article comment count is: 3

Ngozi : ikanzu n’ijipo ngufi, ipantaro itabutse, zirabujijwe mw’isengero

Mu ntara ya Ngozi, muri paruwase y’iyo ntara nyene, patiri mukuru aheruka gufata ingingo ibuza abakirisu kuza gusenga bambaye inyambaro zimwe zimwe. Spageon Ngabo akabona ko iyo nzira patiri mukuru yakoresheje itarashe.

Mw’itangazo ryashizwe ahabona kuwa gatandatu w’igenekerezo rya 14 Ndamukiza 2018 na patiri mukuru wa paruwase Ngozi yo mw’iyo ntara nyene, hari inyambaro zibujijwe kwinjirana mw’isengero, kuva ubwo.

Nk’uko iryo tangazo ribisigura, « ku bigeme n’abakenyezi, birabujijwe kuza gusenga bambaye amakanzu canke amajipo agarukira haruguru y’amavi, impuzu zifata ku mubiri canke izindi zose zokwerekana ibice bimwe bimwe vy’umubiri. » Ku basore n’abagabo naho, ngo « kirabujijwe kuza mu misa bambaye amapantaro atabutse, zimwe bita ‘’déchirés’’ mu gifaransa, canke ngo bambare impuzu zituma haboneka agahuzu ko musi. » N’impuzu ziriko ibimenyetso vy’imigambwe canke iyindi migwi rero.

Inyendamuvano

Nk’uko tubisoma muri iryo tangazo, ngo vyose vyatanguye mu bihe bishira imisi mikuru ya noheli, biza gukomera mu gihe c’ikarema. Uwo mupatiri amenyesha ko yabaye ariko atanga inyigisho ku bakozi ba leta n’abadandaza, maze bano baraheza bamusabako yogira ico akoze ku nyambaro zitabereye zidasiba kwibonekeza mu rusengero. Ntiyashimye kuzibira amatwi, noneho ahitamwo kwubahiriza ayo masabo. Akishimikiza inkuru iri mu gitabu bibiriya, aho « umwana w’Imana » Yezu yigeze gushwiragiza abariko baradandariza mu rusengero, ni muri Matayo 21 : 12-17.

Ariko kandi ku rundi ruhande, iyo ngingo izananye mw’iryo tangazo ngo ije kubahiriza agateka ka zina muntu, uhereye kuri bene kwambara batikwije. Ku bwiwe akaba abona ko uko kutikwiza biri mu kwiyambura agateka.

Kwirengagiza iyo ngingo, maze umukirisu akaza yambaye za nyambaro zibujijwe, ivyo ngo ntibizokwijana. Hari abajejwe umutekano n’inyifato ibereye mw’isengero, basabwe kuzokwama basubiza inyuma uwo wese yoza yambaye uguciye kubiri n’iyo ngingo.

Harabaye

Mu misi iheze, umushikiranganji ajejwe iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu nawe yari yafashe ingingo zisa nk’izo. Vyarabonetse kenshi ko abapolisi baciye batangura gushira mu ngiro nya ngingo, ivyo bakabikora no mu gihe itari bwemezwe, maze bitera akajagari mu gisagara ca Bujumbura. Mbe basha ubu hoho bizogenda gute ?

Ku bwanje, ntahura ko kuba kanaka yokwambara atikwije kandi akaja mu bantu, bidaturuka ku bukene bw’ingingo zibuza mwe n’izo nyambaro. Namba ! Ahubwo biva ku kugene nyene kwambara atahura ibijanye n’inyambaro ziwe. Noneho rero ga Patiri, iyo uba uwundi wogwije inyigisho gusumba ingingo, uwatahuye agahinduka, kanatsinda burya bavyiyumvamwo kurya nyene.

Nayo ku karorero k’uko Yezu yigeze gutabagaza urudandazwa mu gihe yari asanze ruriko rukorerwa mu ngoro y’Imana, uwo nyene ni we yavuze ati : « mwebwe abarushe n’abaremerewe, nimuze kuri jewe ndabaruhure », nk’uko tubisoma muri Matayo 11 :28, arongera ati : « abakomeye nta co bagombera umuvuzi, atari abagwaye », muri Luka 5 :31. Ni uko rero Patiri, abo mubona ko batigenza neza, bagaruze inyigisho, nayo ingingo zo zimeze nka ya nkoni ishikira igufa, ntishikire ingeso. Mwoshima uwigenza nk’intama mu rusengero, yagera hanze akitwara butambwe, canke mwoshima uwutunganye hose ?

 


Soma kandi: Indero : muragwize amategeko, ariko ntimwibagire n’uburyo

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (3)

  1. Mwafatiye ku karorero k’umushikiranganji yashinze amategeko nk’ayo ntiyakurikizwa… Abatazobikurikiza bazofatwa nk’abagambaraye. Ingingo ben’izo si iz’i Ngozi gusa. No my bihugu vyo hanze iyo turiko turatemberayo, twama dusanga ku rugi rw’isengero hacafyeko inyambaro umuntu atokwinjirana. None rero numva Atari ivy’i Ngozi gusa…
    Ivyo umuntu yumva vyose si ivyo guca ajana mw’isemgero: ari ivyo umwe wese wosanga ari mu vyiwe…

  2. Mwiriwe !

    Ndakunze ico gisomwa. Gusa simpuje n’umwanditsi waco, abona ko iyo ngingo itabereye.

