Photo d'illustration: Pixabay
article comment count is: 3

Utuganuke ku banyeshure barushije abandi amanota?

Abanyeshure, muri rusangi, impembo yabo n’amanota, mu gihe bakoze neza mu mashure. Ariko rero, iruhande y’ayo manota, hariho utuganuke dutangwa mu gutera intege ababaye abambere mu guteza imbere umuco wo guhiganwa. Ubu rero hari amashure atagikurikiza uwo mugenzo maze ugasanga abanyeshure bahororokewe nk’uko Désiré Sezikeye abituyagira.

Mu minsi yahera aha mu gihugu cacu c’Uburundi, mu mashure matomato hariho umugenzo wo gushimira bamwe mu banyeshure baronse amanota meza gusumba abandi. Vyarashika rero ko bafata batanu batanu barushije abandi mw’ishure rimwe rimwe bakabashimira mu kubaha utuganuke n’amashi menshi y’abantu baje kwumviriza amanota. Muri kino gihe rero hari amwe mu mashure akibandanya uwo mugenzo, ayandi nayo ugasanga yarawuhevye burundu, na cane cane nko mu mashuri ya Leta.

Ku mashure uwo mugenzo ugifise agaciro

Umuntu iyo atereje akajisho irya n’ino arabona neza ko uwo mugirwa usigaye cane mu mashure y’abigenga na hamwe hamwe mu mashure ya Leta. Ku mashure agifise uwo muco, iyo hageze umunsi wo gutanga amanota usanga biryoshe cane kuko abanyeshure bakoze neza kuruta abandi baronswa utuganuke. Utwo na two rero ahanini usanga tugizwe n’udukaye, udukaramu, udusaha, udusakoshi two gutwaramwo ibikoresho vy’ishure, amakaramu akoreshwa mu gushushanya hamwe n’utundi tuntu duto duto abana bakunda. Umuntu avyihweje neza womenga utwo tuganuke turonswa abo banyeshure dufise agaciro gatoyi. Ariko ku banyeshure hoho siko bimeze kuko uwukaronkejwe wewe agenda aryohewe cane hanyuma uwutakaronse nawe akajana agashari ka mugenzi we yamuciyeko hanyuma bigatuma  akorana umwete mwinshi kugira  nawe ubukurikira azogatahukane.

Akamaro k’utwo tuganuke

Iryo higanwa rero abanyeshure bagira barondera gushimirwa, riratuma umwimbu wiyongera cane kandi rikanatuma abanyeshure baca ubwenge kuko muri ico gihe bakoresha inguvu nyinshi mu kwiga. Ivyo rero biracaboneka mu mashure y’abigenga  nka yose no ku mashuri makeyi yegukira Leta. Nk’akarorero, nko mu ntara ya Ngozi, kw’ishuri rya Ngozi I, riri mu gisagara ca Ngozi nyene, uwo mugirwa uracakorwa ukuri kwamye. Abakoze neza barashimirwa gushika n’ubu. Hoho mbere hari n’umwe mu baciye kuri iryo shure afasha muri ico gikorwa co gushimira abanyeshure bakoze neza kuruta abandi. Uyo nawe azwi k’izina rya Kanyenkiko Anatole.

Muti bigenda gute kuri iryo shure? Umunyeshure yabaye uwa mbere n’uwa kabiri mw’ishure bararonka agashimwe ka tumwe mu dukoresho two mw’ishure hanyuma akongerwa no kurihirwa kwiga kwoga muri « pisine ». N’abatoye ca kibazo gitanga uburenganzira bwo kuja mu mashure yisumbuye, n’ukuvuga bahejeje umwaka w’icenda na bo barashimirwa. Cumi ba mbere bitanze kurusha abandi abo nabo bakaronswa akabahasha.

Ku mashure uwo mugirwa utagikorwa

Ahenshi uwo mugirwa utagikorwa ni mu mashuri ya Leta. Ku munsi w’amanota, abanyeshure bashimirwa mu gukomerwa amashi gusa bikaba biheze. Ivyo rero biratuma abanyeshure badaheza ngo bagire ishaka kuko badashimirwa uko bikwiye iyo bakoze neza kandi hari aho baba bumva ko ku yandi mashuri bashimira abakoze neza. Ivyo bigaca bituma umwimbu ugabanuka cane muri bene ayo mashure, eka mbere ntahurumbirwe co kimwe n’ayo yandi atanga utuganuke.

Uko vyari bikwiye kugenda

Ku bwanje, utwo tuganuke abanyeshure baronswa iyo barushije amanota abandi mu mashure ni ngirakamaro cane kuko dutuma abanyeshure bigana ishaka ryinshi. Nkabona ko dukwiye kuza turatangwa ku mashure yose ari mu gihugu kugira dutere intege abanyeshure. Kuko biboneka ko amashure yigora akadutanga ari yo aheza akavamwo abanyeshure batora cane vya bibazo vya Leta. Gutyo ishure rikamenyekana kurusha kubera rimenyesha cane maze bigatuma kandi rihurumbirwa na benshi.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (3)

  1. muvyukuri ugushimira abakoze ivyo twita neza ntivyari bibi ariko nuko bikorwa nabi tukibagira ko nurya wanyuma nawe yakoz. uwo mugirwa iyukozw nabi aho kubisoko ry’ubumenyi uhinduka inkwezi yamarer uti gut
    utuma abana badashira umutima kucirwa ariko cane kubushimw boronka
    utuma abatashimiw batibona nkabandi bikabatuma kwikengera nuguhorororokerwa mukwiga

    1. Utwo dushimwe twari dukwiye guhabwa abanyeshure bafise amanota meza nivyo, ariko n’abafise make nabo bakabaha utuganuke tubabereye kugira ntibagirire inzigo abashimiwe. Nta mwana n’ikinono. Mugihe gushimira bamwe ngo n’uko barushije abandi vyoteranya abanyeshure, n’ukubaha bose (bagapfuma babaha uko basumbasumbanya amanotaa). Nimba bavyita kw’ar’ugutera umwete abanyeshure. Bakwiye kuwutera n’ ababa abanyuma, nk’ako nibo bawukeneye cane.

  2. None Ubu Ubwobushimwe Bwagiye Hehe Ahubwo Reta Nirabe Ifashe Abakobwa Bamaze Amashure Ibahe Akazi Kubu Umukobwa Yarize Akaja Kumugabo Atize Murumva Koryoba Iterambere