Photo d'illustration - Pixabay
article comment count is: 0

Amakuba y’abubatse iyo batevye kuronka uruvyaro

Mu Burundi, agaciro gahabwa umwana ni ntangere. Iyo rero kanaka yubatse urwiwe, abaryango biwe baba barindiranye igishika uruvyaro rw’urwo rugo rushasha. Iyo bitevye canke bikanka burundu, hari abagera no ku kwahukana. Ndereyimana Félix aratuyagira ingorane za Mukeshimana Vanessa.

Uno mupfasoni aba mu ntara ya Gitega, amaze imyaka umunani yubatse urwiwe, ariko nta kibondo arashobora kuronka. Ivyo rero biramuzigirije, kuko vyatumye umuryango w’umugabo wiwe umukengera, ubu akaba ata n’umwe amuha nirwere.

Amakuba ya Mukeshimana Vanessa

Uno mukenyezi yaraciye mu ku ntebe y’ishure. Yayagarukirije muri kaminuza nderabigisha y’igihugu. Ariko arakuyagira ayo agowe, agahinda afise kagaragara mu maso hiwe. Agira ati: «mu myaka umunani tumaranye n’umugabo wanje, nta mwana turavyara. Twaragiye kwipimisha kwa muganga, batubwiye ko dukomeye. Ariko naho ivyo bizwi mu muryango w’umugabo, ntibibuza ko bandyagagura. Iyo ngize ico ndabasaba banyishura bati: imenye kuko wewe nta mwana uriza».

Aho bigeze ubu, uwo muryango w’umugabo woba uriko uragerageza kumwankanisha n’uwo bashimanye, kuko uno atanguye kumuhindurira muri vyinshi. Yaramubujije gutunga ngendanwa canke kuja mu mashirahamwe y’abandi bakenyezi. Akamwagiriza ngo yohava aja mu bandi bagabo. Ubu uwo munarugo ageze aho yiyumvira “nimba yokwahukana canke akiyahura ngo kugira asezerere izo ngorane”, nk’uko we nyene avyivugira.

Si ngombwa ngo abubakanye baronke uruvyaro

Harabaye ntihakabe, muri kahise k’Uburundi, aba kera bibaza ko iyo urugo rushasha rutaronse ikibondo, amakosa aba ari kuri inarugo. Noneho bakamutuka ngo “ni ingumba yaje guhonya umuryango”.

Noneho rero, ubuhinga bwaraje, biramaze kwerekanwa ko hari imvo nyinshi zishobora gutuma urugo rutaronka ikibondo. Bishobora kuva ku mugabo ubwiwe canke bikava ku mugore.  

Nta mpamvu rero yo gufata nabi umukenyezi ngo ntarasama imbanyi, kuko nawe ntibiba bimuvako. Kira noneho, ni nde yavuze ko ari ngombwa ko abantu bubatse bategerezwa kuronka uruvyaro?

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion