article comment count is: 1

Gitega : « kuja mu bitaro utagira ingwati, ushobora gupfira mu maso y’abaganga »

Umukenyezi Spès Nzeyimana yavuye i muhira aja gusumira umuryango, hama ahura n’isanganya rikomeye, bituma aja ku bitaro vy’i Gitega. Yamara ukubura amahera y’ingwati vyaramukwegeye. Félix ndereyimana aratwiganira ido n’ido ry’amakuba uwo muvyeyi yagize.

 Hari ku mugohoroba w’igenekerezo rya 17 Nzero, 2018.  Umukenyezi  Spès Nzeyimana yahora akora kw’ivuriro ry’i Bukinga,  komine ya Giheta yo mu ntara ya Gitega, yaravuye mu gisagara c’iyo ntara, gusuma. Kugira ashike i muhira iwe hakibona, yahisemwo kwiyunguruza akoresheje ipikipiki. Ubona ko « ivyago vyama mu nzira », Spès Nzeyimana yarasumye ariko ntiyashikana.

Yahuye n’akaje karamana

N’umuvuduko mwinshi, urugendo rw’uno mupfasoni rwarabandanije. Ngo agire arashika ku mutumba wa Bwoga, hafi y’ishure shingiro ry’aho, aza abona giturumbuka ikimodoka kinini gipakira imizigo, benshi bacita « Scania », giturutse imbere, na co nyene kiri mu muvuduko mwinshi. Uwuriko aragendesha ipikipiki ihetse wa mukenyezi, aca atangura kujarajara, agwana ngo bikunde akatire ico kimodoka, noneho ntikibagonge. 

Yamara rero, na nya kimodoka nyene cariko kigendera mu muvuduko urenze, na co kandi kikagerageza gukatira iyindi pikipiki yari ku ruhande rwo hirya. Muri ako kavuyo kose, ntihabuzemwo isanganya. Ca kimodoka gihereza kugongana na ya pikipiki ireruye Spès Nzeyimana, maze uyu aba acitse ukuguru ubutarariye ! Amaraso ngo je ! je ! je ! Aho nyene igisabisho ca Spès gica kirahinduka. Yatanguye urugendo asaba Imana ngo ashike mu biwe n’ivyiwe hakiri kare, impore amarembe, yamara n’amarira menshi, atangura kwiyumvira nimba abaganga bagenzi be bashobora kumuvura canke nimba ubuzima bwiwe burangiye gutyo.

Ni nde yategetse ko « kizira kuvura umurwayi ata ngwati abanje gutanga? »

Naho ukuguru kwiwe kwacitse, Spès Nzeyimana yari agifise amahigwe yandi: akivirirana, rusehabaniha ntiyatebaganye kuhashika. Maze inyarukana iyo ndembe ku bitaro bikuru vy’intara ya Gitega. 

Abaganga ngo bamukubite ijisho, bati “none warishe ingwati kugira dutangure kukuvura?” Nawe ati “sigaho mwa ntore mwe! Aha mubona, ndetse ko n’udufaranga duke nari nagendanye nari namaze kudusumisha, iyo ngwati ntayo mfise aha ni ukuri!”. Abaganga utanka bati “urahumba utarishe iyo ngwati, ntaco turi bukore na kimwe”. Ni uko bamuraba irarirari, nawe uko amaraso abandanya amuvamwo, ni ko yabandanya asinzikara. 

Kabiri-Gatatu-Rimwe! Spès Nzeyimana aca arasinzira, urugendo rwiwe ruba rurangiriye aho. 

Kubera ukubura ingwati

Kuva uwo musi, mbonye umuganga nca nibuka ivyo vyago vyahitanye Spès Nzeyimana, umururazi ukaduga ku gatima. Nkaguma nibaza nti mbe ni kubera iki bashize imbere iyo ngwati gusumba ubuzima bw’umuntu? Ngo “ibitaro vyohomba hamwe boza barakira abagwayi ata ngwati babanje kuriha”. None hamwe ayo mafaranga y’ingwati yoboneka mu nyuma, ko bataba bari busubize ubuzima uwamaze gusandaba, ni kuki batomwihanganira bakamuvura ubwa mbere? 

Uko biri kwose, “amagara aruta amajana”, nk’uko ba sokuru bayamaze. Nimba koko ukubura ingwati bikwiriye kugira ubuzima bw’umuntu buzimangane, Abarundi ntitukiri ba bantu bafise umutima w’ubuntu koko. Kandi na nyene gushiraho iyo ngingo ntiyera.

 


Soma kandi:

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.