Amashengero, mu Burundi, ni kimwe mu bintu bikora ku buzima bw’abantu mu buryo bwinshi. Hari abayajamwo kugira biyegereze Imana, n’abandi bayajanwamwo n’inyungu zitandukanye. Ni naho abantu benshi bahera bakibaza niba irwirirana ry’amadini ryoba vy’ukuri rishingiye ku kwemera. Ariko Thaddée Niyirora araduha umwihwezo udushikana ku bitandukanye n’ivyo benshi bari basanzwe biyumvira.
Kuva kera na rindi, Abarundi bamye bemera kandi basenga Imana. Nta madini yari ahari ariko bose bari bazi ko Imana ibaho kandi barayemera. Abazungu bamaze kuza, baduhebesheje imigenzo n’imigirwa yo gusenga, gurtyo batwigisha imigirwa mishasha. Bukebuke, amadini yagiye yiyongera. Muri kino gihe, dusanga mu Burundi hari amadini arenga 200. Mbega ivyo bisigura ko ari ukwemera kwiyongereye mu Barundi ?
Imbere y’umuzo w’abazungu, Abarundi bari bunze ubumwe haba mu migirwa yo gusenga canke mu buzima bwa minsi yose. Bahurira gusenga Imana imwe baciye kuri Kiranga. Hanyuma y’ivyo, Abarundi barateshejwe akaranga, bigishwa uburyo bushasha bwo gusenga gushika n’aho bicamwo imirwi myinshi bivanye n’imyemerere itandukanye bigisshijwe ; gurtyo batangura gukebana. Muri ino minsi hoho hasigaye hari n’amadini yicamwo kubiri agahakwa mbere no kugwanira izina « Nyakuri ». Naho biri uko, ngo hari n’ayandi madini avuka mu ntumbero yo guhindura ingendo itabereye yibonekeza aho bahora.
Igwirirana ry’amadini mu Burundi ntibisigura ukwemera gushitse
Minani (izina ryahinduwe), umunyeshure ahejeje amashure yisumbuye, avuga ati : « Igwirirana ry’amadini riterwa n’ukutumvikana kw’abakuru b’amadini amwe amwe biturutse ku gushaka kwigungirako. Niho rero usanga baca bicamwo kubiri ukumva ngo twebwe idini ryacu ni nyakuri ». Minani ashishikara avuga ko hari n’abagenda mu madinini bemerewe ko bazohita baba indongozi n’abavugabutumwa bakomeye ariko bamaze gushika bakarindira mpera umbone! Ngo abo rero baguma barondera ukuntu bokwishingira idini ryabo narirya baba baramaze kumeyekana cane mw’idini canke bakaja no mu yandi. Arangiza yemeza ko ivyo ari vyo azi, atari inkuru mbarirano. Agira ati : « Jewe ndangije umwaka wa cumi na kabiri, nahuye n’umupasitori anyemerera ko umunsi nagiye kuza ndasengera mw’idini iwabo azondihira kaminuza hama andihire na vya vyigwa ndoramana hama nce nza dufasha igikorwa c’Imana. Maze gushikayo, haheze imyaka itatu atanongeye no gucisha mu kanwa rya jambo. Nandurutse nanje nivirayo ubu nibereye mu yindi !»
None nyene twese twobaho muri ubwo buzima?
Ndiko ndabiraba, nsanga ubwo buzima butubaka ahubwo busambura. Ababayeho muri ubwo buryo bakwiye nyabuna kugira inguvu mu kwikorera utwabo. Gurtyo bakareka gutungishwa n’akuya k’abandi, ariko nyabuna bakarya ivyo babiriye akuya hako binyegeza inyuma y’amadini mu kwiteza imbere.
Gusengera mu madini menshi biva canecane kukutameny umugambi Imana ifititiye abantu biciye muri Kristo. Si ikibazo abazungu bazanye ariko abazungu bakoresheje ubujuju n’ukutamenya kugira babigishe ibitagira ikimazi…
Ijambo ry’Imana rivuga ngo: » Abantu banje baranduwe no kutagira ubwenge… »(Hoseya4:6). Nkako burya Ubwenge ijambo ry ‘Imana rivuga si ubwo abantu biga mw’ishure ahubwo ubwo bwenge ni Kristo yatanzwe: »ariko ku bahamagarwa, b’abayuda canke abagiriki(Abarundi), ni Kristo ubushobozi bw’Imana, kandi n’ubwenge bw’Imana. »(1 corinthiens 1:24)
Abantu benshi mw’isi ushizemwo n’Abarundi bari mu kutamenya kandi ni co kibishe. Mu Burundi, kuko Kristo(umuherezi canke umusaseredoti mukuru) atari bwahishurwe abantu babaza Kiranga(umusaseredoti w’ico gihe) kuko ni we yari ahari. Ariko ntibisigura ko ivyo Kiranga yababwira kuko yabatangisha ibimazi vyinshi kugira bashobore kuronka ivyo bifuza: abana, itunga, kumererwa neza mu vyabo…Umuntu yarashobora kwica uwiwe ngo » Imana yavuze KO ishaka kumpezagira… » n’ubwo bwari ubujuju.
Ntihagire uwubabesha nta Katolika, nt’Abaporoti, cnk’ Abislamu canke Kiranha bigisha ijambo ry’ukuri…Ni Kristo ashoboye kwihishurira umuntu biciye mw’ijambo ry’ukuri kandi ryuzuye ubushobozi mu bikorwa birimwo ubutungane…Kuko abo nadondaguye Bose bashobora kuvuga Kristo ariko kubw’Ubugunge bwabo bakabuza benshi kumwizera kubw’imigenzo yabo mibi.
J’épouse l’analyse de Arthur .l’important n’est pas d’être catho,protestant de telle ou telle autre secte…ou musulman.plutôt c’est d’être transforme par le Christ et de mener une vie conforme a son enseignement …..sinon les 200 sectes ne sont pas venues pour accroitre la chrétienté …plutôt la division,la confusion, la haine, l’hypocrisie,et tant d’autres maux que soufre notre societe