“Ishure ry’akarorero” rigiye kumara umwaka waryo wa mbere ritangujwe mu Burundi. Intara abaryigamwo bakomokamwo, amanota baronse mu kibazo gitanga uburenganzira bwo kuryinjiramwo, ni bimwe mu vyafatiweko mu gucagura abaryigamwo. Ndereyimana Félix akaba anegura ukuba intara zashizwe imbere y’amanota ya bene guhiganwa.
Ncumva ngo “ishure ry’akarorero”, nagize nti: bimwe vyo kurungika incabwenge z’igihugu mu makungu ngo bagiye kwiga, maze baheza bagaca bigumirayo, bigiye kurangira. Izo ncabwenge rero, dusanzwe tuzi ko mu kuzicagura bafatira na ntaryo ku manota ziba zaronse mu kibazo ca leta. Ariko, mu gucagura izigiye kwiga mw’ishure ry’akarorero, ntihisunzwe amanota bene guhiganwa baronse imbere ya vyose, ariko habanje gushirwa imbere intara bakomokamwo. Nkaheza nkibaza nimba koko icitwa akarorero tucumva kumwe na bene gutororokanya abagenewe kwiga mw’iryo shure ry’ “akatari bwaboneke”.
Intara canke amanota vy’umunyeshure, twocagura iki?
Ca gisokozo ngo “zogarika amahembe womenya izakoye nyoko?”, bene gucagura incabwenge zorungikwa mw’ishure ry’akarorero bo bahisemwo gushira imbere intara abahiganwe bakomokamwo, imbere y’amanota baronse mu kibazo ca leta. Gutyo, ugasanga hari umunyeshure wo mu ntara kanaka yahawe amahirwe yo kwinjira mw’ishure ry’akarorero, mugenzi we akayabura, kandi uno yari imbere mu manota.
Akarorero: Manirakiza Dieudonné wo mu ntara ya Gitega yidoga agira ati: “naronse amanota arenga mirongo itandatu, gutyo nari mu bambere ku rwego rw’igihugu, bategerezwa kuja kwiga mw’iryo shure. Ariko, icagiye kuntangaza, nasanze ata kibanza mfise mw’iryo shure, mugabo nkabona hari abari inyuma yanje mu manota bagiye kwigayo. Ntohoje, nasanze hisunzwe intara abanyeshure bakomokamwo mu gutanga ibibanza.”
Ibibazo umuntu yoca yibaza ni injojo: izo ncabwenge ziriko zirigishwa, zizogira akamaro mu ntara zikomokamwo gusa canke ku gihugu cose? Nimba bashatse ukunganisha amahigwe bafatiye ku butandukane bw’iterambere hagati y’intara, boba bararavye no kugeza ku nzego zindi zo hasi ? Mbe hoho boba bisunze ingingo nyabaki mu guha ikibanza amamuko mu kibazo gikeneye ba “rurangiza”?
Uko ni ko tuzokwama inyuma mw’iterambere
Ntibisabwa ko umuntu aba yarize ibiharuro vyinshi kugira ngo atahure ko iyo wigishirije hamwe umunyeshure afise amanota menshi cane n’uwufise make cane, ivyo bisubiza inyuma umwe afise menshi, maze umwimbu w’iryo shure ukagabanuka. Mbere ni naco kibazo nkoramutima ishure ry’akarorero ryoba rije gutangira inyishu, ni kugira turonke incabwenge rurangiza.
Nimba koko igihugu carabonye ko ari ngombwa gushiraho umugambi witwa “ishure ry’akarorero”, bene gutunganya ivy’iryo shure boreka rikigamwo abaza imbere mu manota y’ikibazo ca leta, ivyo bindi vyisungwa bakabireka. Kanatsinda, izo ncabwenge ziba zikenewe ku rwego rw’igihugu. Kira noneho, no mu gukoresha ubwo bumenyi zahawe ntihazokwisungwa ngo kanaka ariko akorera mu ntara yavutsemwo, ariko bazogerageza gukamisha umwimbu w’igihugu ku bumenyi n’ubwenge kanaka afise.
Ku rundi ruhande, ni ko muri kahise hari intara, amoko n’iyindi migwi vyashizwe inyuma mu guhabwa amahigwe, ariko muri kino gihe abanyagihugu bahiganwa mu gihugu iwabo, hama igihugu kigahiganwa n’ibindi kw’isi mu vy’iterambere, hari ibisata bimwebimwe twari dukwiye kurengera ibidutandukanya, ku neza y’igihugu cose. Atari uko, turacagendeye inyuma y’amakungu yose mw’iterambere.