article comment count is: 0

Ndashigikiye inganishwa ry’ibitsina, ariko nta mugore wo kuvuza ingoma !

Itegeko ry’umukuru w’igihugu rigenga ikoreshwa ry’ingoma ryarateye impari. Kubw’ukubuza abakenyezi kuvuza ingoma hamwe n’uburemere bw’ihadabu ricibwa aborenga iyo ngingo, Abarundi ntibavyakiriye kumwe. Naomi Irakoze we ati « sinkavugire muvumbi kumuvumba !».

Birakwiye kandi biratunganye, ko rirya tegeko ritera impari mu bantu. Ariko ku bwanje, nogira nti ryaje hageze. Ni ko, ihadabu ry’amafaranga y’amarundi ibihumbi amajana atanu (FBU 500 000) hamwe n’ukurinda gusaba uruhusha rwo kuzivuza, nta nkeka ko narwo nyene ruzoba rurihishwa, bije gusonga abatimbo. Ariko, hihwejwe ukuntu ingoma yari isigaye ifatwa minenerwe, hari hakwiye itegeko koko. E mama ! Akantu kose kabaye, waza ubona ngo ingoma. Uri abubaka izabo, abashikiriza inkwano,… vyari bikwiye kugira bazihe imirisho.

Ikindi cababaje abatari bake ni ukubuza abakenyezi kuvuza ingoma. Bene wacu bigeme, nimba mudahava muvyita kubahemukira, iyo ngingo ndayishigikiye. Ahubwo novuga ko akaranga ari ko kabigize gutyo. Mbona ko kaduha ikibanza kitubereye, biciye mu ndirimbo n’imvyino. Nibaza ko dufise ikibanza gikwiye co kugaragarizamwo uburanga n’ubutore bwacu. Kubera iki none twokwifuza ngo vyanka bikunda dutegerezwa kuvuza ingoma ? Noneho ivyo vyonatosekaza ubupfasoni bwacu.

Ingoma ifise insiguro iremereye cane

Haraciye imyaka mikeya, nari nagendeye iratiro ndangakaranga rikuru ryo mu ntara ya Gitega. Ni ho naronkeye umuco ku co ingoma isigura vy’ukuri. Ubwa mbere, naratahuye ko ihagarariye ubwami n’Uburundi. Kandi ni icitiranwa c’umunezero, ukwigina, ikaba yavuzwa ku musi mukuru w’umuganuro. Muri zirya ntambo z’abatimbo, habonekamwo ubushizi bw’amanga, ubukerebutsi n’ubutore vy’Abarundi. Kuvuza ingoma rero ni nk’ukugaragaza inguvu n’ubukerebutsi vyaranga umugwanyi yarahiriye ubwizigirwa imbere y’umwami.

Ariko hejuru y’ivyo vyose, ingoma irasigura kandi umubiri w’umukenyezi. Ndetse n’amazina y’ibihimba vyayo ashimikira ku ndemanwa z’umugore : amabere, inda, mu kibenga, n’ibindi. Ukuvuza ingoma rero bifatwa nk’ugukuyakuya, ibinezaneza vy’urukundo.

Uguhonyanga ivyo bimenyetso vyose rero ni kwo kwakora ku muhisi yitaho cane ingoma, Hantimu Baranshakaje, nk’uko akiriho yavuga adaca hirya no hino ati : « vyoshoboka gute ko umugore yikubita we nyene ? Uko ni ukwikinisha ! » Kuri mwese rero mwiyumvira ko uko kutubuza kuvuza ingoma ari nk’uguhohotera ubwigenge bw’umurundikazi, nobabwira ko ukunganisha ibitsina kudasigura ukugira impigi n’abagabo, kandi si no guca kubiri ibigize akaranga kacu.  

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion