Turamaze kwumva ngo “Rumuri rumurikira igihugu mw’iterambere”, aho bakaba bashaka kuvuga kaminuza y’Uburundi. Afatiye kw’itituka ry’uburanga bumwe bumwe bw’ico kigo, Korineza Eddy arerekana ingene iyo kaminuza itera itakaza izina ryayo rya Rumuri.
Aho hari kera, aho kaminuza y’Uburundi yafatwa nk’ijisho ry’umuhinga, igahabwa ikibanza c’itara rimurikira igihugu mw’iterambere. Ico gihe wasanga n’inzego z’igihugu zigera aho zitumako abigisha mw’iyo kaminuza, ariko kandi n’umunyeshure asohotse iyo rumuri mwumva, vyari bizwi ko ari imboneza koko mw’iterambere ry’igihugu.
Uyu musi aho bigeze, ivyo vyose twogira duti harabaye! Ng’ibi rero ibintu bitatu twoshingirako mu kwibaza nimba koko yoba ikibereye kwitwa “Rumuri rumurikira igihugu”?
Inyubakwa zisaza ntizisubirwemwo
Ni ko hari inyubakwa nshasha zigenda ziduzwa mu bigo bitandukanye vya kaminuza, aho tukavuga nk’amashure mashasha. Ariko, hari n’izari zihasanzwe usanga zibereye gusubirwamwo, ariko ukamengo nta n’umwe biraba. Hari amashure usanga yarabomaguritse ibiyo, utuzu twa surwumwe usanga duteye isoni kubw’ukuba twarabomotse canke isuku rike, canke na vya bibanza abanyeshure bafunguriramwo, aho usanga imeza ata wukimenya ko zigeze gusigwa akarangi, canke mbere imisengesenge n’ibitangurigwa akaba ari vyo biboneka mw’ivyo bibanza.
Naho biri uko, iyo kaminuza isanzwe yifitiye igisata camaho kijejwe gutunganya ivy’inyubakwa, isuku n’ibindi. Aha rero umuntu yoca yibaza ikibura kugira inyubakwa za “Rumuri” zigere kuri urwo rugero.
Abahinga baracafise ijambo?
Kera waza wumva ngo “ku kibazo kanaka gihanze igihugu, umwigisha kanaka wo muri kaminuza amenyesha ibi na biriya”; maze ugasanga ico ni iciyumviro gifasha cane mu gutanga intumbero, kuko na none caba cashikirijwe n’umuhinga. Aho hari kera nyene!
Ubu aho bigeze, hagize uwugira ngo aravuze, bamwe n’abandi bihutira kubazanya umugambwe arimwo, ubwoko bwiwe n’ibindi vya ndagutakiye. Ku rundi ruhande, na bamwe bamwe muri nya bigisha nyene baramaze kwandukirwa n’umugera mubi wo gushira imbere ibiharuro nyepolitike, womengo ubuhinga bafise nta kamaro bugifise kugira bubahe ijambo.
Ubumwe mu banyeshure bwari kera
Uza kumenya ko ata kikigenda, ba bacu womengo nta n’ico bagisangiye. Aho hambere wasanga abanyeshure bashobora kuja hamwe bagafata mu mugongo abatishoboye bari muri bo, bagasabira hamwe ivyo bafitiye uburenganzira, n’ibindi.
Ubu aho bigeze, hari abatari bake batakimenya n’inzego zibarongoye iyo zatorewe. Ni agaterantimba rero, kwumva ko umunyeshure yiga muri kaminuza atazi ingene abitwa ko bamuhagarariye bashizweho.
Ba sokuru bati “ifi mu kubora ihera mu mutwe”, nimba koko abitwa incabwenge bishoboka ko boba bibereye mu gahwekere, mbega wa munyagihugu muto azokwerekwa inzira na nde?
Ukwitwa Rumuri ni kimwe rero, ariko kubigendera ni ikindi; harakenewe ukwikubita agashi.
Mbega Yemwe Mu burundi Tuzohavuza Umuti Muki?Jewe Nama Nibaza Mfatiye Kuvyiyumviro Vyiza N’inkebuzo Nyinshi Bishikirizwa N’abarundi Nyene Ubwabo Ikibura Kugira Ibitagenda Neza Bikosorwe! Ariko Nkaca Niha Inyishu Mpereye Muguca Hirya No Hino Ivyo Vyiyumviro N’ukuntu Biba Vyashikirijwe Nkasanga Gukosora Canke Gushira Mungiro Ivyiyumviro Babigira Ibizokorwa N’abandi Bobo Batarimwo.Kubw’iyo Nkuru,harakwiy Ihinduka,ariko Kandi Tubigire Ivyacu Kuko Uwutabonye Izo Ngorane Ntaco Yohindura.Imvugo Zacu Zizoze Zirajana N’ingiro.
nivyo vyose bigirwa n’iyi politike ya diviser pour régner!n’ubwo biri uko kaminuza y’uburundi iguma ari rumuri rumurikira igihugu!kko ntawoyigereranya na za Lumiere,…..