article comment count is: 1

Mu ntara ya Gitega, inzara irabica bigacika mu mashure y’uburaro

Ivy’uko ubuzima buzimvye mu Burundi ntibikiri agaseseshwarumuri. Twari tumenyereye kwumva aho bishika imiryango igafungura rimwe ku musi, ubu iyo nzara y’inzaragiza yatandukiriye no mu mashure y’uburaro. Divin Dushime aratwiganira amayobera yasanze mu mashure yo mu ntara ya Gitega. 

Nari ngize imisi numva imyidogo y’abanyeshure biga mu mashure afise uburaro mu ntara ya Gitega, niho nafashe ingingo yo kuhishikira kugira ndabe nimba ivyo bavuga ar’ukuri.

Umwe mu banyiganiye ibijanye n’iyo ngorane yagize ati : « Dufungura isaha imwe y’umugoroba, tugasubira gufungura isaha indwi z’umurango. Ngiheza gufungura ivyo ku mugoroba, numva umenga ni nkuko ataco noba mfunguye kuko biba ari bike cane. Isaha zitatu zo mu gitondo mba ntanguye kwumva itiro kubera inzara ».

Icibagiwe co, ni bimwe vy’uko abavyeyi batekerera udufaranga abana babo ngo bikunde baze bikenure hamwe hogira ibigorana bari ku mashure. Navyo ubu si ikirenga kubera ubukene bwimonogoje. « Iyo ata mahera ufise, usonza kabiri. Mu myaka iheze, twarabura tukagura igitumbura canke ivoka, gutyo umuntu akaba arafatisha ico mu nda mu kurindira kw’amasaha yo gufungura agera. Ubu umuntu atungwa n’ukunywa amazi masa. » Ivyo bikaba vyashikirijwe n’umwe muri abo banyeshure.

Ingene ivy’ugufungura bisanzwe bitunganijwe

Umwe mu baserukira abandi ati : « N’agahomera bunwa ! Uburongozi bw’ishure bwatubwiye k’ubu Leta ata buryo iriko iratanga, kandi n’imyenda ku bazana ibifungurwa yabaye umurengera ». Bisigura ko mu misi iza, ibintu bishobora kugenda vyunyuka.

Bamwe mu bajejwe ivy’ubutunzi bw’ishure mu kubisigura agira bati: «  Ku bisanzwe, Leta itanga amafaranga amajana umunani (Fbu 800) gusa yo gufungurira umunyeshure, ku musi.   Gutyo rero, dukoresha ibiro mirongo icenda vy’umuceri, mirongo itanu vy’ifu n’ijana vy’ibiharage kugira dufungurire abanyeshure hafi amaja atanu na mirongo itandatu ». Bimwe vyo gufungurira abanyeshure mu gatondo vyo, ubu ngo n’umugani.

Ingaruka mbi zo ntizibuze

Bikunze kuvugwa ngo « hakora mu nda ». Ubu biragoye kumenya nimba umunyeshure ayobegwa kubera ubwenge buke, ugusamara canke inzara yiga afise. Kanatsinda, umufaransa niwe yayamaze ngo « uwushonje ntagira amatwi ». Abo baregwa bobo bavuga k’ubu ngo n’ibihano vyariyongereye, kuko ngo umwigisha agira atya akabona abanyeshure barasinziriye. 

Nk’uko navyiboneye kandi nkanabiyagirwa n’ababibayemwo, biribonekeza ko hamwe ata gikozwe mu maguru masha, ikigoyi kigiye kubica bicike mu mashure y’uburaro. Ugiye kubiraba, abenshi mu barongoye kino gihugu baciye muri mwen’ayo mashure. Ivyo bikagaragaza uruhara afise mu getegura kazoza k’igihugu.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. Reta Nigire Ico Ikoze Itabard Urworwaruka Rwishwe Ninzara!Kuko Ntamwana Azokwiga Ngwamenyd Atafunguye!Reta Nitabaze Amakungu Amashirahamw Arwanya Inzara Nkaza PAM Zitange Imfashanyo !Murakoz Ark Ivyobintu Birateye Agahinda