article comment count is: 0

Ngo « Kamwe ni ubusa » : None umuntu yovyara kugeza kuri bangahe ?

Mu Burundi iyo ugize ubugeni, ikintu ca mbere incuti n’abagenzi bakwitegako ni ukwibaruka umwana wa mbere. Wamara kumuronka, bakakuremera ngo ukurikize. « None umuntu ategerezwa kuvyara bangahe ku bisanzwe ? ». Ico ni ikibazo Ingabire Orélie yasigaranye, inyuma yo kuganira n’ababibayemwo.

Iyo mwibarutse umwana wa mbere, baguha umwaka umwe canke ibiri bagaca batangura kubibutsa ko igikorwa canyu kitahereye aho kuri uwo wa mbere gusa. Aho muciye hose bakagenda barabakebura ngo : « Mbe ko mudakurikiza ? Erega kamwe ni ubusa. None mwagarukirije aho gusa ? »
Ibibazo n’urukurukuru bikaba vyinshi. Hari n’abashika aho bavuga ko mwavyaye kamwe muca mucika intavyara. Ivyo rero biraheza bigatera ingorane mu miryango imwe imwe.

Vyama vyabaye

Umupfasoni Anna afise imyaka mirongo itatu agira ati : « umugabo wanje twagize ubugeni afise uwundi mwana. Nanje navyaye umwana umwe. Ku buryo dufise, tubona abo bana babiri bakwiye. Mugabo abavyeyi bacu ntibabibona uko. Mawe wanje anyirirwako ngo ni tuvyare uwundi mwana. Mbere akarondera no kunyemeza ko muri urwo rugo ndahafise akana kamwe gusa, nk’uko womengo uwo nahasanze sinomufata nka rwanje. »
Tereza we ntibisanzwe ; ati : « dufise umwana umwe. Ntibirakunda ko dukurikiza. Yamara abavyeyi bacu ntibavyumva, bibaza ko ari ukwanka gukurikiza canke ko ari ingeso twavanye mu mahanga yo kudakunda uruvyaro runini nka kurya kw’abazungu. Mabukwe aguma ambwira ngo muribuka ko kamwe ari ubusa kandi niyapfa nta wundi mwana muzoba musigaranye. »

Maze ivyo bikaremera umuryango mushasha

Yeremiya, umudandaza wo mu ntara ya Ngozi ati: « imbere yo kugira ubugeni, twarumvikanye n’umugore wanje ko tutazorenza abana batatu. Mugabo ab’iwacu ntibabibona neza. Tumaze gukwiza abo bana, abavyeyi banje baciye batangura kuremera umugore ngo navyare abandi bana kuko mfise amatungo menshi. Mu kibano ndi mu bantu bafise abana bake ugereranije n’abandi. Harageze n’igihe abagenzi bantoza umugambi wo kuja kuvyara abandi bana hanze y’urugo. Naravyiyamirije kuko ndavye ubutunzi mfise, abana batatu ni bo nshobora kwigisha bagatera imbere bagashika iyo jewe ntageze. »
Ivyo vyo kuvyara rero abana bake canke ivyitwa kuvyara abo ushoboye kurera, Abarundi bose ntibabona co kimwe. Hariho abiyumvira ko mu kuvyara abana benshi ariho ubutunzi bw’umuryango buhagaze. Nibaza ko ari na ho ingorane ihagaze. Sylvestre, umutama w’imyaka mirongo itandatu n’itanu, ni umukukuruke yahora ari umuganga, avuga ati : « maze abantu b’ubu barikunda. Kera, twebwe abana twababonamwo umugisha. Waravyara gushika aho ubona bitagikunda kuko ni ukwibuka ko abana benshi bitaba Umuremyi bakiri bato. Uvyaye bake rero wasanga ata bana usigaranye. Ariko ubu impfu z’abana zaragabanutse. Mugabo umwana umwe canke babiri gusa? Oya ! Wumva uzoronka n’uwukubungabunga mu busaza. Abana ni itunga rihoraho, ni ukubavyara nyene ! »
Yamara rero, leta y’Uburundi mu mugambi wayo w’2025, mu ntumbero yo kurwanya irwirirana ry’abantu, itegekanya gushinga itegeko risaba ko umuryango umwe umwe wose utorenza abana batatu. Ariko ko hari Abarundi baciyumvira ko kamwe ari ubusa, babiri si abana canke batatu si uruvyaro rukwiye, leta ibe iritegurira gutunganya inyigisho zo guhinduza ivyiyumviro abanyagihugu bayo, imbere yo kuzana itegeko. Nayo ahandi ho, ntibizoyorohera.


Soma kandi:

Partagez-nous votre opinion

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.