article comment count is: 1

Burundi: ng’uku uko wofasha umuntu agwaye intandara

Igenekerezo rya 12 Ruhuhuma buri mwaka, amakungu arahimbaza umusi wahariwe kugwanya indwara y’intandara. Mu Burundi, iyo umuntu afashwe n’iyo ngwara, bamujana kwa rumenyi canke mu masengesho. Nininahazwe Bella Lucia ati: “si uko bategerezwa kuvyifatamwo”.

Umuntu afashwe n’intandara ubona yitura hasi ata wumunaze, akabimba urufuro mu kanwa, agata amaboko n’amaguru, hanyuma akadadarara. Hari rero ababona ivyo bakabifata nk’indwara y’amashetani, bagaheza bakihutira kujana abarwayi kwa rumenyi, abakirisu bakabajana mu vyumba vy’amasengesho.

Ni co gituma naciye mpitamwo kwegera abamaze gufatwa n’iyo ngwara, ndetse n’abaganga bayo, kugira bantahuze vyinshi.

Ubwa mbere ho si ingwara yandukira

Umupfasoni Ruzaliya amaze kugwara iyo ngwara ati : “Namenye ko ndayigwaye ndiko ndagera mu bigero. Vyabaye nk’inkuru y’agacamugongo kuko naciye ntangura gukumirwa. Urunganwe ndetse n’abakuze barabihererekanya, gutyo ncika agatwengo kuri bose. Icibagiwe co ni umusore yaza kundesha ; baba babimubwiye nk’ejo, uwo akaba aragiye atambwiye ikimujanye.”

Ku bwiwe rero ngo « ukurwara intandara ni nko kwambara ibara kuko uba nk’ikimaramare mu kibano. Iyo igufashe, bose barakura meza bagahunga, ukabura n’uwugutererako agahuzu.»
Yamara rero“intandara ntizandukira, habe namba ! Si nk’amacinya canke igituntu. Urashobora kwegera uwuyirwaye atangorane” ; uwo ni Nshimirimana Jean Pierre, uwuserukira imbere y’amategeko ikigo cishinze kugwanya iyo ngwara mu Burundi (APLE). Amenyesha ko iyo ngwara iva ku mvo zitandukanye nk’ububabare burenze bw’umwana mu gihe c’ivuka (ni ukuvuga harya umuvyeyi yamaze kugira ibise, ariko akamara amasaha menshi cane atarashikana), umucanwa urenze ku bana batarakomera ubwonko, kurya inyama y’igishishwa c’ingurube igwaye (amaweni), ingwara zidakira kuko zituma abasoda b’umubiri batagishobora kwigwanira, n’ibindi.

Kandi iyo bayivuje kare, irakira

Nshimirimana Jean Pierre arababazwa n’ukubona abarwayi babazana kwa muganga bamaze gusinzikara, ivyo bigatuma n’amahirwe yo gukira ataba akiri menshi.
Abantu rero bomenya ko « intandara ari ingwara isanzwe ifatira mu mutwe, ivurwa igakira iyo bayivuje hakiri kare. Kanatsinda, ibice birenga mirongo indwi kw’ijana vy’abarwayi bivuza iyo ndwara, barakira. Ariko ikibabaje, ni uko ibice bishika mirongo umunani kw’ijana vy’abarwaye iyo ngwara bataja kwa muganga ». Ivyo bikamenyeshwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS).

Ni uko rero, n’ejo n’ejo bundi, ukabona umuntu afashwe n’intandara, ntukamuhunge witwaje ngo wokwandukirwa. Ahubwo, igizayo ibishobora kumugirira nabi, hama umwegere mu bwitonzi, umugorore kugira aryame neza hanyuma umureke kugeza zimurekuye.

Iruhande y’ivyo, musimbane kwa muganga bamupime hama bamuhe imiti, maze umukurikirane kw’ayifata nk’uko muganga yabihanuye. Aho ni ho woba umufashije.

Nayo abihaye ugukumira abagwayi bobo, nibateshwe bate, kuko ivyo babiterwa n’ukutamenya kuvanze n’ukwemera ibintazi.


Soma kandi:

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. Nivyo iyo ngwara benshi ntibatahura neza ivyayo kuko hari abibaza ko iyo imufashe imukubita hasi ikamuzungagiza cane kandi mu kugira imurekure abanza guhema « Gusura » kikaba kiri no mu bituma aho kwegera uwo muntu ngo bamufashe ahubwo bamuhunga bibaza ko bashobora kwandukirwa kubera ukwo guhema.
    Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu ,amashirahamwe akora muri ico gisata barakwiye kwigisha no guhimiriza abantu ku kugene bofata abafise iyo ngwara n’icokorwa mu gihe babonye ibimenyetso vyayo.

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.