article comment count is: 0

« Natanguye kunywa itabi mfise imyaka icenda: ico vyavuyeko n’aho vyanshikanye »

Ni  igenekerezo rya 31 Rusama, amakungu arahimbaza umusi wahariwe kurwanya amabi aturuka ku kunywa itabi. Mu mugwi w’abihereza itabi mu Burundi, harimwo n’abana bakiri bato. Ariko ivyo bizi bake. Muti none biterwa n’iki? Abo bana bo biraheza bikabashikana he? Divin Dushime aradushingira intahe.

Natanguye kunywa itabi nshikanye imyaka icenda. Nanywa iryo mbonye ryose, kuko nta mahera nashobora kuronka yo kuryigurira. Gutyo nkihereza iry’ikirundi canke ibicebice ntoye mw’ibarabara, vyasigajwe n’abamye bararinywa.

Si ukuvuga ko nari nyobewe amabi aturuka ku kunywa itabi, ariko ico nticambujije kuryihereza. Kuko numva ndemerewe n’ingorane nari mfise.

Hirya no hino uzokwumva ngo « umwana wa kanaka yabaye icanke »; kuko aba yatanguye kwihereza ibiyovyabwenge, canke yadukanye izindi ngeso. Ariko, naho nyene benshi bihutira gutera ivyatsi ingeso ico kibondo kiba cadukanye, si benshi bitaho kumenya canke gutorera umuti imvo zatumye uwo mwana ahinduka, akononekara. Ni ko vyangendeye.

Nari mbayeho mu mubabaro n’agahinda bidasanzwe. Ubuzima narimwo sinashobora kubutahura. Umuvyeyi wanje naramubona ngaho, ariko ntitwaba hamwe, maze nkibaza igituma, nkabura. Sinarinzi ico vyavuyeko kugira abavyeyi banje batandukane. Maze ivyo bintera kwibwira ko ata muntu n’umwe mw’isi yoba ankunda, kuko nabona n’uwari yaranyibarutse yari yantaye.

Nca mpitamwo kwiyahura…  

Ubwa mbere nabanje mpitamwo kunywa itabi. Nari maze kumva abavuga ko rishobora kugabanya ivyiyumviro. Abambona, babona umwana aryohewe, ariko umutima wari wuzuye agahinda. Narinywera aho batambona. 

Ariko rero, igihe cose narinywa, ryantera kwibuka gose ibibazo nagenda ndahura navyo. Ishavu ryari ryinshi muri jewe. Nshikanye imyaka cumi n’ibiri, ndabona ko itabi ritagishoboye kumara ingorane numva mfise muri jewe, nca mpitamwo kwiyahura. Naragerageje kwiyaka ubuzima nkoresheje ishano rya « acide », ariko Imana irakinga. Ninyegeje mu cumba, bugingo ngiye kunywa iryo shano, agatima karakubita, nibuka ko mama ndamusize wenyene, kandi ari we wenyene nabona ko agerageza kunyitaho. Nca nsubiza hasi. Ariko ntivyaherera aho. 

Haciye nk’umwaka, mpitana imbugita, ndayikarisha, nongera kugerageza kwiyahura, kuko n’ubwo izo ngorane ntizari bwahere. Bugingo ndayishize ku mubiri ngo nicumite, ka gatima k’ubwa mbere kongera gutera. Nca ndayita hasi nihuse. Ico gihe cose nagerageza kwiyahura, narindishwa n’uko naba mpejeje kunywa iryo tabi. Inyuma y’iyo ncuro ya kabiri, numva ndiyanse cane, mpitamwo kuriheba,  naho nyene bitanyoroheye. 

Maze kwifatira ingingo ntabanduka yo guhindura ivyiyumviro, nca negera mama, ndamwiganira ingorane mfise, n’incuro zose maze kugerageza kwiyahura. Aca arushirizaho kunyitaho cane, anganiriza kenshi, mu ntumbero yo kumenya ko ata kambakiye, igihe cose. Ivyo vyaramfashije cane, mbere bituma nitaho gukurikira inzira y’amashure nk’abandi bana, mu misi iza nkaba ngiye kurangiza ayisumbuye. 

Partagez-nous votre opinion

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.