article comment count is: 0

Kuva ryari imbonerakure zifatwa nk’ urwego rw’igihugu ?

Turakunze kwumva aho urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi, imbonerakure, rwagirizwa ibikorwa vyo gukizura mw’ijoro. Aho bigeze ubu, ngo « zisigaye zica n’urubanza rwo ku mugina », nk’uko Bizoza Eric avyemeza hano. Akagira ati : « urwo rwaruka ruhabwa ubushobozi bururengeye ».

Ejo bundi mu ntara ya Bururi, komine ya Songa, umunyagihugu yaratase n’umwe mu baryango biwe. Agize atya, abona « umugwi w’imbonerakure zikikuje urugo rwiwe, maze bamwereka umutahe umuhagarika », nk’uko ubwiwe abishingira intahe. Zaciye zimujana, zimushikiriza inyamiramabi, mbere arapfungwa imisi ibiri, abona gusubira kurekurwa.

Aha rero nkaba nibaza ibibazo vyinshi : ni kubera iki uwo munyagihugu atahagaritswe n’inyamiramabi ubwa zo ? uwasohoye umutahe, hama akawurungikana imbonerakure, we yishimikije iki ? Kuva ryari imbonerakure zifatwa nk’urwego rw’igihugu ?

Uwushigikiwe n’ingwe aravoma

Mu misi iheze, umunyamabanga mukuru  w’umugambwe Cndd-Fdd yaragendeye intara ya Bururi. Mw’ijambo ryiwe ku banywanyi b’uwo mugambwe, Evaritse Ndayishimiye yavuze ati : « turamaze kwumva abajejwe umutekano bahohotera imbonerakure ziriko zikora akazi zijejwe. Ntibize bisubire. Mwa mbonerakure namwe ! Nimukore akazi kanyu mudatinya kuko murashigikiwe ».

Ivyo rero bigaragaza ko hari abategetsi bashigikira ibikorwa vy’urwo rwaruka, kandi noneho bitanahuye n’amategeko. Aho hakaba ari mu gihe tudasiba kwumva ku maradiyo n’ibindi bimenyeshamakuru, abidoga ko urwo rwaruka ruhohotera abandi banyagihugu, maze narwo rukisigura ko ruba ruteramiye amahoro n’umutekano.

Naho biri uko rero, yaba abo bavuga ko bazishigikiye canke abazituma, nta n’umwe ayobewe ko mwe n’iyo mirimo ziheza zigakora, isaba ubuhinga n’ubumenyi. Kanatsinda hari n’inzego ata kindi zijejwe atari ico, kandi zirimwo abahawe ubumenyi bujanye n’ivyo bikorwa.

Umwe wese akore ico ajejwe

Umukuru w’igihugu ni we yakunda kuvuga ati : « uwuvuza ikembe avuze ikimbe, uwuvuza inanga avuze iyo nyene », bisigura ko umwe wese mu gihugu yokora ico ajejwe, ata kwivanga mu mirimo yagenewe abandi bantu.

Ku mitumba tubayeko, tuza tumaze kumenyera ko urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi, imbonerakure, zikora ibikorwa vyo gukizura mu gicugu. Maze zikagiri ngo zicungereye umutekano. Ahandi naho, ba kanaka bagize amatati, ukabona imbonerakure ni zo zije kubuzuriza.

Iyo ngeso yo kwivanga mu mirimo yagenewe inzego zumutekano n’ubutungane, hamwe itohagarara buno, tuzosanga mu gihugu ata wucubaha uwundi. Eka noneho, ntihazobura abikika inyuma y’iyo mirwi y’urwaruka rwahawe ububasha bururengeye, maze bakore amabi atandukanye. Canke nyene urwo rwaruka nyene rukore inabi, kuko na none iyo mirimo ata bumenyi n’ubuhinga buzwi rwabiherewe.

Wa wundi ati « akataretse kaba gasema ».

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion