article comment count is: 0

Rumonge : Imvo zitatu zituma baharika cane

Igisagara ca Rumonge ni kimwe mu birangwamwo cane umuco w’uguharika. Ivyo rero bigasinzikaza cane ubuzima bw’ingo n’imiryango. Ndayisenga Pascal aratwiganira imvo zimwe zimwe zituma uwo mugenzo ushinze imizi mw’ico gisagara.

Ndamaze igihe kitari gito mba mu gisagara ca Rumonge, nkaba najanyweyo n’imirimo ya misi yose. Ngishika muri ako karere, natangajwe cane n’amatangazo akunda gushikirizwa ku bwinshi ku nsamirizi zaho. Akenshi usanga ari ukurangisha abana batakaye. Maze ivyo bintera amazinda, ndi bwigire inama yo kubaririkiriza ico biturukako.

Mw’iryo perereza ryanje, nasanze umuzi mukuru w’ingorane uri mu guharika. Iyo rero senaka yirundanirijeko abakenyezi, ni ko imvyaro ziba umurengera, zikaremera imiryango kubw’ubukene; ari na co gituma abana bata bakomoka, baja gusegerereza mu mabarabara y’ico gisagara ari benshi cane. Mu nyuma, nca ndondera kumenya imvo nyamukuru zituma Abanyarumonge baba mw’ico gisagara bagendera cane umuco w’ukwiyongera abakenyezi. Reka ndababwire zitatu muri zo.

1. Imigenzo y’idini

Nk’uko navyiganiwe n’umukurambere Daniyeri Ndakazi, ngo « intara ya Rumonge ni yo yatanguye kwakira abazanye idini ry’Abisilamu mu Burundi, bano nabo bakaba bazananye mu gihugu ca Tanzaniya. Maze ivyo bigatuma iyo ntara iba muri zimwe zirangwamwo cane iryo dini. »

Dusanzwe tuzi rero ko umwe mu migenzo yemewe muri iryo dini ari « ukwiyongera umukenyezi, mu gihe senaka abishoboye ». Noneho benshi bakikika inyuma y’iryo dini mu kugomba kubana n’umugore arenze umwe. Ico bikoze, ugize urabakomakoma mu kubabwira ko ivyo ari amakosha, bakwishura bati : « ugomba guhungabanya ukwemera kwa muntu !».

2. Umwuga w’uburovyi

Iyo ntara ifise ibivuko vy’uburovyi umunani. Abakora uwo mwuga wo kuroba baguma bagendagenda, maze ugasanga aho kanaka araye uyu musi siho arara ku musi ukurikira.

Yamara rero, aho nyene ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika, hari imiryango myinshi yaje kuhaba, abataja mu kiyaga kuroba ugasanga bategura imfungurwa bagurisha ku barovyi.

Iyo senaka aruhukiye kw’izo nkengera rero, maze bigashika akagomwa umwigeme canke umukenyezi w’aho hantu, ntagenda atamusigiye ikibondo.

Kira noneho, ngo « iyo umwimbu ubaye mwiza mu kiyaga, amafi n’indagara bikaboneka, usanga abagore basama ari beshi cane », nk’uko umwe mu bakenyezi baba mw’ako karere avyigana yitwengera.

3. Ubukene mu banyeshure

Divine Magorwa ni umunyeshure yiga kw’ishure ryisumbuye rimwe ry’aho mu gisagara ca Rumonge, aturuka mu ntara ya Rutana.

Uwo mwigeme ati : « iyo nje kw’ishure, iwacu bantekerera amafaranga y’ishure n’ivyo gufungura bitamaza n’ukwezi. Bishitse ubukene bukantsinda mu nzu, ndaheza nkikora ku bagenzi banje b’abarovyi, abunguruza abantu n’ibintu canke abacuruza. Hari aho baza, nkababona nk’urukiza. Ico gihe nca nemera vyose rero, kuko nta kindi mba ndi bwikoreko. »

Ubuzima bw’ingo n’imiryango ni bwo buhagwa

Ndikumana Silas arongoye ikigo citaho iterambere ry’ingo n’imiryango aho mu gisagara ca Rumonge agira ati: « Akenshi turakira abakenyezi bafise ingorane nk’uguhohoterwa biturutse ko baba bubahutse bagashengeza abagabo babo, mu gihe babaharitse. »

Si ivyo gusa! Sharatiyeri Magendera ni umwe mu barovyi baba mw’ico gisagara. Avuga ko afise abagore batandatu. Kandi ngo n’abandi azobandanya ashirako, kuko kubwiwe ngo ntaco bazobura be n’abo bazovyara. Ico bikoze, uwo mugabo ntiwomubaza amazina y’abana amaze kuvyara.

Kubwanje nkagira nti : za ngingo n’inyigisho zibuza Abarundi kurenza umugore umwe zogwizwa muri iyo ntara. Kandi zigakomezwa cane.

 


Soma kandi : Bururi na Rumonge: imanza zisesaguza

Partagez-nous votre opinion

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.