    Mu gihe bisanzwe bizwi ko mu muco w’ikirundi, kwambara ukikwiza ari kimwe mu biranga abarundi n’abarundikazi, iterambere no gushaka kugendana n’ibigezweho bigenda bihindura vyinshi ku myambarire y’abigeme n’imisore b’abarundi. Nkundira nk’umwigeme w’umukatolika, mbereke igituma nshigikiye iyo ngingo y’uyo mu padiri wa paruwase y’i Ngozi :

    N’Ingingo yarisanzweho, mu bundi buryo:

    Kw’isengero ryitiriwe umushaha mweranda rya katolika mu Gihosha aho nsengera, hari ingingo yafashwe haraheze imyaka ibiri. Padiri waho yabona abigeme baza gusoma ibisomwa vy’Imana kuri Altari baza batikwije, bambaye impenera. Yaciye afata ingingo yo gusonesha amakanzu yera maramare, kuburyo uwuza imbere gusoma ayambara akikwiza. No Kw’isengero rya Katolika nyene riri ku musozi wa siyoni i Gikungu, mu birori vy’abana baraganira basanga baza bambaye batikwije. Abapadiri baho baca bafata ingingo yo kuza barasonesha amakanzu ajanye n’uryo rubanza, maze izo mpenera bakazambara batakiri mu ngoro y’Imana. Canke mwari muzi ko amakanzu mu baririmvyi mu ma paruwase menshi yavuye kuki ?
    → Uyo mu Padiri yakoze ku mugaragaro ivyo abandi bapadiri barwanya bihoreye.

    Imico n’imigenzo vy’Uburundi :

    Imico n’imigenzo niko karanga karanga umuntu. Kwitwa umurundi s’ukuhavukira gusa, n’ukuba unagendera imico n’imigenzo y’Uburundi. Aho hambere hahise, bari ku ziko, bateramiye inkono, niho ako karanga k’imico myiza kigishirizwa. Vyaca mu myibutsa, imigani, ibitito, ibisokozo, utujajuro, … Uko isi igenda ihinduka hari vyinshi bigenda bizimangana nk’iyo ndero yo ku ziko. Abarundi bagenda batira mu mico mvamakungu, harimwo n’iyibangamiro ya mico myiza yaranga abarundi bo hambere. Ivyo bigira haziko, ubu vyigirwa ku mbuga ngurukanabumenyi no ku mboneshakure arinaho havuye uyo muco wo kutikwiza mu nyambaro. Abavyeyi barabifisemwo uruhara. None twosigarana iki igihe imico n’imigenzo y’uburundi yozimangana ? Dushimire uyo mukozi w’Imana n’abo bavyeyi babibonye kare maze bagatangura kwamira bitararenga impinga.
    → Ni nk’akagohe nkebura bavyeyi n’urwaruka Ekleziya ituvuniye, mu kwibutsa imico myiza iri mu karanga kacu no mu njiri ya Yezu Kristu, kugira imico y’intirano ntize irengere imico n’imigenzo yacu, maze kwambara tukikwiza bibe mu ndangagaciro ka buri murundi-murundikazi wese.

    Benshi n’abakirisu :

    kwambara ukikwiza ni uburyo bwiza bwo gutanga ubutumwa bwa kristu. Nk’uko umusirikare agira umwambaro umuranga, umufungwa mw’ibohero akagira umwambaro umuranga, wovuga gute ko uri umukristu igihe utagendera inyigisho z’uyo witirirwa ? ndetse, hari benshi izo nyambaro zitabereye zitirimutsa ntibasenge neza kandi arico cabazanye. Yezu ati : Akarorero kabi ntikazokwigera kabura, ariko uwo kazovako aragowe ! ivyomubera vyo n’uko bomubohera urusyo kw’izosi bakamucuranguriza mw’ibenga hako yosha nabi umwe muri abo bana batobato. Ni muri Luka 17,1-3.
    → N’ingigo ibatumirira guhinduka. Ntabakumiriye ahubwo ashaka bisuzume, ntibaze bamere nk’umwe Yezu avuga muri Matayo 22, 11-13 w’abatumiwe mu bugeni ariko Umwami yinjiye agasanga uwutikwije, atambaye ivyambarwa bijanye n’ubukwe. Yaraboshwe, atabwa hanze mu mwijima, iyo yaririye akomanya insya z’amenyo.

    Rwaruka turabwa n’ino ngingo, ni kuneza yacu. Igihugu kitagira umuco karazimangana. None twoba tugana hehe ko ari twebwe Burundi bw’ejo, bavyeyi b’ejo, na Kiliziya Katolika y’ejo ?

    Murakoze !

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.