munwa ntibifatwa kumwe mu kibano.

Umwigeme umwe yitwa Aline avuga ko yanyweshejwe itabi n’abagenzi: “Natanguye kunywa itabi bivuye ku bagenzi. Ni nabo batumye ndabibandanya kuko natinya kubatakaza”. Uwo murondo akavuga ko ababanyi canke abandi bantu batabibona neza. Avuga ati: “Kubona umukobwa anywa itabi bamwe mu babanyi babifata nk’ibintu womenga biratangaje cane kuko usanga bafata uwurinywa nk’uwataye indero canke umukobwa w’igishushungwe”. Mbere ngo hari n’abagenzi yari afise, bamaze kubona canke kumenya ko anywa itabi, baciye batangura kumwinuba, ubugenzi bwabo bugabanuka gutyo. Ariko kuri we ngo ntaco bimutwaye kuko ngo: “Nimba ku bahungu bidateye isoni, ku bakobwa ho kuki?” Ari naho mbere abakobwa benshi barinywa babanza kwinyegeza kubera gutinya ko abantu bababona nabi.

Ico ubushakashatsi bubivugako

Naho batabikorera ku mugaragaro rero, burya abakobwa banywa itabi si bake, nk’uko Abarundi bohava bavyibaza. Ivyo rero ntivyibonekeza kuko benshi babinyegeza. Ivyo ni mugihe icegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu co   mu 2018 cerekana ingene ibitigiri vy’abanywa itabi bizoba bingana mu mwaka w’2025. Ico cegeranyo cerekana ko naho abahungu bazoguma ari bo benshi, ukugabanuka kw’abakobwa banywa itabi kuzoba ari guto ugereranije no ku bahungu. Vyibonekeza ko kugabanuka kunywa itabi ku bakobwa kuzoba guto muri Africa ari naho Uburundi buherereye. Ivyigwa birongera bikamenyesha ko urugero rw’abakobwa bari hagati y’imyaka 13 na 15 banywa itabi muri Afrika, naho rutarashikira urwo mu Burayi na Amerika, rwasumba incuro zibiri urwo mu yindi migabane y’isi hagati y’2000 n’2017. Ariko tukamenya ko muri ico cegeranyo ata biharuro vyerekeye Uburundi gusa birimwo, maze ivyo bigatuma hatamenyekana neza uko vyifashe hano iwacu.

Ico twomenya

Naho nyene ata vyigwa birakorwa n’abahinga ngo berekane urugero abakobwa n’Abarundikazi bagezeko mu kunywa itabi, ntibikiri agaseseshwarumuri ko nabo nyene barinywa co kimwe n’abahungu. Kanatsinda si rimwe kandi si kabiri twama twabonye mu bunywero, mu butambiro canke mbere no mu bibanza bimwe bimwe vyo ngaha mu gisagara, abakobwa bashobora banywa itabi ataco binona.

Ariko rero, yaba ukwidengemvya nk’uko abakobwa bamwe bamwe babiharanira, canke guta akaranga nk’uko abakunda ivy’imico y’ikirundi bavyagiriza abo bigeme, kunywa itabi biguma bifise ingaruka mbi nyinshi. Na cane cane ku magara y’uwurinywa, utaravye ngo ni umukobwa canke umuhungu. Aboshaka rero bokwirinda kunywa iryo tabi kuko nta majambere arimwo.

 


Soma kandi : « Natanguye kunywa itabi mfise imyaka icenda: ico vyavuyeko n’aho vyanshikanye »

Partagez-nous votre opinion

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.