article comment count is: 0

Burundi: ng’uku uko umugabo w’ubu akwiye kumera mu rugo

Uko ibihe biha ibindi, umugabo w’umurundi ngo agenda ahinduka mu nyifato yiwe mu rugo. Déo Ndayishimiye aratwiganira uko abibona mu kibano, agashimikira ku gishingantahe c’umusore Samweri Kajuru.

Samweri Kajuru ni umusore w’imyaka 27. Aheruka kurangiza amashure yiwe muri kaminuza imwe yo mu gisagara ca Bujumbura. Aratwiganira uko yabona inyifato ya se wiwe, mu bwana bwiwe: “data ntiyari umu serugo nk’uwo jewe nifuza kuba uyu musi, canke nk’abo maze imisi mbona bari mu runganwe rwanje. Nkiri muto, nari menyereye kumubona azinduka buri gitondo, akaja ku mirimo, hanyuma agataha ijoro ryiteye. Akenshi yashika i muhira yaborewe, maze induru zikaba ziratanguye. Ni gake yarara adatukanye, kandi ivyo bigaturuka ku kantu ataco kavuze, mbere n’ukugwana akagwana. Vyagiye guturura ari uko abahungu biwe dukuze, kuko harageze igihe turamubwira ko hamwe yohirahira akongera gukoza urushi kuri mama, ni twe tuzoca tumugwanirira. Kuko atari akidushobora, yaciye atangura kugabanya amahane ya buri mugoroba. Amahoro aboneka gutyo.”

Ni benshi mu rwaruka rw’Uburundi babonye ba se babo bameze uko, mu buto bwabo. Nta nkeka ko ivyo vyategwa cane n’ukuntu umuserugo vyari bizwi ko ategerezwa kumera mu kibano c’ikirundi.

Ni uko rero, iyo mu kibano babonye umugabo adakubita umugore wiwe, bagira bati “yarariye jondama”; uwo nawo ngo ukaba wari umuti w’ikirundi umugore yashobora guha umugabo wiwe kugira ace bugufi, yumvire hama agendere ku mategeko ya inarugo.

Ariko ubu vyarahindutse

Hari urunganwe rushasha rw’abaserugo ndiko ndabona ubu. Kandi naje ni ko nifuza kumera », uwo ni Samweri abandanya. « Ubu, senaka wumva ngo : rindira nzobanze mbaze umugore numve iciyumviro ciwe, urazi ko urugo ntarwisangije, aho ni mu gihe ugize ico umubaza kimusaba gufata ingingo mu rugo. Iyo umugore wiwe yibarutse naho, hari abagabo benshi bashika n’aho basaba akaruhuko ku mirimo yabo, kugira baje kwitaho umuvyeyi, ni iteka ridasanzwe ku mugabo w’Umurundi wa kino gihe ».

Kukaba nka ko, ubu ivyari i magera vyarageruye. Serugo wo mu runganwe rw’ubu ntaho asa asana n’uw’aho hambere hahise. Mu gihe uwa kera vyari bizwi ko akamaro kiwe kagarukira mu gututurira ibitoke, ugukama inka, ugusobanya urugo n’ukubaka inzu gusa, ubu amajambere yaraje. Iteka ry’umugabo ubu ribonwa ukundi. Ukwitaho umugore wiwe, akamushigikira mu dukorwa twose, mbere no kuja mu gikoni guteka akabikorana urweze, abagabo mwe n’abo ni bo bagezweho.

Ariko naho biri uko, wa wundi ati “nta mwonga ubu isato”, haracariho abagabo bakigira kuri kamere za kera. Ba bandi usanga igikorwa cabo nyamukuru ari ukuvyara abana, hamwe n’utundi dukorwa dukeya two mu rugo, ibisigaye vyose bikamenya inarugo. Ikiryoshe muri vyose, ni uko umugabo be n’uwo ari we aheza akitwa “umugabo gito”. Bakwiye guhinduka, atari uko, barasizwe n’amajambere.

 


Soma kandi:

Partagez-nous votre opinion