article comment count is: 5

Uburundi bwoba bukwiye gusezerera umugenzo wo gutanga inkwano?

Umugenzo wo gukwa uzwi nk’ugutanga agashimwe ku bavyeyi b’umukobwa. Ariko uko imisi igenda, akamaro n’agaciro k’uwo mugenzo bigenda bigirwako impari na cane cane mu rwaruka.  Spageon Ngabo aratubwira uko bamwe bamwe babibona.

Hari inkuru iheruka gutangazwa n’ikinyamakuru c’Abongereza BBC, ivuga ku mushingwamanza w’umupfasoni mu gihugu ca Zimbabwe aheruka kwitwara imbere ya sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro muri ico gihugu, asaba ko umugenzo wo gukwa wokurwaho.

Abarundi barenga amaja ane bakaba baragize ico bavuga kuri ico ciyumviro babicishije ku rubuga Yaga. Bamwe bakaba bashigikiye uwo mushingwamanza, abandi bakavyamirira kure.

Yamara rero wihweje insiguro iyo mirwi yompi itanga, ikibazo kiguma kigaruka ni mbega none inkwano ikwiye gukurwaho canke ibintu vyoguma uko biri ?

Bati : « niveho kuko ni amananiza »

Wenceslas Gatogato ati « Iciyumviro c’uwo mushingwamanza ni co basi. Kuko uwakowe umengo aba agurishijwe».

Appolinaire Ntawumbabaye we asaba ko inkwano yokurwaho koko. Ati “erega twese ntitwikwije. Uzi ko hari nuwushaka kurushinga aho aba araho apanze, none nk’uwo yokwa ayo akuye he? Ahubwo iciza ni uko vyovaho”.

Donatien Sindayikengera we abona ko abakobwa nyene ari bo bari bakwiye gusaba ko inkwano zokurwaho, kuko ngo zivuna ababa babakunze. Ati “Ica mbere niveho. umuhungu ntiyokwivuna ngo aratanga menshi, kuko ni we azosigara arahangayika mu gutunga uwo mukobwa. Umukobwa rero ntakwiye gutangisha umukunzi wiwe inkwano, kuko niwe ahindukira akabaho nabi.”

Yamara hari abatatavyumva uko

Eliane Minaj asa n’uwishura abo avuga ati: “Ubwo ni ubukene bubatuma mutinya inkwano. Gukwa si ukugura kandi si ukugurisha. Ni agashimwe gahabwa umuvyeyi, kandi tubiravye neza na we nyene ntaco gaheza ngo kamumarire, kuko kagaruka kuri bene kurushinga.” Muti gute none kabagarukako? Jeanine Kaburente aramwitsa ati “barahindukira bakayatwikuruzamwo . Nayo ahandi nta woronka ikiguzi c’umwana watwaye mu nda amezi icenda”.

Ni kuki none habamwo uguciranira?

Amategeko n’amateka agenga igihugu c’Uburundi yo yemeza ko inkwano atari ngombwa ngo itangwe. Itegeko rigenga ingo n’imiryango rirabitomora neza, mu kuvuga mu ngingo yaryo ya mirongo icenda na gatatu ko “atari ngombwa ngo habe hatanzwe inkwano kugira ubugeni bwemerwe”.

None abo basaba ko inkwano yokurwaho n’amategeko babikura kuki? Ubwo ntikwoba ari ukutamenya ico amategeko avuga ? Canke ni kwa kundi hari abantu bakora ibintu ngo ni uko babonye no kwa naka vyagenze kuriya? Uko biri kwose, mu gihe ca none, simbona ko inkwano yari ikwiye kuba icobuza abashimanye kurushinga, na cane cane ko ubuzima bw’inyuma y’ibirori vy’ubukwe ari bwo buhambaye gusumba imanza nyezina.  

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (5)

  1. Murahumba! Nta mukobwa wanje nzotanga ku buntu, umusore yamushimye azokora mu mufuko ashikaneyo kugira ngo amuronke. Ivya gusa bitera ubwengw buke!

  2. Nukuri nanje ndabishigikiye kuko inkwano niveho kuko ugiye kuraba imisore yubu isigaye ikwiza imyaka 45 kubandanya itararongora bivuye kunkwano urashobora kuba wifuza kubaka umukobwa wamubwira kukenye utazomukwa agaca akubwira ku atakundi vyogenda ngo mumiryango iwabo ntibovyera aho bika biphuye kubwanje rero yovaha kuko umara kumukwa mugasigara murasonza munyuma abantu bagatangura kubatwenge ayo woriye akagenda murivyo jewe rore ndavyita gusesagura kuko buca kabira urogo rukabananira bivanye nuko mwakoresheje amahera nabi ugasanga umwe ngo naragukoye none raba ingne inzara itwishe nibindi vyishi nyene mbôna vyiza yovaho hama umuntu akubakana nuwo ashaka kuko wiyumviriye kurongora ugeze kunkwano yemwe vyose bica vyanka umva niveho burundu!!!!!!!!

  3. INKWANO MBEGA AHO YOVAHO NIYO IZIMVYE KURUSHA EQUIPEMENT YO MUNZU??KURUSHA CEREMONIES ZURUBANZA???BURETSE SHA INKWANO NIGUMEHO KUKO NIKO GACIRO KUMUKOBWA MURUGO.KD NICUBAHIRO CUMUKWE IWABO WUMUKOBWA.UKABA UZI NEZA KUVA KERA UMUHUNGU ATAKOYE KO ATAGIRA IJAMBO AVUGA IWABO WUMUGORE

  4. URAVYE UKUNTU ABAHUNGU BATAGWIRA NIMBA ARI AGASHIMWE BAHA ABAVYEYI KARI GAKWIYE GUHABWA ABAVYEYI BUMUHUNGU KUKO ABAKOBWA BARIKO BARASAZIRA IWABO NIBESHI