article comment count is: 1

Ukwikukira55 : abaririmvye indirimbo zihayagiza igihugu ntitubibagire

Mu gihe duhimbaza imyaka mirongo itanu n’itanu Uburundi bumaze bwikukiye, « ni vyiza ko abategetsi batanguye guha iteka abaririmvyi ». Dushime Divin arakenguruka agashimwe umukuru w’igihugu yaraye ahaye umuririmvyi Natasha, ariko agasaba ko bitogarukira aho.

« Warapfunywe ntiwapfuye, warahabishijwe ntiwahababuka… » , aho ni mu ruririmbo ruhayagiza igihugu cacu. Sinkekeranya ko buri murundi wese, iyo ashitse kuri ayo majambo, adaca yiyumva ahimbawe no kuba yitwa Umurundi.

Ariko rero, hari n’izindi ndirimbo zihayagiza kino gihugu cacu zisa nk’izibagiwe. Aho novuga nka « Ewe Burundi » ya Canco Amisi, « Gahugu kanje keza nakunze» ya Barakamfitiye, « il est beau mon pays » ya Steven Sogo, n’izindi… Naho biri uko, ndemeza ko burya umuziki ari kimwe mu biteza imbere ishusho nziza y’igihugu, mbere bikakimenyekanisha mu makungu. Kanatsinda, mu ruririmbo ruhayagiza igihugu ngo « shinga icumu mu mashinga », bisigura ngo « gira izina n’igihagararo mu yandi makungu », ari na yo ntumbero y’indirimbo zimwe zimwe zihayagiza Uburundi.

Ibibazo mfise rero : ni kuki hari indirimbo z’agaciro kanini zigenda zibagirwa ? Bene kuririmba izo ndirimbo bo boba bageze he ? Turakwiye kwisubirako !

Turakeneye cane igihugu c’iteka mu makungu

Kuva Uburundi bwikukira, igihugu cacu cagiye kiraca mu ntambara zitandukanye hagati y’abakivukamwo. Ivyo vyatumye ishusho y’igihugu itosekara, maze hanze ya co hakaba abibaza ko ari igihugu ata kindi kikiranga atari imigwano gusa. Ivyo rero bikwiye guhinduka.

Iyo wumvirije insamirizi canke ukaja mu bibanza vy’ukwinezereza, umuziki uri mu biza imbere. Mbere, hari naho usanga abantu bariko baririmba bongera batamba indirimbo zihayagiza ibindi bihugu, aho ngatanga akarorero k’indirimbo «  Kigoma » y’umugwi “All stars” w’aho hakurya mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya.

Izo ndirimbo rero, ziratuma abanyamahanga bataramenya ivy’igihugu kanaka bagira iciyumviro c’ukugene ico gihugu coba gisa, canke ku migenzo yoba ikiranga. Gutyo, ikaba intandaro yo gukwega ba mukerarugendo, benshi baba bazanywe n’ukwirabira ivyo vyiza babonye bivugwa mu ndirimbo kanaka.

Ku rundi ruhande, mwe n’izo ndirimbo zirafasha mu gukundisha igihugu abakivukamwo. Ni nazo zifasha abana bato bakimenya kuvuga canke abatarashika kure mu mashure, ndetse n’Abarundi bataratembere intara zose, kumenya ivyiza biratwa ku gihugu cabo, izo si za nyigisho zo gukundisha igihugu bene co none?

Tugarukire indirimbo zihayagiza igihugu cacu

Ni ko, biturutse ku mwuga wabo wo kuririmba, bene kuririmba izo ndirimbo urasanga baronka ubushimwe mu mahiganwa kanaka, canke mu makungu. Ariko, ntitumenyereye kwumva ngo “ubushikiranganji kanaka bwo mu gihugu cacu bwahaye agashimwe umuririmvyi naka kubw’igikorwa ciza yakoze”. Ko rero umukuru w’igihugu yaraye atweretse ko gushima igikorwa c’abo baririmvyi bishoboka, bihereye ku muririmvyi Natasha, ngira nti kumbure hari icizere ko ibintu bigiye guhinduka.

Ku bwanje, ubushikiranganji bukurikirana ivy’imico kama, canke wa mugambi w’inyigisho zo gukundisha igihugu bene co, vyari bikwiye kugira ico bikoze. Haba mu kumenyekanisha canke gushigikira abo baririmvyi bateza imbere ishusho nziza y’igihugu, canke mu kwegeranya izo ndirimbo zose, maze bakagerageza kuziha ikibanza gikomeye mu masamirizi n’imboneshakure, ivyo bikaba bisaba umugambi wagutse.

Indirimbo “ Sagamba Burundi ” ya Ngabo Léonce yaratewe iteka ry’uko isigaye iririmbwa no mu mashure. Ico nta wutogikenguruka. Ariko ntivyari bikwiye kugarukira kw’iyo gusa, kuko na kare “ubwiza bw’umunywamazi buhagaze ku mabara menshi awugize”.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. Sans oublier les chansons de NIKI DAVE (Nikiza David) dans:
    -UMUGABO SI AMANOTI,UMUGABO NI INTUNGANE
    -JE T’ATTENDRAI LA-BAS
    Et beaucoup d’autres chansons des années 80.
    N.B:j’ai oublié les vrais titres