article comment count is: 1

Kwambara ukikwiza mu rusengero ni ngombwa

Inyuma y’aho patiri mukuru wa paruwase Ngozi afatiye ingingo igiye kugenga ibijanye n’inyambaro ibereye mu rusengero arongoye, Painette Niyongere yagize ico yishura ku gisomwa caciye hano kuri Yaga kinegura iyo ngingo.

Mu gihe bisanzwe bizwi ko mu muco w’ikirundi kwambara ukikwiza ari kimwe mu biranga Abarundi n’Abarundikazi, iterambere no gushaka kugendana n’ibigezweho bigenda bihindura vyinshi ku myambarire y’abigeme n’imisore b’Abarundi. Nkundira nk’umwigeme w’umukatolika, mbereke igituma nshigikiye iyo ngingo y’uyo mu padiri wa paruwase y’i Ngozi.

Ni ingingo yari isanzweho mu bundi buryo

Kw’isengero ryitiriwe « Mushaha mweranda » rya katolika mu Gihosha aho nsengera, hari ingingo yafashwe haraheze imyaka ibiri. Padiri waho yabona abigeme baza gusoma ibisomwa vy’Imana kuri Arutari batikwije, bambaye impenereza.  Aca afata ingingo yo gusonesha amakanzu yera maramare, ku buryo uwuza imbere gusoma ayambara akikwiza. No Kw’isengero rya Katolika nyene riri ku musozi wa siyoni i Gikungu, mu birori vy’abana baraganira, basanga baza bambaye batikwije. Abapadiri baho baca bafata ingingo yo kuza barasonesha amakanzu ajanye n’urwo rubanza, maze izo mpenereza bakazambara batakiri mu ngoro y’Imana.

Ku rundi ruhande, mwari muzi ko amakanzu mu baririmvyi mu ma paruwase menshi yavuye kuki ?

Uyo mupadiri yahagarariye imico n’akaranga vy’ikirundi

Imico n’imigenzo nivyo biranga umuntu. Kwitwa Umurundi s’ukuhavukira gusa, n’ukuba unagendera imico n’imigenzo y’Uburundi. Aho hambere hahise, bari ku ziko, bateramiye inkono, niho ako karanga n’imico myiza  vyigishirizwa. Vyaca mu myibutsa, imigani, ibitito, ibisokozo, utujajuro, …

Uko isi igenda ihinduka rero, hari vyinshi bigenda bizimangana nk’iyo ndero yo ku ziko. Abarundi bagenda batira mu mico mvamakungu, harimwo n’iyibangamira ya mico myiza yabaranga aho hambere. Ivyo bigira haziko,  ubu vyigirwa ku mbuga ngurukanabumenyi no ku mboneshakure ari na ho havuye uyo muco wo kutikwiza mu nyambaro.

Abavyeyi barabifisemwo uruhara. None twosigarana iki, mu gihe imico n’imigenzo vy’Uburundi vyozimangana ?  Dushimire uyo mukozi w’Imana n’abo bavyeyi babibonye kare maze bagatangura kwamira amazi atararenga inkombe.

Ni nk’akagohe nkebura bavyeyi n’urwaruka Ekleziya ituvuniye, mu kwibutsa imico myiza iri mu karanga kacu no mu njiri ntagatifu, kugira imico y’intirano ntize irengere imico n’imigenzo yacu, maze kwambara tukikwiza bibe mu ndangagaciro ka buri Murundi n’Umurundikazi wese.

Rwaruka turabwa n’ino ngingo, ni ku neza yacu. Igihugu kitagira umuco karazimangana. None twoba tugana hehe ko  ari twebwe Burundi bw’ejo, bavyeyi b’ejo, na Kiliziya Katolika y’ejo ?

 


Soma kandi : Ngozi : ikanzu n’ijipo ngufi, ipantaro itabutse, zirabujijwe mw’isengero

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.