article comment count is: 0

Twotera imbere gute bamwe bubaka abandi bagasambura ?

Hirya no hino mu gihugu, hari inyubakwa rusangi nk’amabarabara usanga ziriko zirubakwa, muga ntiziheze ngo zirame. Nijimbere Thierry akidogera ingendo y’abanyagihugu bamwe bamwe bisamburirako nk’intungwa.

Ni ryari Abarundi tuzogendera umuco wo gukingira amatungo rusangi ? Ico ni ikibazo maze imisi nibaza, mu gihe hirya no hino mu gihugu hari inyubakwa rusangi ziriko zirubakwa. Ikibabaje, usanga hari abanyagihugu umengo ntibazi ko bafise uruhara mu gukingira izo nyubakwa za twese, eka noneho ukanasanga ari bo bene kugira ingendo zisambura.

Nk’akarorero, nta gihe kirekire kirahaca, mu gisagara ca Bujumbura hubatswe amatara yo kubonesha ku mabarabara, ku mfashanyo y’igihugu c’Ubushinwa. Ayo matara yamaze umwanya urume rumara, kuko ivyuma bimwe bimwe vyagiye biribwa, none ubu bikaba ari ngombwa ko hagurwa ibindi ibikoresho bishasha kugira ayo matara asubire kubonesha.

Si ivyo gusa, muri kahise k’igisagara ca Bujumbura, harigeze kuba hariho ya matara afasha mu gutunganya ivy’uruja n’uruza, ubu tukabimenyeshwa n’uko hari ibibanza usanga vyahavuye vyitirirwa ayo matara yahahoze. Uyu musi rero, leta iriko irashiraho ayandi matara mashasha. Ugerageje kubaza iyo ayambere yaroye, ababizi bakubwira ko yagonzwe n’imiduga y’abanyagihugu, mbere ko ata n’akanya kanini yamaze.

Ku rundi ruhande, mu makaratiye amwe amwe mu bisagara vyose vy’igihugu, ahamaze gushika amabarabara yubatse ku buryo bwa kijambere, usanga ababa ku nkengera z’ayo mabarabara bisukira iyarara ryo mu mazu mu miserege ikingira inkombe z’ayo mabarabara.

Ivyo vyose bikerekana ko muri kamere y’Abarundi batari bake, icitwa gukingira inyubakwa rusangi ata kiriyo. Maze rero, nkaheza nkibaza ingene tuzoshika kw’iterambere rirama, mu gihe bamwe bubaka abandi bakisamburirako.

Hakwiye ingingo n’inyigisho

Mu gihe Leta ibandanya gushiraho inyubakwa rusangi, ntikwiye kwibagira ko hari abanyagihugu bataratahura ko uruhara rwo gukingira izo nyubakwa ari urwa twese.

Noneho, ikwiye gushiraho n’uburyo bwo kwigisha abanyagihugu ku bijanye n’ingendo nziza yofasha gukingira izo nyubakwa kugira zishobore kuramba.

Iruhande y’izo nyigisho, harakenewe n’ingingo. Niko mu mategeko mpanavyaha, hari ibihano bitegekanijwe ku muntu wese afashwe ariko yonona inyubakwa rusangi, ariko none ayo mategeko arashirwa mu ngiro? Harakenewe ko rero amategeko ahari yokora, mbere ayatahari agashirwaho, ku neza ya bose.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion