article comment count is: 3

Bujumbura : abagabo musifura abigeme mubikura kuki ?

Buri musi mu mabarabara y’i Bujumbura, ko abasore n’abagabo basifura inkumi yose babonye, bisigaye ari akame. Ariko ntibibereye. Uguca impande y’abariko bubaka inzu, mw’isoko canke hagati mu makaratiye, womengo ni ibisanzwe. Ariko abagabo n’abasore ntiborohereza ubuzima abigeme. Carole Bigirimana ati : « birarenze ! »

Tugeze isaha umunani z’umuhingamo. Ndiko ndikazanura ngo nyarukire kw’ishure. Ndi buheze kwitunganya, mpitane udukoresho twanje, nsimbire mw’ibarabara nyaruka, ubona ko gucerwa bitari kure. Ngo ngire ntya, « he ! Pssssst ! sista ! ». Si rimwe, si kabiri, vyama vyabaye, singiharura. Nararengewe.

Ni nde mwigeme canke umukenyezi atarashikirwa n’ivyago vyo gusifurwa ? Ico bikoze, ubwoba buradutekera, umutima ugakubita, maze umuntu akikanga ko abo bene kudusifura, noneho bahava bafata ingingo yo kudusimbirako, bakadukorera amabi atagira izina, ubona ko hari n’abagukurikira gatoya iyo utabitavye. Erega hari n’abo uza ubona batangura kugukorako, iyo batomboye ukaba ubegereye.

Mu vyiyumviro, wibuka abakobwa n’abakenyezi bagenzawe, ingene bahora babiganirako bati : « uca wunamika umutwe hasi, ukaraba nk’uwo ata na kimwe yumvise, ukabandanya, ukanyaruka cane. Kizire guhungabana na buhoro ! »

Ni uko rero, uguca impande y’abubatsi, ba badandaza bo ku mabarabara, abagendesha imiduga, womengo nta kindi baba bariko barakora ; ugusifura umukobwa arenganye wese. Ku bwanje, ngeze aho ntagishobora kwihanganira iyo ngeso, ishavu riraniga, igihe cose hagize uwunsifura.

Hari abogira ngo ndarengeje. Kuko na none ivyo, abakobwa tubibamwo imisi yose, ariko si twese tugera aho duca twandika ngo tubishire ahabona. Benshi bahitamwo kuba ba Vyumvuhore. Ngo kubera ko « umukenyezi ategerezwa kugumana agateka mu bihe nk’ivyo, kuko ukugumya akarimi ari yo nyishu nziza yo guha mwe n’abo bantu ». Ni uko benshi bakabigenza uko, ndetse no mu gihe basanzwe bazi ko iyo ngendo itabereye. Bakatubwira ngo « muramenya ko ari abagabo, kubw’ivyo nta co turi bugire ».

Koko ?

Muti ni abagabo ? Kuva ryari indero y’ikirundi yigisha abahungu ko gusifura abakobwa mw’ibarabara bibereye ? Iyo nyifato iva he ? Si ukutagira indero ? Ngo « ni umubiri uba ubagoye », ni ko benshi bagusigurira. Abandi bakakubwira ngo bigirwa n’imiyabaga igeze mu myaka ishushe, ngo mbere mwe n’abo babikora usanga ari abagabo n’abasore bataciye mw’ishure, ngo none ntibazi ko mwen’iyo nyifato ari nk’ukugerageza gufata ku nguvu umwigeme.

Ariko ndabaza : vy’ukuri, vyoba bisaba amashure kugira umuntu amenye ko kubwira ivy’ari vyo vyose umwigeme, canke gusifura buri mwigeme arenganye bitabereye ?

Hari n’abandi bovuga ngo ndabarengereye. Kuko nyene hari abakobwa bamwe bamwe usanga banezerererwa ukwitabwaho muri ubwo buryo, maze ivyo bikambabaza. Muga amakenga ngira ngaho, ni igiki kiryoshe mu gusifurwa mw’ibarabara, bimwe bibereye imbwa ? Hanezereje iki mu kumva umutama asumba so ariko akuganirira amajambo apfuye, ku bijanye n’ivyipfuzo vyiwe canke ivyiyumviro ivy’ari vyo vyose bimuciye mu mutwe ? Umunezero uri he mu kwirukirwa n’abo ntazi bose, nka kurya birukira inyama ?

 


Soma kandi : Kwambara ukikwiza mu rusengero ni ngombwa

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (3)

  1. Urumwigeme wijambo yibuka guhanura no gushikiriza akamubakiye. Courage bandanya ukebura wongera ukebura nabakobwa bagenzawe imibiri yabo bayigize ama boutique, abo basifura nukuraba KO batari motivés.

  2. Nukuri nyenye wewe ushize ahabona ico kibazo ugize neza cane. Birateye isoni gusifurwa nk’imbwa. Jewe ndi umugabo nubatse ariko naho narinkiri umusore ntavyo nakoze. Kandi noneho jewe novyita harcellement sexuel ikwiye guhanwa n’amategeko. Mubindi bihugu naho wokora k’umukobwa canke kumugore, bikaboneka ko ufise intumbero yo kuryohereza umubiri wawe, bavyita harcellement sexuel kandi birahanwa. Abigeme, cane cane bo muri za kaminuza rero mufate iyambere kugira ivyo bintu bize birahanwa n’amategeko.

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.