Pillule-femme-contraception
article comment count is: 2

Abigeme bakoresha uburyo bukinga imbanyi mu ntumbero zitabereye

Naho uburyo bukinga ugusama imbanyi umuntu atiteguriye bwari bwagenewe abubatse canke abamaze gushika mu bigero, ngo hari abigeme batarashika mu bigero usanga babukoresha. Ivyo rero ngo bifasha iyo miyabaga kwishora mu ngeso z’ubushurashuzi nk’uko Ndikumwenayo Rénovat atera ivyatsi imigambi n’amayeri ya bene abo bigeme.

Mu mashure, mu ma radiyo n’ahandi, twama twahawe inyigisho z’ukuntu twoshobora kwirinda indwara zifatira mu mibonano mpuzabitsina hamwe no kwirinda gusama imbanyi tutipfuje.

Muri iyo ntumbero, barashimikira ku kwihangana hama abo bidakundiye nabo bagasabwa gukoresha agakingirizo. Iruhande y’uko gukoresha agakingirizo rero, ubundi buryo bukoreshwa na cane cane ku bamaze kwubaka  izabo. Aho twovuga nko gukoresha akagegene, akanyuzi canke agashinge n’ibundi nk’ukwo ubwo buryo butegekanywa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu n’ukurwanya SIDA  mu mugambi wa Leta ujejwe kwigisha irondoka rijanye n’amagara meza.

Naho ubwo buryo bwagenewe gufasha ingo n’imiryango mw’irondoka rijanye  n’amagara meza, hari abigeme mbere bataranashika mu bigero basigaye bikika mu  kiza bakabukoresha.

Ukwo abigeme bishora mu bushurashuzi

Nadine (izina ryiwe ryahinduwe) ni umwigeme aba mu gisagara ca Rumonge, afise imyaka cumi n’itanu akaba adandaza umubiri mu mpisho. Kugira menye ivyiwe, namusanze mu biro vy’inyamiramabi vyo muri komine ya Rumonge aho nari mperekeje mugenzaje kwitwarira abamurenganije.

Uno mwigeme nawe rero yariko aburanya umuremeshakiyago abifashijwemwo na nyina wiwe. Mu mburano ziwe, yagiriza uwo muremeshakiyago ko ari we yamukwegeye muri ubwo bushurashuzi. Uwo mwigeme rero yaraheza agatanga insiguro z’uko ari we yamwigishije ingene yokoresha akagegene atako amurungika kw’ivuriro ryomufasha kuja kuri ubwo buryo, nawe araheza abikora uko.

Icantangaje muri urwo rubanza ni ukubona ingene umwigeme na nyina bifatanije mu kuburanya uwo muremehakiyago. Ivyo rero bakabifata nk’uko womengo n’uwo muremeshakiyago yafatiye ingingo uwo mukobwa yo kuja ku buryo bukinga imbanyi ititeguriwe kugira ngo ace yishora muri iyo ngeso mbi yo kudandaza umubiri .

Ibintu bikwiye guhinduka amazi atararenga inkombe

Twese turazi ko umambi w’irondoka ku rugero ari ngirakamaro kandi ukwiye gushigikirwa cane. Ariko rero naho biri uko, abigeme ntibari bakwiye kwikika inyuma yawo mukwishora mu nzira z’ubuhumbu. Ico mbona ni uko abakobwa bakoresha ubwo buryo baba bashaka gusasira indava ubushurashuzi mu kwitwaza ko ari ukugira bikingire imbanyi batipfuje. Ivyo rero ndabifata nko kwambika ibara n’ugutosekaza uwo mugambi w’igihugu wari ugamije kubogora vyinshi.

Aho niho rero mpera ngasaba Leta ko yomera magabo kw’ikoreshwa ry’ubwo buhinga. Abigeme, na cane cane abatarashika mu bigero, bakamenya ko ubwo buryo bataburekuriwe, uwufashwe abukoresheje canke umuganga afashije uwutemerewe n’amategeko gukorasha ubwo buhinga bagahanwa bimwe vy’akarorero.  Ivyo vyotuma ababukoresha mu nzira zitabereye bagabanuka maze benshi bakamenya ko ubwo buryo butaje gutuma bata imico n’akaranga keza vyamye biranga Abarundi.

Ivyo rero bimaze gukorwa uko, vyonabakingira urwaruka za ndwara zifatira mu mibonano mpuzabitsina, hama kazoza kabo kakaba keza.

 


Soma kandi : Ukuyonga, canke ukuzirika imbanyi, vyoba bibaho ?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)

  1. Kuki atawubuza abagabo n’abasore gukoresha agakingirizo? Nibaza ko gukoresha ubwo buryo bwo kwikingira imbanyi ari avantage na canacane ku bigeme n’abapfasoni! gutwara imbanyi utifuza burya sicoroshe kandi bigirira ingaruka mbi cane cane abakobwa bakiri bato, ntimubake rero ubwo burenganzira bwabo! kuko Uwafashe inzira y ubuhumbu canke kudandaza umubiri ntazobiheba ngo nuko yabuze ivyo! Kandi vyamyeho n imbere yuko ubwo buryo buza n ubu bizokwamaho! Kimwe gusa ntawobiha umu mineur( – de 18 an

  2. Monsieur Rénovat, le rédacteur de cet article ,semble ignorer complètement l’existence des lois qui mettent les femmes ,les filles et les hommes au même pied d’égalité devant la loi: *Egalite des sexes*.

    Voir Constitution du Burundi.

    Monsieur Rénovat semble croire que les filles et les femmes non mariées n’ont pas le droit de faire l’amour,et qu’elles n’ont pas le droit de le faire avec les personnes de leur choix, de l’autre sexe, mariées ou pas.

    L’important étant de le faire dans la pudeur et dans le respect des lois protégeant les enfants, les mineurs, et le mariage (sans offense).
    Monsieur Rénovat est un puritain et c’est son droit, mais il doit savoir que ce qu’il prône est un simple point de vue parmi des millions d’autres façons différentes de voir les choses et très différemment.
    Monsieur Rénovat ategerezwa kumenya ko, umwigeme wese akuze, umuhungu wese akuze , barenza imyaka cumi n’umunani (18 ans ) ,barafise uburenganzira bwo guhuza ibitsina n’uwo bifuza wese , bakoresheje agakingirizo canke batagakoresheje.
    Ariko ivyiza bokwikingira bose, bagakoresha agakingirizo, na cane cane igihe batazinanyi cane,canke batizigiranye ,canke iyihe bompi batipimishije ingwara zandukira ziciye muguhuza ibitsina , canke batifuza kuvyarana.
    Rénovation Ndikumwenayo niyibuke ko Igihugu c’uburundi gifise itegeko ngendegwako ,ibwirizwa nshingiro, rishira umukobwa n’umuhungu mukibanza kimwe, bakangana, yongere amenye ivyiyumviro bitajanye n’iyo ngingo bitarekuriwe kwemezwa.
    Gira amahoro.

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.