article comment count is: 0

Burundi : agateka k’abana bapfunganywe n’abavyeyi ntikitaweho

Abana bavukira canke bagakurira mu mabohero barababara cane. Uretse ko bazira ivyaha batakoze, nta n’uwubitaho. Mu minsi iheze twarumvise ibijanye n’ubuzima bwa Mugisha ariko rero hariho n’abandi nk’ukwo Landry B. Mugisha abituyagira.

Haraheze minsi, nari nazindukiye kwivuza ku bitaro vyitiriwe umuganwa Karori. Nari natonze kw’isango nahawe na muganga. Twicaye hanze, ku gatebe, turindiriye ko muganga atwakira, tubona hirya haserutse abapolisi batandatu bahagatiye abakenyezi batatu, bose bafise utwana dutoduto mu minwe. Nkibabona nagira nti boba ari muri bamwe mu nzego z’igihugu zicungerewe. Ngize ntya, niho nabona ko nyabuna bambaye ya myambaro y’abapfunzwe. Abo rero bari baje kuvuza ibibondo vyabo.

Haciye akanya gato, umwe mu bo twari twicaranye mbona atanguye gukorora amasozi. Aho ndi nkagira nti ni ububabare bw’ingwara afise buriko buramuriza hanyuma ngira ikibabarwe, ndamwegera, ndamubaza igituma arira. Buhorobuhoro, arateba araserura akari kamubakiye, nsanga ni ivyo yari ahejeje kubona, bimwibutsa ubuzima bubi yaciyemwo akiri umwana mw’ibohero.

« Nazize akabi ka mama »

Nikita (yahinduriwe izina) ni umwigeme w’imyaka mirongo ibiri n’ibiri ; yavukiye mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Ubu abayeho yikorera utwiwe, akaba akora urudadanzwa rw’utuntu dutoduto, hamwe n’ubundi bugenegene hano mu gisagara ca Bujumbura. Muri uwo mubabaro nyene yari afise hanyuma anyiganira ati : « Mama yari muri bamwe badandaza imibiri. Igihe kimwe afatirwa mu busuma n’abo bari basangiye umwuga, aca ahanishwa umunyororo w’imyaka indwi. Haciye amezi atatu apfunzwe, ni ho yamenya ko yibungenze, ahava amvyarira mw’ibohero. Twaciye tubana na we aho yari apfungiwe gushitsa nkwize imyaka itatu. Niho yiga umugambi wo gutoroka ibohero abifashijemwo n’umwe mu bapolisi bacunga ibohero. Yategerezwa gusohoka mw’ijoro, aca ahitamwo kugenda ansigayo. Amatwi ansumira, ngo bavuye aho bafata inzira ija muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo, kuko bari bahisemwo ko amutorokesheje bazoca bubakana.  Kuva asohotse ibohero, ntiyasubiriye kuhagaruka. Mba nsigaye jenyene ata muvyeyi n’umwe turi kumwe, bose ngaho mw’ibohero barantererana. Nca nkura ncumukuye mu gutumwa n’ugukorera udukorwa abandi bapfungwa kugira mbeho. Aho narara siho nirirwa canke ngo ngorobeze. Abo tubana ntibasiba kuncurira ngo navutse ku giti, nkabaho nk’inyoni iguruka itazi iyo ija. Kukaba nka ko si nagira uwo nitirirwa ! Ivyo bikambabaza ku mutima kuko vyama binyibutsa uwansize mw’ibohero ataco nagirizwa cotuma mbaho mboshwe. Nca mba muri ubwo buzima gushitsa ku myaka indwi. Nagumye mfunzwe, bene kungumya bakitega ko uwatorotse azohava aza kundaba hama ahave afatwa. Amaso aherayo, imyaka yari yaraciriwe mba ari je ndayisozera ».

Abana baba mu muabohero ni benshi

Maze kwumva iyo nkuru, nahavuye mpitamwo kuja kuraba uko vyifashe mwibohero kuko nari natoye inomero za Claudine*, umwe muri ba bavyeyi twahuriye kwa muganga. Isango ntiryatevye gushika, turabonana mw’ibohero aho basanzwe baganirira n’abaje kubaramutsa. Uno yaje azananye na Joselyne*, umwe mu ndongozi z’abakenyezi bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Baranyagira ubuzima babayemwo n’abana babo.

Abo bavuga bati : « Mu myaka yahera, abakobwa n’abagore baba mw’ibohero rya Mpimba baratwara inda cane. Vyatumwa n’uko abagabo n’abagore bafungirwa hamwe. Ariko, kuva muri Munyonyo 2014, abagabo n’abagore baratandukanijwe. Ntamigenderanire bagirana mu buraro babamwo. Vyaratumye ata bagore baba bagisamira imbanyi mw’ibohero. Uyu munsi hari abana bashika kuri 15 badashikana imyaka 5 bafunganywe n’abavyeyi babo. Abo bose ni abaje bibungenzwe hama bavukirayo canke nyina agahitamwo kuza amuzanye, mu gihe aciriwe igihano co gupfungwa ».

Agateka k’abo bana gakwiye gukingirwa

Abo bana babayeho mu buzima bugoye cane. Mu gihe aho kurara hasanzwe ari hato kuri bose kubera ubwinshi bw’abafungwa, kuronka aho uryamika umwana wawe biba ikibazo. Ndetse ivyo, birazwi ko umuvyeyi yibungenze canke uwonsa akenera vyinshi bimusahiriza mu ngaburo. Ivyo na vyo biragoye kubironka kuko baguma kuri za mfungurwa z’abapfungwa, zigize kuba nke ntizinakwize ivya nkenerwa.

Naho biri uko, Uburundi bwarasize umukono ku masezerano mpuzamakungu yo kuwa 20 Munyonyo umwaka w’1989 yerekeye ugukingira agateka k’abana bari mu mabohero biturutse ku vyaha vy’abavyeyi babo. Nkabona ko inzego z’ubutungane hamwe n’izijejwe agateka ka muntu, na cane cane abitaho agateka k’abana bari bakwiye kugira ico bakoze kugira ngo bene abo bana bareke kuzira ubusa. 

*: yahinduwe izina

 


Soma kandi : “Rurahinda”, “Ndimubansi”,…kuki twita abana amazina uko tubonye kwose?

Partagez-nous votre opinion

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.