Mu mico n’imigenzo y’Abarundi, ijambo rishikirijwe abantu bakoranye rivugwa n’umuntu w’umugabo. N’iyo hatabaye umugabo mu muryango, bararondera incuti canke umugenzi w’umugabo ashikiriza ijambo iyo umuryango uramukanye urubanza. Ari rero naho ibintu vyamye biri uko kuva kera, hariho abatanguye kubona ko n’abakenyezi boshobora kuvuga ijambo ry’urubanza nk’uko Elodie Muco abituyagira.
Kuva kera na rindi, mu mico y’Abarundi, ijambo ry’urubanza ryamye rivugwa n’abagabo. Haba mu manza z’umunezero canke z’umubabaro, eka imanza izo ari zo zose z’ubuzima bwa minsi yose, abagabo ni bo bamye bavuga ijambo. Ni bo bamye baserukira umuryango. Nta na rimwe umukunyezi yigeze afata ijambo ubwa mbere, iyo arifashe naho, arifata iminsi yose inyuma y’abagabo.
Ikumirwa ry’abakenyezi b’abapfakazi
Muri kino gihe, abakenyezi baharanira cane ukungana kw’ibitsina, biracibonekeza ko hariho ibice bimwe bimwe vy’ubuzima bwa minsi yose bakiri inyuma. Atari uko batabishoboye ariko bitewe n’uko imico n’akaranga bitabibemerera. Aho tukavuga cane cane ku bakenyezi b’abapfakazi aho nko k’umugirwa wo kuvuga ijambo ry’urubanza abo bakenyezi bashirwa inyuma. N’iyo bafashe ijambo ukamenga n’iteka babateye ryo kubacishirizamwo.
Tuvyihweje neza, ivyo vyibonekeza nk’ibihushane kuko rimwe na rimwe usanga abo bakenyezi bashingwa amabanga akomakomeye mu gihugu aruta ndetse nay’abagabo. Dufatiye akarorero nko mu manza z’ugukwa canke z’ubugeni, kuva kera se w’umukobwa niwe avuga ijambo ryo gusohora umukobwa wiwe. Iyo bishitse naho umukenyezi akaba ari umupfakazi, ijambo ryo gusohora umukobwa rivugwa n’umuntu w’umugabo womu muryango, ari sewabo canke iyindi ncuti ishika, ariko y’igitsina gabo. Hari naho bishika ugasanga uwo nyene kuvuga ijambo nta n’imigenderanire ikomeye asanzwe afitaniye n’uyo muryango, ariko akaba yatowe kuko ari umugabo gusa.
Vyari bikwiye kugenda gute ?
Abakenyezi, na cane cane abapfakazi, bari bakwiye kurandura inzitizi zimwe zimwe ziterwa n’imico canke n’akaranga zituma badatera imbere. Ko dusanzwe tuzi ko amategeko avuga ko umukenyezi asubirira umunega wiwe mu mabanga yose yo mu rugo mu gihe atagihari, ni kuki abakenyezi b’abapfakazi batoza barivugira amajambo y’imanza zibaraba, na cane cane imanza zo mu nzu nk’izo gusohora umwigeme, iz’ubugeni, eka ndetse n’izindi? Ni kuki tubona umukenyezi ashobora kugira amabanga ajejwe akomeye mu gihugu ahagarara imbere y’ishengero ry’abantu agafata ijambo ndetse akanagirisha amanama abagabo, ariko iyo hageze bene izo manza zo mu nzu iwe ugasanga ategerezwa guserukirwa n’umuntu w’umugabo? Abo bakenyezi rero ni bo bari bakwiye guserukira umuryango mu kuvuga amajambo, gurtyo bagasubirira koko abanega babo mu gihe batagihari, nk’uko amategeko asanzwe abitomora neza.
Hahahaha!Muraraba Ntimuzohav Mushigikira Ibisutamy.Ikigoramy Ngo Muvuge Ko Cogororoka.Novuganti<>basokuru Babikoz Uko Simbona Kobihenze Kuko Namategeko Meshi Agenga Igihugu Yakomotse Kuri Basogokuru.Mushaka Kunganisha Ibidashoboka Murakora Ariko Ibikwirikira Ntimuzovyitura.Cffr Bible.
@jovis none ubwo nta bintu ba sokuru bacu bahora bakora kandi ari bibi ubu bitagikorwa?
Elodie serieusement moi j s8 contre ni kenshi vyanshikiy nkabwira aba dame banduta kure niyo ngo bavuge ijambo ariko bonyene bakikumira, bakambwira ngo » Genda urivuge si we mugabo muri twebwe!!!! »
Rero icambere nobabwira ba mubanza mureke kwikumira mwebw nyene!!!!!
Hama ikibazo gihari n’iki…. « Ko rimwe na rimwe tuvuga ngo tubungabunge imico n’akaranga….ubwo ntituzoba turiko turayititura????
Mbe hoho ba sokuru boba babishiriyeho iki????
@Aimable, ivyo uvuze nivyo. Twari dukwiye natwe kueka kwikumira ubwa mbere. ariko none ba sokuru nta bintu kera bashiraho ubu bitagikorwa? Ibintu vyose vyari bihari kera ubwo ubu biracakorwa?
Umugeni si propriété privée ya famille restreinte. Ava mu muryango aja mu wundi muryango. Kandi n’izindi manza z’ineza cnk z’ingorane zikoranya imiryango havuga le chef du clan nkuko kuva kera habaho le doyen d’âge wa famille élargie. Umupfakazi arashobora guhagararira les biens privés umugabo amasigiye mugabo hapana un événement social kuko n’umugabo iyo afise abamukurira nka ba se wabo arashobora gukosha bakamwitsa cnk ariko nko gutanga amata baganduka bikorwa n’inararibonye. Imigenzo n’akaranga nivyo bitugira abarundi. Umusi twobititira kugira tunganishe ibitsina gusa kandi n’abasangiye igitsina ubwabo badategerezwa kungana twoba dutakaye
jew mbona ko igitsina gabo ni gi tsina gore nti tungana kand nti tuzopha tungany guk na bible ira bivga guko bavuy mura bavu rwacu
Je penses qu il ne faut pas vouloir changer nos coutumes ou notre culture pour un féminisme mal placé. Le fait de ne pas prendre la parole ne dévalue en rien la femme. La preuve qu elle n est pas devaluee dans les dites fêtes( gukwa..), on donne les cadeaux aux mères seulement si je ne me trompe pas.
muco wewe iyinyigisho yawe ntikwiriye ntanabukebuke, kuko nimwe mubituma abagore mwibagirwa abomuri. ninayompamvu igitsinakobwa umenga ntimunyurwa n’ivyo mwahawe. hafi y’ibintu nkavyos igitsinakobwa mwana inyota yo kwinganisha canke yo kwishushanya ku bagabo. vyarivyiza mumenyeko ivyo ari Imana yabiteguye uko, kuva kukuremwa kw’isi. vyizarero mwokwiyakira mukareka kugumana inyota yivyo mutagerewe. ushaka kuronka umucomwiza wavyo urasoma muri bible muri génèse…………, novugavyinshi ariko rekangezaho kuko ntawusigurira uwiteka
Ntakungan ibitsin sha
Ko Bose arabantu égalité des sexes itabayeho comment le pays pourrait progressé nabo barafise des compétences zotuma igihugu kigera kure mw’iterambere.Iyumvire namwe hoguma hakora gusa abagabo,ntitwoba tugeze aha turi uyu musi