article comment count is: 1

Ibiyovyabwenge : « Ntore yarahevye ishure, asigaye ari umugwayi wo mu mutwe »

Tumaze imisi twumva canke tubona urwaruka rwononekara kugeza no ku bugwayi bwo mu mutwe, biturutse ku biyovyabwenge ruba rwihereje. Afatiye ku karorero k’umugenzi wiwe Ntore, Bamuhaye Chancelle aratwiganira ingene ivyo biyayuramutwe bigisibije mu rwaruka.

Aturuka mw’ikomina n’intara ya Kayanza, akaba ariko arashikana imyaka mirongo ibiri n’itatu. Ntore (yahinduwe izina) yavutse yongera akura nk’abandi bana, ata co abuze. Twakuranye dukina, tugasangira vyinshi nk’umubanyi, tukiga mw’ishure rimwe. Yari umwana aciye ubwenge cane, ndetse n’ubupfindo bwatunaniye twese mw’ishure ni we yabukora. Ni uko turiga amashure mato mato turayaheza, tujana no mu yisumbuye.

Kugoka ntivyatevye

Hageze gutangura umwaka w’indwi, twese tuba twinjiye mu myaka ishushe, imwe bita iy’ubuyabaga. Ico gihe Ntore yaciye ampeba, aca atangura kugendana n’iyindi miyabaga yo mu kibano, umwanya wose akaba ari bo barikumwe, nanje nkama ngira nti ni ukumparuruka.

Bidatevye, uwahora ari intore koko, atangura kuza arakora amakosha mw’ishure, akama mu bihano, ndetse haragera n’igihe bamutuma umuvyeyi. Aho, bari babafashe  bariko banywa urumogi inyuma y’amashure na ba bagenzi biwe. Nyina vyaramubabaje kugeza n’aho afata ingingo yo kumukubitira mu maso y’abandi bana, ariko ivyo ntaco vyahinduye. Umwana w’abahungu aca atangura gusubira inyuma nk’ibirenge, kugeza n’aho uwo mwaka atabaye  akicunguruzwa.

I muhira, atangura kuza arataha ijoro yaborewe, yashika induru zigasamirana, akaryagagura  abo bavukana. Nta kintu bari bakibika mu nzu, na cane cane amafaranga. Ivyombo yaratwara kugurisha ngo aheze aronke ico agura ivyo biyovyabwenge . Nyina agahanura, ababanyi n’umuryango bakamufasha, ariko biba ivy’ubusa.

Ahubwo mbere, igihe kimwe yaratashe mw’ijoro, asanga bamaze kugara. Aratera induru nyinshi cane kugeza n’aho ababanyi bavyuka, kubw’ikigongwe c’abavyeyi, nyina wiwe arugurura. Umwana w’abahungu aca asimbira ku muvyeyi wiwe aregagura, ababanyi ni bo batabaye. N’ishavu n’akantu, nyina aca ahamagara abapolisi, batwara Ntore mu gasho, ararayo kabiri hama baramurekura.

Kuva  ico gihe, vyahavuye bikomera cane, kugeza n’aho aheba ishure, akirirwa arayerera. Uko imisi yahera, ni ko yagenda arerekana ibimenyetso vy’abarwayi bo mu mutwe,  mbere bahava bamutwara i Bujumbura, mu bitaro vy’abafise be n’izo ngwara. Amarayo igihe kitari gito, abona gusubira i muhira. Yamara ntiyaheza ngo ahagarike ingeso ziwe zo kwihereza vya biyovyabwenge.

Ubona ko amagorwa adasiga ayandi, nyina wa Ntore, ari nawe muvyeyi bari basigaranye, birashika aritaba Imana. Wa muhungu asigarana na batoya biwe.

Ku makuru ya nyuma mperuka, ubu vyarasubiye kwanka, yarataye no muhira aragenda, agwariye mw’ibarabara.

Nimba hari ikintu co gutuzwa muri kino gihugu, ni ibiyovyabwenge. Ukuba Ntore atakiri wa mwana w’incabwenge atangaza abandi mw’ishure, ahubwo akaba asigaye ari iciro ry’umugani, vyampaye icigwa gikomeye.

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. Koko ivyo muvunga ni ivyukuri Ntore yatwawe nagakuku ariko burya jewe ndabiravye nabavyeyi ba Ntore barabi fisemwo uruhara kukuko bari kumwereka ingaruka mbi irimwo

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.